IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imana yakinze isoko ya Kinindo ntiyahiye yose

Imana yakinze isoko ya Kinindo ntiyahiye yose

lundi 8 Ruheshi 2015

Igice kimwe nico cahiye mw’isoko yo muri komine ya Kinindo, igiporisi kizimya kikaba caciye kihashika inyuma y’iminota 30 itanguye gusha.

Uyo muriro ukaba wadutse mu masaha y’ijoro, ariko Imana yarakinze, iyo soko ntiyahiye yose. Bamwe baremeza ko iyo soko yo muri komine ya Kinindo yahiye, inyuma y’amasasu yari ahejeje kuvuga. Abazimya bakaba bashoboye kuzimya bagishika.

Iyo soko ikaba yagira ishe, inyuma y’aho amasoko atari make yo mu Burundi yamye asha, aha tukibutsa nk’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye igatokombera, abantu isinzi bakaba barahahombeye, mu gihe iyo soko ariyo yari itunze imiryango itari mike.


IGIHE

Messages

  • IMANA ishimwe yoyo yashoboje aboba police gushika kare kuzimya.amarira yabahombeye muri Ville ntarahera none bagire basubire abo mukinindo?MANA tabara uburundi.ibi biterwa numuntu umwe!ariko IMANA izomwikoreza amarira yabo yagiriye nabi bose!

  • ISOKO ZAMA ZISHA KUWAMUNGU? ABARUNDI TURAKENEYE AMATOHOZA KUGITURIRA AMASOKO KUWAMUNGU UWO MUNTU NYAMBA ARI IKIMAZI ATANGA KUMASOKO ARIKO IMANA IZOMUDUKIZA.

  • mbega petero ntiwogenda ukiri,mwiza kera umwami abonye bimeze uko yaca yiha ubuki.Abarundi bagona bari maso

  • imana yakoze nohanyuma igiporisi kizobanguke gutabara

  • umuntu yama aturira ayo masoko arimwo dayimoni nini cane, ntivyumvikana ko yokwama asha ku munsi w’Imana; hari igituma abigira kitaramenyekana. Imana imuharire.

  • Ako Nikakagwi Ka Nkurunziza Niko Kiyemeje Gukora Ibikorwa Benivyo Bigayitse Ubu Bagira Basubire Bakore Mujisho Ababuriye Utwabo Mwisoko Nkuru Ya Bujumbura Reta Ya Dd Izobazwa Vyinsh Kumusi Wurubanza

  • venant wewe harigihe nibaza kusara! ahubwo uworaba neza ntiwosanga arimwe mudashigikiye ubutegetsi mubigira kugira mucafuze ubutegetsi? twarabahinyuye sha! ariko nkumuntu ahamagarira abantu mumigumuko, baturire abantu nibintu bonanigwa nugupanga abaturira amasoko? ni pacifique yazituriye!

  • Mana Raba Wibuke U Burundi Bugeze Ahatemba,barasubije Guturira Isoko? Niyo Baturiye Yabananiye Kubaka,bagenzi Mwacururiza Muri Soko Mwihangane Vyama Vyashitse Kandi Barayamaze Yuko Atagapfuye Atagakira!

  • Isoko ryatwitswe n’inkozi zikibi ziri mwibarabara. None ejo nibabura icyo kurya ntibazarwara Bwaki?

  • Renovat.isoko ya vill koyahiye yaturiw nabari mwibarabara?nakubwiye buvuga ivyubaka igihugu.canke ushaka intambara?ahubwo musenge uburundi bube mumahro.jewe birambabaza kubona wandika ibintu nkibi biteye isoni!ntitugihendwa.amasoko yose yama asha dimache.nikuk?canke aryayose yaturiwe naba bari mwibarabara?wewe tuzoguma tuganira gushika bihindike.Mutabazi nawe uraduhenda.ntasoni?mwikika mukiza mukayaturira ngonaba bari mwibarabara?

  • Umukuruwigihugunavekotulonkeamahoro niyoyobaalimivumoyimananavekontakundiniyihanganeivyoyariyesibike

  • MWIHANGANE NTAMVURA IDAHITA

  • nkwavu hinduka sha aho woba umugumyabanga wobubayiki? canke uracari imbonerakure. ingo sha dukomeze twubake igihugu. ukinda ugaramye ugarama wubama wicara amatora azoba meza cane!.

  • @sikobizama mukagwi ka nkurunziza nawe urimwo. kuko urimugihugu ciwe! uwuri muburundi wese numu dd kuko arimunsi yamategeko ya peter

  • Nibitarivyo tuzobibona.Amaraso yirirwa araseseka,guca izangondagonde,amarementanya,kamwana wamama......mwibaza ko Imana itabibona?Soma Ez14:14.

  • Bitegwa Niki Nabaziturira?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.