IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfura y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yakoze ikibazo c’ukwinjira muri (...)

Imfura y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yakoze ikibazo c’ukwinjira muri ISCAM

mardi 27 Nzero 2015

Abanyeshure basavye kwinjira muri kaminuza ya gisirikare ISCAM bakoze ikibazo ca mbere kuri uwu wa mbere mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi. Kelly RUREMESHA, imfura y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari mu bakoze ico kibazo ca mbere.

PNG - 1.1 Mo
Kelly RUREMESHA, imfura y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari mu bakoze ico kibazo ca mbere

Kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika (Lycée du Lac Tanganyika), mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abanyeshure bo mu moko yose baheruka kwiyandikisha kugira bakore ikibazo ca mbere gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri Kaminuza ya gisirikare ISCAM (Institut Supérieur des Cadres Militaires). Colonel Aloys Bizindavyi, umuyobozi wa Kaminuza ya gisirikare ISCAM, amenyesha ko bashize imbere ukwubahiriza amoko yose n’ibitsina, nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Muri abo basavye kwinjira muri Kaminuza ya gisirikare, bakaba bakoze ikibazo kuri uwu wa mbere, harimwo Kelly RUREMESHA, umuhungu w’imfura w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Ku kibazo c’ukumenya namba hatazobamwo nkunzi mu gukosora inyishu z’umwana w’umukuru w’igihugu, Colonel Aloys BIZINDAVYI, umuyobozi wa ISCAM yamenyesheje ko mugukosora bahisha ibiranga abanyeshure, kuko uwuriko arakosora ataba azi izina ry’uwo munyeshure.

PNG - 533.7 ko
Colonel Aloys Bizindavyi, umuyobozi wa Kaminuza ya gisirikare ISCAM

Colonel Aloys BIZINDAVYI asigura ko bitegekanijwe ko kuva kuri uwu wa kabiri batangura gukosora, kuwa mbere igenekerezo rya 2 Ruhuhuma akaba ariho impapuro ziri kumwe n’inyishu z’ibibazo (grilles de corrections) zizorungikwa mu ntara zose, kugira abakoze ibibazo barabe ko hari aho abakosora bazoba bihenze. Kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma naho, hazoca hasohoka intonde z’abazokora ibibazo vya nyuma, ivyo navyo bikaba bizoca bikorwa ku genekerezo rya 9 Ruhuhuma 2015.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.