Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbonerakure za CNDD-FDD zari zikwiye gukura icigwa muri kahise (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imbonerakure za CNDD-FDD zari zikwiye gukura icigwa muri kahise (...)

Imbonerakure za CNDD-FDD zari zikwiye gukura icigwa muri kahise k’igihugu

jeudi 9 Rusama 2013

Abanyagihugu bo muri komine Kabezi, intara ya Bujumbura baranegura inyifato y’urwaruka rw’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Abo banyagihugu bamenyesha ko urwo rwaruka ruhurikiye mu mbonerakure rukizura mw’ijoro kuva isaha cumin na zibiri z’umugoroba. Ico gikorwa co gukizura cari gisanzwe cagenewe abajejwe umutekano kikaba gikunda kuboneka ku misozi ya Mubone, Gakungwe, Ramba , Mena , Migera, Cumu hamwe na Mipanga ziri muri komine Kabezi intara ya Bujumbura.

Nk’uko amakuru ava muri iyo komine abandanya abimenyesha, urwo rwaruka rwitwaza imipanga n’amahiri, aho mbere bivugwa ko boba bikika mu kiza bagatera ubwoba abo badasangiye imigambwe.

Ayo makuru akaba kandi yemezwa y’abajejwe intwaro bo hasi.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko badashimishwa n’iyo nyifato, bagasaba ababijejwe, cane cane indongozi zo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kwerekana aho bahagaze mu guhagarika iyo ngendo, no mukwigisha urwo rwaruka kwihanganira abo badasangiye ivyiyumviro vya politike.

Kubwa Petero Karaveri Mbonimpa umukuru w’ishirahamwe rirwanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfungwa, APRODH, urwaruka rw’imbonerakure rukora ibikorwa nk’ivyo rwari rukwiye kusubira inyuma rukaraba kahise k’igihugu hama rugatahura ko inzira y’indyane ata nyungu yigeze izanira igihugu n’abanyagihugu.

JPEG - 6.9 ko

Yibukije ko urwaruka rwahitiye mu bikorwa bigayitse nk’ivyo mu gisagara ca Bujumbura mu ntambara igihugu cahoramwo ataco rwungutse ubu uretse ko rwiziziwe n’inzoga, urumogi n’ibindi biyayura umutwe. Ubu abanyepolitike barukoresheje nta kintu na kimwe bariko bararufasha aho ruri mu kangaratete.

Chauvineau Mugwengezo wo mu mugambwe UPD Zigamibanga atanga insiguro ko ibikorwa vy’imbonerakure bigamije gutera ubwoba abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta, kugira ntibazoshobore kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015 mu mutekano n’ubwigenge.

JPEG - 8.9 ko

Chauvineau Mugwengezo amenyesha ko ivyo bikorwa vy’imbonerakure biboneka mu ntara za Kirundo , Cibitoke n’ahandi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.