Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbabura nshasha ziziganya amakara zabonetse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Imbabura nshasha ziziganya amakara zabonetse

Imbabura nshasha ziziganya amakara zabonetse

lundi 10 Ruheshi 2013

Mu gihe ikibazo c’amakara mu Burundi gisigaye kigoye aho usanga imiryango ikoresha amafranga y’amakara menshi narirya n’ubuzima busigaye buzimvye, ishirahamwe rikora Imbabura ikoreshwa n’imishwarara y’izuba.

RPPC ryatunganije uruganda kuri uno musi wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi 2013 mu nyubakwa za ENA.

Urwo ruganda rukaba rwari rufise intumbero yo gufasha mu guteza imbere ubutunzi bw’imiryango, gukingira ibidukikije hamwe n’ikoreshwa ry’amakara make cane mu gihe umuntu ariko arakinjika.

Muri urwo ruganda bakaba berekanye ubwoko bw’imbabura bukoreshwa n’imishwarara y’izuba hamwe n’ubundi bwoko bushobora gukoresha amakara make cane.
Izo mbabura zikaba zakozwe n’iryo shirahamwe RPPC rirongowe na Balthazar Maniratunga. Izo mbabura rero imfungurwa zitetsweko ziba zifise akanovera, zikoresha amakara make cane nk’ay’igiciro c’amafranga 150 y’amarundi gusa ku musi wose.

Izo mbabura zikoreshwa n’imishwarara y’izuba nta mazi urinda gushiramwo uriko urategura imfungurwa, izo mbabura kandi ushobora kuzitekako akanya gato cane.
Uwurongoye iryo shirahamwe Balthazar avuga ko izo mbabura zifise akamaro kenshi kurusha zimwe tumenyereye z’ikizungu ndetse n’amashiga.

Ica mbere, akamaro ko gukoresha izo mbabura n ‘uko umuntu aba akingiye ibidukikije no kurwanya guca ibiti. Ica kabiri ni uko imiryango ica ikoresha amafranga make. Ica gatatu usanga uguze imbabura gake cane. Abakenyezi ntibaguma baraririye iziko kuko naho umuntu agenda ntasanga vyazigiye. Balthazar Maniratunga akaba yarangije amenyesha ko bagiye kubandanya barondera ku vyerekeye gukora izo mbabura kandi bagomba gukuraho utunenge twose twoboneka kuri izo mbabura bakaba basaba ko bofatwa mu mugongo kugira bashireho uruganda rujejwe gukora gusa izo mbabura.

Ku kibazo c’uko izo mbabura zoba ziri ku giciro kinini kuko imbabura izimbutse igurwa amafranga 60 000 mu mafaranga y’amarundi, Balthazar yishura ko bagiye guhimiriza abanyagihugu cane ku kamaro kizo mbabura n’abafasha kugira babafate mu mugongo.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.