Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbonerakure za CNDD FDD zagirijwe gufata ku nguvu abagore - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imbonerakure za CNDD FDD zagirijwe gufata ku nguvu abagore

Imbonerakure za CNDD FDD zagirijwe gufata ku nguvu abagore

jeudi 28 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ryagiriza urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi (Imbonerakure) ugusambanya no gufata abagore ku nguvu.

Icegeranyo gishasha casohowe n’iryo shirahamwe kivuga ko Imbonerakure zabandanije ugufata abagore ku nguvu, kuva aho ibibazo vya poritike bitanguriye mu Burundi, mu kwezi kwa Ndamukiza, umwaka w’2015.

Iyo cegeranyo kivuga ko ahanini ababangamiwe n’ukwo gufatwa ku nguvu ari abagore bo mu miryango y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abakorewe ukwo gufatwa ku nguvu babwiye Human Rights Watch ko inyuma y’aho bahuye n’ingaruka mbi zituruka ku bikorwa bibi bakorewe. Izo ngaruka zirimwo ibikomere, indwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina, gusama inda batari bashaka, n’ibindi.

Abashakashatsi ba Human Right Watch bakoze ayo matohoza bavuga ko bamwe mu bagore bafashwe ku nguvu bavuganye nabo bemeza ko imbere y’ugufatwa ku nguvu, imisore y’imbonerakure za CNDD FDD yabanza kubaboha, mu nyuma bagasambanywa n’abagabo barenze umwe, imbere y’abana babo.

Human Rights Watch ivuga ko yavuganye n’abagore 70 mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka w’2016, mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta iri muri Tanzaniya. Iyo kambi y’i Nduta ni imwe mu makambi atatu y’impunzi arimwo Abarundi barenga 140.000

Abo bagore babwiye Human Right Watch ko bafatiwe ku nguvu hafi y’ingo zabo bakiri mu Burundi. Muri abo babafata ku nguvu, abo bagore bavuga ko haba harimwo n’abambaye impuzu z’igiporisi c’Uburundi.

Itangazo umugambwe CNDD FDD wasohoye kuri uwu wa kabiri, imbere y’umunsi umwe gusa kugira ico cegeranyo gisohoke, ryagiriza amashirahamwe nka Human Rights Watch, FIDH (Federation Internationale des Droits de l’Homme), League Iteka, Amnesty International, ko afise intumbero yo kwifatanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi.

Umugambwe CNDD-FDD usanzwe ariwo izo Mbonerakure zikomokako usaba ko Reta y’Uburundi yofatira ibihano ayo mashirahamwe yose yagirizwa ko ata kindi akora atari kwambika ibara umugambwe CNDD FDD na Reta yawo.


IGIHE

Messages

  • ayo mashirahamwe nayo icajejwe nikwizina gusa nayibindi nuguhangana na zareta badashaka

  • Mbere yo kuzana interahamwe iyo mubaza abana babakobwa na ba mama wabo ivyo zibakorera muri Congo. Amasomo bariguha imbonerakure ariko arafata, bababwira ko kurongora umugenda kandi kungufu ari byiza. Hari igihe nabagore nabana babategetsi bazoshikirwa. Interahamwe mwarazihaye karibu rindira murabe

  • Ntibazi ivyo bakora ko ejo bizobakorako!

  • Nibarindire Nzabashahura Iyomihimbiri Bamereye Imirizo Ahatarihe

  • ayo mashirahamwe nayogufutwa ko bataja kubaza hagatimugihugu nabacangero babanyeporitike kandi nibo bafukamye munda igihugu bavuga ko baharanira agateka kamuntu kandi aribobajejwe kugahungabanya twarabahinyuye.

  • Emw Jew Ndamugambw Numw Mpurikiyemwo Ariko Ndagwanij Icokintu Bavuzeko Imbonerakur Zifata Abagor Kunguvu Vyukuri Nikinyoma! Barundi Mube Maso Ayomashirahamw Icagamij Kiriho

  • kuko bavuze ivyo mudashaka bamwe bamwe baca basara, none hari uwutabizi ko imbonerakure zikora ivyo zishaka, mugabo ntaco ico nzico nuko abo bazihemba nibayabura bazoja mu bagore n’abana babo muzoba mubibona, mbega igihugu cuzuye imyuka mibi.

  • None komwiyita abaharanira agateka kazinamuntu muri abangushi abahumvyi ababeshi ngomba ndababaze aho murajwe lshinga no kwambika ibara imbonerakure gusa turi kukivi co kwubaka igihugu cacu muzovuga nimwaruha muzohora mudahoze naho Imana irababona muzokogwa nisoni ubundi ndabatwenze gosi komuvuga kobatewe inda batipfuza boba babarangiye abana bangahe?kwambika ibara com.

  • None komwiyita abaharanira agateka kazinamuntu muri abangushi abahumvyi ababeshi ngomba ndababaze aho murajwe lshinga no kwambika ibara imbonerakure gusa turi kukivi co kwubaka igihugu cacu muzovuga nimwaruha muzohora mudahoze naho Imana irababona muzokogwa nisoni ubundi ndabatwenze gosi komuvuga kobatewe inda batipfuza boba babarangiye abana bangahe?kwambika ibara com.

  • I am not in Burundi but what HRW said is not true.it is another kind of tarnishing the gouvernemment of Burundi.

  • Sindavyemeje canke ngo ndabihakane,ariko harimw’imvugo ndenzarugero.none abakora ibibi bose mu burundi nimbonerakure?abazungu nimwe muteranya ntarukundo mudufise ko murondera inyungu zanyu.kuki muvangura ntagateka ka zinamuntu muharanira.

  • Abafise ububasha kwirishirahamwe HRW ndabasavye muryicarire murikosore canke muhagarike abayikoreramwo vyabananiye bimwe birenze kwemera.
    Umva ndababwire ntakuntu ikicegeranyo cotangura kivuga izo Mbonerakure kikarindagihera kitavuzemwo bariyabasore baribariyekarungu bakabatakintunakimwe baribacubaha mwibukeko baribageze naho batangura guturira ababtu.
    Nukuri birababaje jewe nahoranumva abantu bisoneye bamaramara ababobo mutabarevyeneza bamwe mubakoze icicegeranyo mutabarevyeneza ntibaza kuburamwo abiyahura kubera kumaramara canke guseba wamugani nabanyarwanda!
    Kuvuga ngobabibwiwe nabantu runaka nkabantu muzi gukora ubushakashatsi hariho ibindivyirwa mwarigukora mbere yokurekura ibivyegeranyo.
    Umva: muribibintu vyabaye Burundi umuntu wese yashakako abonywa neza nayamashirahamwe mpuzamakungu vyamusaba kuyabwira ko reta yuburundi arimbi, imbonerakure ziramaze abantu, muburundi harikoharategurwa jonucide,etc ahorero carazira kuvugako abarimubigumuko hagize ikibi bakora vyasabako namabi yakozwe nabarimumigumuko upfuma ucuyashira kumbonerakure canke kuba polisi.
    Nunomusi ahumurundi arihose ushaka ko murabana ryiza namwe mwayomashirahamwe mpuzamakungu shira ibibivyose kuri reta yuburundi ariko wihenze ukavuga nabi bariya bagize imigumuko camakudeta namba wariko urasaba ubuhungiro ntabwoboba bakiguhaye.
    Abarundi rero kobamenye ibinezereza ayomashirahamwe basha bazovuga ibinyoma bimwe bitaribwigere bibaho kw’Isi nzima.
    Ivyobinyomarero bizovurwa muntumbero zibiri:
    Mugihe babona babivuze bashobora kuhabwa ibinturunaka nkuwishakira ubuhungiro bwokuja mugihugu kanaka, nkuwishakirako bangereza impungurure basanzwe babaha iyobari mumajambo.
    Ikindi bazovuga ibinyoma muntumbero ya politique ngobarebe kovyofasha kudugirwako kugira vyabihugu bishobore kudugira kwivyobinyoma bibashikane kwayantebe bashaka kubashirako kunguvu muri ya kudeta yabapfanye.

  • UWUGUTUKA NTAGUTORERA HAMWE VYOBA ARIVYO RYOBA ARIBARA RYAMBAY’UBUSA AHUBWO ABAZIRONGOYE NIBATOHOZE AHO AHO VYABEREYE ARIKO IZIRAHO MPEREREYE SIKOZIKORA ZIRAGENDERA AKARANGA KUMUGAMBWE ZIKOMOKAKO ZIKORERA ABENEGIHUGU NEZA NTAWIDOGA.

  • UWUGUTUKA NTAGUTORERA HAMWE VYOBA ARIVYO RYOBA ARIBARA RYAMBAY’UBUSA AHUBWO ABAZIRONGOYE NIBATOHOZE AHO AHO VYABEREYE ARIKO IZIRAHO MPEREREYE SIKOZIKORA ZIRAGENDERA AKARANGA KUMUGAMBWE ZIKOMOKAKO ZIKORERA ABENEGIHUGU NEZA NTAWIDOGA.

  • Kuva kera imbonerakure zamyeho nubu zizokwamaho niko ijambo ryumugambwe cndd fdd rivuga rero ayomashirahamwe atatabaye ndadaye,ntaryamira.....turayazi kadi turayamenyereye nayo ntayandi nayo kwa bwimujeri ariko naho bumoka ndazi buri kuminyururu tous.

  • Mbe Nikuki Ayo Mashirahamwe Mpuzamakungu Ivyegeranyo Vyayo Usanga Kenshi Ari Ububeshi?Naze Yishikira Kuri Terrain Yirabire Areke Gutangaza Ibinyoma.

  • NUKO BITANGURA MUZOBA MUBIBONA INYUMA

  • Ivyuburundi Vyo Baravyitaho Amabi Aberi Wabo Ateyishishi Ayo Mashirahamwe Niyikubite Agashi Akorane Na Reta Mukugiricashikirije

  • Bababazwa Niterambere Uburundi Bugezemwo

  • ahubwo ayo mashirahamwa nafutwe yoye kuguma yambika ibara umugambw wacu.

  • Ay Mashirahamw Nashir Ivy Vyegerany Ahabona Areke Kubikorer Mumpulo Gus No Kubivug Kumunw Gusa Kuk Kubivug Hoh Biroroh,mbe Ay Mashirahmw Nyen Ah Yakagiriy Amatohoz Yoy Bigezeh?Numurek Uburundi Bub Ubwimana!

  • Nukurindasavye Izombonerakure Nizireke Gufata Kunguvu Abobagore

  • boreka gufata abagor ba bandi

  • Umuntu akwiye kuzahora atwara Uburundi yari akwiye kuba abifitiye impamyabushobozi yaravyigiye ahandi ho mu myaka irimbere ibihugu bizagorwa vy,isi yose. Bagiye baraha gutwara ibihugu inyeshamba buri munsi.

  • Mbega arivyomubazungu Kobarenzakomaso Rero nibobere hubwo? Mbega Imbone Kumengobarashakako Zirengana Burya Abokora amarentanya Nkayo Leta yarikwiyekubafatira Yisunze amategeko Kugirantigire Nuwuzosubirakuvuga amateshwankayo Cane Cane Bagateranyanabobazungu Mbegabarazi Aho Imbonerakure Zankuye ? Iryonibara Mwobahanye Kugirabagire Icobatinya Murakoze

  • yemwe nibatuze tuzobatwara ariko bareke irementanya,kuko imana iratubona.

  • ahubwo ayomashihamwe atanga ibinyoma nateshwe ate kuko twarabahinyuye mbega ibibera mu rwanda kobitavurw mwe ntimusambure ivyomutubatse kuko iman yobibishuz mwogira ingorane nimugebe inabi?

  • IVYO.NIVYUVIKANA.KUKO.NUSHOBORA.KUVUGA.IVYO.NUGUSEVYA.UMUGAMBWE.CND FDD.AHUMBWO.NIBEMERE.BATWAGWE.NUWO.MUGAMBWE.BAREKE.KUWUSEVYA.

  • IVYO.NIVYUVIKANA.KUKO.NUSHOBORA.KUVUGA.IVYO.NUGUSEVYA.UMUGAMBWE.CNDD FDD.AHUMBWO.NIBEMERE.BATWAGWE.NUWO.MUGAMBWE.BAREKE.KUWUSEVYA.

  • ivyobakora bibaz kobitazomenyekan umugambw urikubutegets wama unigira mumesh

  • Abobantu Nibagwareneza Nimba Bashonje Nibabahibigori Barye Ibisigaye Nibatahe Bubakuburundi Bumezeneza

  • mbegabobazungubazabaratang ivyovyegeranyovy amanyanga badushakir iki? kobazabarartyoz igihugucacu kandataribobaburemye bipfuzi?mbegako imbonerakurezibaraj ishinga muzironderakw iki?mbeg ivyakozwenabaryabagumutsi bomuraryama quartie yabereyemw imigumuko vyakozwen imbonerakure? cankemwababajwenukomwabasomborokejebakinumira? mbegakobaturiwe bakinumira bagatotezwabakinumira?mwaciyemubonako ar ubujujubafise? kiranoneho imbonerakurezararezwe kandizigender akarangamutimakumuhariwabo. kandirero nimwihanganekuk imbonerakureniz umugambwe kand umugambwenawo nuw abagumyabanga abagumyabanganabo nab imana imananayo ihagazekugihugucacu. nukorero abadashak imbonerakure nibishoremuritanganyikabose baherereyo.cankebafat imigozibimanike.kuk imbonerakure ziriho zizokwamaho kandizitegerezwakubaho. haduga hamanuka hanyerera zizobasongako abobanyabaribose. imbonerakure nimwirambire.

  • Barabuz Ivyo Bagiriza Imbonerakure Kuk Atanakimw Kigaragara (exemple Concrêt) Bokwerekana. Ivyo Bavyita #Gukinda.Com

  • bakora ivyo bigishijwe ninyeshamba ntibazi ko bari mu bacivile mugabo barahumba gatevy kazoza .

  • IMBONERAKURE za CNDD.FDD ntitugisamazwa ninsaku zivurwa kumuhari wacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.