Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfungurwa zirazimvye agashahara ka benshi ari intica ntikize
Imfungurwa zirazimvye agashahara ka benshi ari intica ntikize
mercredi 13 Munyonyo 2013
Ibiciro vy’imfungurwa zimwe zimwe zisa n’izitahindutse naho hari ibiguma biduga kandi agashahara ka benshi ari intica ntikize, katanashikana impera z’ukwezi.
Kw’isoko yo mu Kinindo iri mu gisagara ca Bujumbura, ibiciro vyagiye birahindagurika uko imisi yagiye iragenda nk’akarorero ifi, ibiharage, umuceri hamwe n’ifu y’imyumbati. Ariko hari n’ibindi vyagumye kuri ca giciro nyene. Kuri iyo soko, ifi zasubiye kuboneka muri kino gihe n’aho hari haheze indwi zitatu zisa nizitaboneka ku mvo y’uko abarovyi bari babujijwe kuroba mu kiyaga Tanganyika kugira babanze bareke udufi turiyo tubanze dukure.
Igiciro c’ifi rero muri iyo soko kikaba kija hagati y’amafranga 10000 n’amafranga 40000 bivanye n’ingene zisumbasumbana (Imfungo ya 4 gushika ku 7, udufi dutoduto natwo tukaba turi ku mafranga 1000 hamwe n’2000) Ifi zumye nazo zigurwa hagati y’amafaranga 5000 na 15000 imfungo , udufi dutoduto natwo twumye tugurwa amafaranga ari hagati ya 14000 na 15000 ikiro. Iyo ifi zabuze, zica zizimba cane.
Imfungurwa zaduze agiciro twovuga umuceri ugurwa amafaranga ari hagati y’1300 n’2000 ku kiro ufatiye ku bwiza bwawo. Mu misi iheze wasanga ugurwa hagati y’amafaranga 1200 n’1800.
Ibiharage vy’umuhondo bimwe benshi bita "Jaune" ikiro kigurwa amafaranga 1500 kandi mu misi yahera vyagurwa amafranga 1400. Ibiharage bita "kirundo" bigurwa 1200 ku kiro vyahora bigurwa 1100 ikiro. Ifu y’imyumbati ariyo bita ikivunde igurwa amafaranga 1000 ikiro kandi mu misi yahera yagurwa 900. Ifu imwe bita "inyange" ikaba igurwa ku mafaranga 800 ubwa mbere ikaba yagurwa 700. Ifu y’ibigori nayo ikaba iva muri zambiya canke igihugu ca Uganda igurwa amafaranga 1000. Izindi mfungurwa ibiciro vyazo vyagumye uko vyari ni ibiraya bigurwa hagati y’amafaranga 800 n’700 y’amarundi. Ibitoke ikiro kigurwa amafaranga 1000, ibitunguru bitukura ikiro ni amafaranga 1400 , ibitunguru vyera bigurwa ikiro amafaranga 1500.
Abaguzi bo kuri iyo soko yo mu Kinindo bakamenyesha ko ibiciro vy’imfungurwa bizimvye kandi abarundi ahanini bahembwa agashahara k’intica ntikize. Bamenyesha ko mu gihe Reta itoraba ico ikora kugira ibiciro bigabanuke, umunyagihugu muto muto azohabonera amahano.
Floxella Karire
Messages
14 Munyonyo 2013, 17:51, par NTIRAMPEBA FANUEL
Ahubwo ntibirazimba!Witegereje abakora bakaronka nako gashahara bagaya,ni bake kubandi benshi batagir’ico bakora!
14 Munyonyo 2013, 17:58, par FANUEL NTIRAMPEBA
Ahubwo ntibirazimba!Witegereje abakora bakaronka nako gashahara bagaya,ni bake kubandi benshi batagir’ico bakora!