Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo y’amafaranga imiriyoni zirenga 400 y’amanyaburaya yemewe gutangwa (...)
Imfashanyo y’amafaranga imiriyoni zirenga 400 y’amanyaburaya yemewe gutangwa ku Burundi
lundi 23 Kigarama 2013
Ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya, UE (Union Européenne) ryemeye kuduza imfashanyo ryahora ritanga ku Burundi kugeza ku ncuro zibiri. Amafaranga y’amanyaburaya arenga imiriyoni amajana ane akaba ariyo yemewe kuzotangwa.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yakiriye kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 23 Kigarama 2013, uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya mushasha, Patrick SPIRLET yasubiriye uwahahora Stephan De Loecker.
Patrick SPIRLET yamenyesheje ko ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya rishimishwa n’ivyapfunditswe mu nama yabereye i Genève, aho mbere ibitari bike biriko biraja mu ngiro. Ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya rikaba ryemeye ko rigiye kuduza imfashanyo yaryo ryahora ritanga ku gihugu c’Uburundi.
- Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ari Patrick SPIRLET arongowe ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya
Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko iyo mfashanyo y’amafaranga imiriyoni 400 izotangwa mu ntumbero yo gufasha gushira mu ngiro umugambi wa kabiri w’igihugu wishinze kurwanya ubukene, CSLP2 (Cadre Stratégique de Lutte contre la Pauvreté, deuxième génération).
Iyo mfashayo igiye kuzofasha guteza imbere cane cane igisata c’amagara y’abantu, igisata c’amasoko ntanganguvu, igisata c’intwaro ibereye hamwe n’igisata cishinze kurwanya inzara n’ubukene.
Mwomenya ko ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya ryemeye kuduza kuva mu mwaka uza w’2014 imfashanyo ryahora ritanga ku Burundi ku ncuro zibiri bagereranije nayo ryahora ritanga. Umwaka w’2014 uhuriranye n’iyinjira mu kigabane ca 11 c’imfashanyo y’amafaranga y’amanyaburaya yahora atangwa mu gisata c’iterambere, FED (Fond Européen de Développement).
Mariella Bukuru