Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo y’ibikoresho vyo kw’ishure yatanzwe na Rotary Club ku bana (...)
Imfashanyo y’ibikoresho vyo kw’ishure yatanzwe na Rotary Club ku bana bantahonikora
jeudi 28 Myandagaro 2014
Ishirahamwe Rotary Club "Kigobe 2011", kuri uwu wa gatatu, ryarahaye imfashanyo y’ibikoresho vyo kw’ishure abana batishoboye basanzwe bafashwa na Kristine Ntahe, ariwe abo bana bita "Maman dimanche".
Mw’ijambo ryashikirijwe n’uwaserukiye Rotary Club Kigobe 2011, yamenyesheje ko babazaniye ibikoresho vy’ishure bigizwe n’amakaye, boîtes mathématicales, n’amakaramu (stylos) bizofasha abana bashika kuri 35. Akaba yavuze ko atarivyo gusa, kuko bagiye gutororokanya ubundi buryo bazofashisha abo bana mu bijanye n’amashuri, kuko abo bana ari benshi bogufashwa. Yongeye avuga ko muri iryo shirahamwe bafise imigambi ku gihe kirekire yo gufasha abo bana ba ntahonikora kwimara ubukene.
Christine Ntahe, asanzwe ariwe yahora afasha abo bana, yarashimye iyo mfashanyo, ashimira n’abo bagira neza baje gushigikira abo bana, kuko kanatsinda atari n’ubwa mbere baza. Akaba yatumenyesheje ko ico gikorwa co gufasha abana bimpfuvyi na bantahonikora yagitanguye mu gihe c’intambara mu mwaka w’1995, ubu akaba afise abana afasha bagera ku 150 bava mu Kinama, Kamenge na Buterere ya mbere n’iya kabiri, bakaba biga hagati y’umwaka wa kabiri w’intango gushika mu mashuri yisumbuye. Akavuga ko imisi yose y’Imana abana 65 baza gufungura muhira iwe, arico gituma bamutaziriye "Maman dimanche".
Christine Ntahe yasavye Reta y’Uburundi kumufata mu mugongo, hamwe n’abarundi bose bafise umutima wo gufasha ko bokwibuka abo bana, kuko ari benshi atobashobora wenyene, mu gihe abo bana aribo "kazoza k’ejo" k’igihugu.
Umwe muri abo bana yafashe ijambo aserukira abandi, mu gushimira abo bagiraneza babiyumviriye bakabafashisha ivyo bikoresho kugira bige nk’abandi bana bose, akaba yashimiye kandi uwo bita "Maman dimanche", ariwe Christine Ntahe, ku mutima w’urukundo yamye abereka igihe cose, akababera umuvyeyi mu bukene barimwo. Uwo mwana nawe nyene yasavye abo bagiraneza ko bobandanya kuba hafi uwo muvyeyi Christine Ntahe, mu kumufasha kwitaho ba ntahonikora.
Nadège Irakoze