IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiduga y’amashirahamwe yunguruza abantu yankiwe kujabuka urubibe (...)

Imiduga y’amashirahamwe yunguruza abantu yankiwe kujabuka urubibe rw’Uburundi n’Urwanda

vendredi 5 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Imiduga y’amashirahamwe yunguruza abantu abakuye mu Burundi baja mu Rwanda yankiwe kujabuka urubibe Uburundi buhana n’Urwanda kuva kuri uwu wa kane. Igiporisi c’Uburundi kijejwe uruja n’uruza ku rubibe (PAFE : Police de l’Air des Frontières et des Etrangers) cabujije kwinjira mu Burundi n’imiduga ivuye i Kigali.

Iyo ngingo yatanguye gushirwa mu ngiro ku rubibe rwo ku Kanyaru, hakaba hari nk’igihe c’isaha zitanu z’agatondo ko kuri uwu wa kane, aho abariko bariyunguruza bururukira ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, bakajabuka n’amaguru baja kurondera izindi modoka zobinjiza mu Rwanda. Amashirahamwe yunguruza abantu yafashwe n’iyo ngingo ni Volcano hamwe na Yahoo.

Mu giporisi basigura ko iyo ngingo yafashwe kugira bashire mu ngiro ivyasabwe na Reta y’Uburundi ko ata vyimburwa mbumbarugo vy’Uburundi vyosubira gusohoka Uburundi, bijanwe kudandazwa mu bihugu bibanyi. Nk’uko mu giporisi babivuga, imwe muri iyo miduga ntiyubahiriza iyo ngingo, ikagirizwa ko ibandanya kujabukana ivyo vyimburwa vy’Uburundi.

N’aho mu giporisi ataco babivugako, hari amakuru avuga ko iyo ngingo yoba yafashwe ku mvo z’umutekano, kuko igiporisi c’Uburundi cikeka ko abantu bahungabanya umutekano binjira mu Burundi bavuye mu Rwanda, bikavugwa ko boba biyunguruza muri iyo miduga.


IGIHE

Messages

  • Nn Bababuza Bisunze Ingingo Iyihe?

  • Abarundi ibyo mwikora byose ntanakimwe muzahindura ku rda nzabagaya nimwisubiraho twarabarenze kure kure ibyo ntanubwo tubyitayeho kbsa...

  • ubu niho mukibibona?ahubwo mwari mwaratevye kubugarira,amashirahamwe yose akorera hano amamwe nayi kigali kandi ari muri systeme yo kujagara twe twari twabivuze kuva kera ko kagame afise amayeri menshi mugaharira,ehe raba hari Bulanjerie yitwa GOSHEN irya niya kagome mwarimubizi?turetse VOLCANO

  • ibicucu gusa, ubwose ko abacuruzi banshi babarundi barangura ibugande ubwo urwanda rufunze amakamyo yabo ubwo ntimwaba mupfuye, muzi gutema igiti mwicaye mo gusa

  • Nibazeko iyingingo itoteba gukugwaho kuko twebwe abanyagihugu batobato ntacodupfa uretseko turibikoresho vyabahaze ubutunzi bakadukinirako umukino wa politique.ntituyobewe ko kwisiyose muri politique ikinyoma kireremba hejuru yukuri abobategetsi nibavugane bisunze ineza yabenegihugu kuko umurundi ivyakenera numunyarwanda nivyakeneye, kubwanje iyongingo boyihagarika nihaba atarindibanga rihari kuko turaziko harababanyibacu murwanda batipfuza intambara batwibiramabanga yibibi bahategurira,ninacocarekanako uyumugambi ataruwabanyarwanda bose guhungabanya uburundi ndanakekako nyakubahwa Kagame kwatazibibintu kulo tumuzi nkumuntu azubwenge niyaba atahindutse.abayabizinaho ryobarikosa ritagirukoringana nkumuvyeyi yihanganiye jenocide nabayikoze agahitamwo kurangiza ukutarikwo!!Ibyo bizamubekure.twese tuvamaraso kandi dupfa twese abatuyibi bihugu twikingire doreko turimo nabafite IMANA twamagane amarira mumiryango yacu nicoducanishamwo duhahiranire nkuko byahora imbuto ziboneke irwanda nibirayi biboneke iburundi,byatumaririki kwicana gabenedata ncutinkunda??? Turakarama ntakindi kidukwiriye .Imana ihindure imigambi yasekibi ibyishaka bibaribyo biba AMEN

  • ariko njye mbabwira kenshi ko iriya government ya Nkurunziza ifite ibibazo...buriya se murasanga iriya ngingo ibangamiye abaturage b’u Rwanda cyangwa n’abarundi bagiye kongera guhunga kubera ubukungu bugenda bujya muri negatif? Jye ndabona iriya leta ifite gahunda yo kwicisha inzara abaturage babo kuko twese tuzi ko ibicuruzwa byinshi n’ibikomoka kuri petroli binyura hano mu Rwanda...ariko kandi leta yacu nta kibazo ifitanye nabo kuko imipaka yacu irafunguye ku babyifuza bose ni karibu. a bon entendeur salut.

  • CNDD FDD naba politiciens babarundi ntibazi ingufu z’igihugu c’U Rwanda,abazoramba bazobona vyinshi kweli

  • Nne urwanda narwo nibugara imipaka izana ibitoro tuzoca tuba abande?ahaa!

  • None ko mu Burundi dusanzwe turi mubukene tukaba ducisha imizigo mu Rwanda iva Mombasa no mubuganda ntimubona ko CNDD iriko iradukwegera?u Rwanda rubanye neza na Netanyahu (Israel) na Union Africaine, basha turagowe nukuri kwa mungu

  • @ Hicumutima,
    Inguvu zu Rwanda?
    Rindira mumisi uzobona izonguvu ukozingana rekatwibandanirize umukenyuro tuuuu.

  • @ Amabuye,
    Embere yukounegura/unenga abandi banza usubizinyuma ubwenge wibaze ivyoshibuja Kagame yavuze kugurundinokuwuburongoye urabeko yakoreyeneza abanyarwanda.
    Ariko iyi reta yu Burundi urayineguye arikoshobuja ivyoyavuze ntavyowaneguye, mbega uwivugiye ati utwanje nitugumemunzu wocumwita uwubangamiye umwenegihugu gute?
    Akarorero Harigihugu citwa Canada harumuntu mubabayo yavuzengo biragoye gukurayo ibifungurwa ubitwara muri Amerika nonewocuvuga ngobanka abenegihugu?
    Jewe icombona nuko nu Rwanda rwoca rubikora ukwonyene maze bakazogiriranira ibiganiro vyukuntu iyongingo bozoyitunganya mugihe kirimbere nayo kwagiriza uwiziganyirije ivyiwe ngoyonobeye abiwe mubamwihaye amenyo yabasetsi.

  • David,
    Mupfunze imodoka ziva Bugande urumva komwoba muhanganye nu Bugande.

  • @hicuburundi. Urwanda rufite izihe ngufu ? Igihe inkotanyi bazikubitiye Kongo zigata tonnes 300 zimbunda ntukizi? Bazibeshye bambuke akanyaru maze barye kumuti wo kuribwaribwa kuko abarundi barawufite

  • Nkurunziza na leta yiwe ni bamaramarire hiyo, abo ba police birirwa banyuruza abantu bakabajana kubaboreza igufa mwiperereza bavuye mu rwanda? Nibazibe.

  • banyarwanda vuga neza nti mutunze gusumba uburundi,ahobwo mwari mukwiye kwishima buhoro kuko dufise tanganyika yonyine ifise ubutunzi busumba urwanda rwose ,none mwihayira ayo ma etage yobatse kumafranga yamadeni ya bank mondial,ariko ivyo twebwe ntibidutwaye umutwe cane ikituraje inshinga nukuba dufise umubanyi w ishari n inzigo yama atubuza amahoro kandi twebwe tu mushikira amahoro ,nayo ivyukuvuga ko ari twe tuhagoriwe murihenda twebwe abarundi nu burundi bwacu turikwije uburundi gikangwa na gahugu nku rwanda ,genda mubwire so wanyu kagame aduhe amahoro urabe ko ibintu bitagenda neza, kandi mwebwe banyarwanda reka kwishima ntaho muzigira musumba uburundi kuko uburundi buratunze cane ntaho urwanda ruzofa runganye mubutunzi ,kuko ivyo mwubatse mwubatse mu myaka 22 uburundi buzovyubaka mumyaka 5 murumva ko tubasumba kure na cane, mube mwitonda

  • Hanyuma se ko musetsa njye rero ndi nkamwe nafunga imipaka nkareba aho muhahira ubuse usibye ubujiji bwa bategetsi babarundi umunsi twabafungiye mwe muzabaho mute? Kudufungira ndabarahiye nta ngaruka nta nkeya bizateza ubukungu bwu Rwanda u Rwanda nigihugu kimaze kubanikira muri byose ahubwo muri guhima abaturage bajyaga kurangura I buganda mwa njiji mwe. Habe nta gito bizateza ku Rwanda niyo mpamvu na leta yacu ibahima ntibasubize kko muracyarabana muri diplomacy... Nzabagaya nimwisubiraho mba ndoga rwema.

  • @Turaje,U Rwanda urarwitiranya Peter nta na commune y’u Bdi n’imwe yigeze afata ariko Inkotanyi zakoze vyinshi,RDC hoho ntuvuge,raba ubutunzi kumpande zose raba rélation internationale vyonyene kwakira Netanyahu hama ukakira sommet ya Union Africaine, icecekere igihugu caradusize cane

  • Ivyobintu Ntacondabivuzeko

  • Ivyobintu Ntacondabivuzeko

  • RETAYUBURUNDI NIFATE INGINGO EREGAKAGOME YOHAVA AVUGAKO AKOME MUKIRUNDI BACUMUGANIATI UGUHENEYE NAWENTUMUHENFRE AVUGANGO NTAVYO UGIRA

  • RETAYUBURUNDI NIFATE INGINGO EREGAKAGOME YOHAVA AVUGAKO AKOME MUKIRUNDI BACUMUGANIATI UGUHENEYE NAWENTUMUHENFRE AVUGANGO NTAVYO UGIRA

  • RETAYUBURUNDI NIFATE INGINGO EREGAKAGOME YOHAVA AVUGAKO AKOME MUKIRUNDI BACUMUGANIATI UGUHENEYE NAWENTUMUHENFRE AVUGANGO NTAVYO UGIRA

  • Muvyukuri tuvugishije ukuri uburundi buratunze gusumba urwanda, nicogituma uburundi botoshobora kuronka abovyifatikanya ngobazokwibe ubutunzi bwurwanda kuko ntawoja kwiba za etage .
    Ariko urwanda rurifatikanga nabashaka kujajwiba ubutunzi bwuburundi kuko buriho.
    Muvyukuri twebwe turetse nokuvugavyishi ubutunzi burimuri Tanganyika busumbakureniyo ubwurwanda rwinziza imbere yuko baruha imfashanyo ningurane rwirirwa rurarora ubu tugereranije bingananuko burimunyarwanda asabwa gutanga ibihumbi $200,000
    Tubandanije kumabuyeyacuyagaciro twatanguye kwitegurira kwikorako ashoboye gutunga uburundi nurwanda nkimyaka irenga 20 duha umurundi numunyarwanda $5 burimusi. Ntaravuga ibindi nihagire uwandika ibintu urwanda rufise sinzi kobizakubakunzira kuvugako muzotera Congo mugakurayo ubutunzi bwokubatunga burigihe ndaziko biryavyarangiye murazosubirabasha.

  • Warasaze ngo inkotanyi zafashe urwanda? Kowunva zafashe urwanda zirazojab uka zifate nuburundi bamujeri basubire kubutegetsi oooo ayo twaboneye inkotanyi muri congo ziratuziko twebweturinararibonye coudetemp ntizarimwo ?none vyagenze gute?

  • Iyo ntozo ngo ni hicuburundi iragacikinzanyi urwanda naho hazogera 1250 ntiruzohfa runesheje uburundi kiretse abahutu batakiri kuriyisi ikiranga urwanda ninkotanyi turakizi nukugonga ipumpu gusa

  • Nkurumbi Asuvya Ad L l Mubudage Ububi Nayo kagame Sinsi Co Bamuronderako

  • La France ibicishije. kuri son émissaire qui est en Tanzanie yasavye u Burundi kwakirana urweze les casques bleus ba ONU basha akar’inyuma karahinda,kandi iyo nous les Burundais iyo twumvira Président Kagame vyari kutworohera, tenyenya tenyenya

  • Haa ,imana Ishimwe Aburundi Twateye Imbere Kweli Aho Tuzohora Dutungwa Nivyo Muburundi?Mb Hamw Urwanda Rwobigira Gutyo,tanzanie Uko,RDC Uko,wumva Abarund Tutob Tugowe,naho Kagame Dufitaniye Ibibazo Uwo Siwomuti Wotuma Ingorane Dufitaniy Zihera,reta Yuburund Ni Yikebuk Nayo Ahand Turagowe Kand Reta Yacu Politique Yayinaniye Kand Twebwe Abantu Batobato Nitw Tuzoharwa Bobo Inda Zabo Zama Zuzuye.Murakoze

  • Uburundi ntibuteze gutera imbere mu gifite imyumvire yubujiji amoko nuturere. Ibyo twe tumaze imyaka 20 tubivuyemo abategetsi banyu niyo ikiro cyisukari cyagura ibihumbi 10 bazakigura ariko se umuturage wo hasi we bizagenda bite? Ibihumbi 100 byamarundi biravunja ibihumbi 25 byamanyarda none Leta yanyu iri kubabuza gucuruza nutwabahaga udufaranga mwavunjaga mu marundi mukabyungukiramo akumiro nukuyoborwa ni njiji koko. Gufungira ibihingwa byazaga mu rda bivuye Uburundi ntangaruka nta nkeya bizateza economy y’u rda. Gusa Abarundi turi abavandimwe ikibazo nizo njiji ziri kubabeshya

  • @Muzinga none ko utukana urerekana méntalité iri primaire cane,isubireko gutukana si vyiza nta ntozo yandika ku gihe ,abarundi nkamwe nimwe muri kubutegetsi tanton u Rwanda,France,ONU,Belgique,mukeneye gusengerwa,ariko i volant yanyu yarayovye kweli

  • @Proud to be rwandan

    None ko mur’ibihangange muri vyose ayo yose uyavugishwa n’iki? Nimutureke twebwe Abarundi twipfire hanyuma namwe musagambe sinunva ikigutera kuvuga ayo yose bigomba kuba vyagukoz’ahantu.

  • NIMUREKE NIVYO NIBUGARE NTARIBI NKO MUKIRUNDO TWATANGUYE KUBONA INGARUKA NZIZA ZO KWIYUGARIRAKO NKA KARORERO AMABETERI Y’IRADIO YAHORA KU 5OO UBU NI 7OO ISABUNE YIRABURA YAHORA KU 4OO UBU NI 5OO UMUNYU SINOVUGA NONE TWE TUGIYE KUBA ABANDE TWEBW ABO MUCARO AHUBWO NIBUGARE RWOSE HANYUMA TWIPFIRE NTAKUNDI UBWO BUTUNZI BAGUMA BARATA BUDAFITIYE AKAMARO UMUNYAGIHUGU MUTO NTABUHARI N’UKWIHAGARARAKO IMANA NIYO IKWIYE KUTUGARUKIRAKO MUBURUNDI IKABUHEZAGIRA IKABUGIRA NK’IBIND BIHUGU DUSHAKA KURYA VYISH KAND TUTAKOZE VYISH

  • NDASHIMYE IYONGINGO BAFASHE NAKARE IBICIRO VYARIVYADUZE INIWACU MURUYIGI IKIRO CIFU KIGEZE KU900F.TURASHIMYE TURAKENGURUTSE IYONGINGO YAFASHWE

  • Kagame Kora Ivyo Ushaka Ariko Tuzokwihurira Hari Kera Aho Bahambi Mumagunira Bagata Mubinogo Ngo Urwanda! Urwanda Niki?

  • @maria budangwa kunkora ku mutima si ukundi nta icyo binshishikajeho kko twe Ubuzima burakomeje kdi impamvu nabigarutseho nuko muri abaturanyi nabavandimwe ariko kubera politike mbi muhise mutobonamo abanzi kdi burya muri politike nta mwanzi nta numukunzi uhoraho ejo nejobundi ushobora kubona abategetsi Bacu biyunze nyamara mwe mwarabihombeyemo Reba nkubu niba isabune yaguraga 400 ikaba igura 600 urumva atari wowe muturage wo hasi uhagwira? Naho twe rwose ntabwo bidushishikaje nabusa nta numutegetsi wo mu rda ubigarukaho nzabemera nimubuza namakamyo yanyu yibitoro aca mu rda.

  • Abibaza ko irwanda rushobora gufunga imipaka ibyo ntibishoboka
    Abayobozi bu rwanda ntabwo ali injiji nka barundi.

  • Bareke babandanye biyugarana nka nyamugegena tuzoba turaba amaherezo,ubukene n’inzara bizobatsinda muri ubwo Burundi kubera ubwenge buke bwabo, iyo abantu babuze ubwenge n’Imana Irabareka

  • Mbe Babaporisi Bo Hanze Ko Batarashika?

  • @kiki mu magambo nguhaye 100% ariko mu bikorwa nguhaye 0% uzabanze usure u rwanda urebe uko rwiyubatse mu nzego zose zaba izubuzima, ubukungu gira nka munyarwanda, izi mibereho, izi mutekano, izubuhinzi, ibikorwa remezo nibindi ntiriwe mvuze. Uzaze urebe discipline iranga ingabo zu Rwanda aho ziba zihagaze ku mihanda hanyuma uzangereranyirize nizo ziwanyu zihagarara ku burinzi ni kiyeri mu ntoki. Uburundi twagiye tubusura niyo mpamvu nujya kugereranya uzajya ubanza urebe impande zombi cyangwa unasome ibinyamakuru. Gusa nemera ko igihugu kigira iyo kiva niyo kijya. Bamwe mubaye serious mukava mu kajagari mukava mu byo kwirirwa mu nywa amabyeri kumarigara mukareka amacakubiri mugatahiriza umugozi umwe mwakwiruka mu iterambere kko mufite byinshi byabateza imbere urugero ikiyaga tanganyika kibahuza nafurika yamajyepfo zambia. Ubundi mukareka amatiku no kwirirwa mutukana ku mbuga. Abarundi turi abavandimwe kko duhuje muri byinshi.

  • Mbega imyumvire iri hano! Burundi waragowe.

  • sha bavandimwe ibyisi biteranya abakundana. politike twe abaturage bato ntitukayivangemo

  • kuva ingorane zitangura mu Burundi, u Rwanda ntakibazo turubonako.mais abategetsi bacu baguma bafata ingingo zidafise akamaro ku banyagihugu.mbega u rwanda rufunze umupaka vyogenda gute? abategetsi b’u burundi vous etes incompetant muri politique vraiment

  • Honestly, nsigaye nsoma ibitangazamakuru noraba ivyo indongozi zuburundi zivuga kumva ikigongwe. nkagira ishavu. umenga ils sont tous foux.none nigute mwofunga igihugu iyo ngene. umenga ni wawundi wubatse akibagirwa gushirako umuryango wo gusohoka. none ivyo vyimbu vyabo babikuyemo bakareka imodoka zikajabuka. sans raison vraiment. hewe imana itabare uburundi nabarundi kweli

  • @jacques vraiment ibyo uvuga ni ukuri 100% abategetsi babarundi baracyari abana muri diplomacy ngo barivumbuye ra!!! Hanyuma hagahomba nde? Reba iyo misoro imodoka zatangaga Iburundi!!!! Ibihumbi 100 byamarundi biravunja 25.000byamanyarwanda !!!! Abacuruzi benshi baturukaga iburundi bajya kurangura I buganda, none urabahimye ngo ntushaka ko bazasubirayo ngo uhimye u Rwanda... Hhhhhhhhh biriya nugushaka ibibazo aho bitari. Munzangaye u Rwanda nirubasubiza reka da baricecekeye kko nta ngaruka babibonamo.

  • Leta y’Uburundi yishe nkana amategeko agenga urujya nuruza muri Afurika yuburasirazuba ibintu bishobora kuyikoraho!!!!!!bihugu byica amasezerano haba hateganyijwe ibihano, ndetse ngo mu gihe byaba bimaze kurenga igaruriro, igihugu cyayishe gisaba gusezera cyangwa ibyo babana bikagisaba gusezera mu muryango.

    EAC igizwe n’ibihugu bitandatu birimo u Rwanda, u Burundi, Tanzania, Uganda, Kenya, na Sudani y’Epfo imaze igihe gito yakiriwe mu muryango. Ibi bihugu byose byemeranyijwe amasezerano yo guhurira ku isoko rimwe, ibituma habaho urujya n’uruza rw’abantu n’ibintu hagati y’abatuye ibihugu binyamuryango.

  • injiji zibaho kweri ariko aziri mu Burundi zikwiye gusengerwa kabisa
    ngo bafashe ingingo kuva mukwezi kwa 4/2015 none ko mbona u Rwanda rukomeza gutera imbere cyane izo ngingo mufata zihungabanya iki mu Rwanda? mwiturize twaberetse ko murabana mumitekerereze no muri politic isahani mwaririyeko none muriko murayitumako .

  • @ abantu bariko baravuga ngo murafise tanganyika ifise ubutunzi buruta ubw’ Urwanda, mwiyibagije ko nkurumbi yayigurishije n’aba chinois 50ans batwara ubutunzi bwaayo?? None ko mutavuga ko urwanda rufise kivu ubu batanguye gukuramwo gaz methane bakaba barakozemo umuyagankuba.?? None utunze ninde? None ko budget ya Leta y u rwanda imaze gushika kuri 92% ayava hanze harimo ingurane be n’imfashanyo ni 8% imfashanyonaho zoreka igihugu kibandanya gikora neza. None utunze ninde? Buget YA LETA Y UBURUNDI ISHIKA KURI 28% Imfashanyo ni 78% none ufise ingorane z’ubukene ninde kweri?

  • Erega ubundi umupaka ntabwo upfa gufungwa kuko uba utubahirije amasezerano mwasinye ya transport y ibintu n’abantu entre imipaka y ibihugu bya EAC , aufait abategetsi b’abarundi ibyo byose ntabyo bazi, ariko se wabarenganya? Reba nawe igihugu gitwarwa n’umuntu yize akarashishi, na football mbega ni coach, reba vice we yahora ari prefet des etudes de niveau A2 muri pedagogie, ntaho azi diplomatie, ntaho yigeze abona nibura na formation n’abantu bazi diplomatie none ngo murabarenganya? baziko igihugu ari icyabo bwite, ibijyanye na valeur monnaitaire ntubabaze, baziko inyanya zabo zigurishijwe mu cibitoki ariho baba barwanyije inzara kdi ifaranga ryabo ko ryabona agaciro... tres malheureux vraiment, muzumve urwanda ko rukoma, mukomeze mwisamburireho nk ihene

  • Umugabo witwa BALIHIMA ba MUJINYA ngo yaketseko bamusambanyiriza umugore we maze afata Intindi ye ayishiyira ku giti ayicamo kabiri ngo yahimaga abo akeka ko bamuca inyuma naho bahe bo kajya !! umunsi u Rwanda rwakingiranye amakamyo y’amarundi yikoreye ibitoro, abarundi muzajya hehe ko mbona zirirwa zinyuranyurana mu mihanda twiyubakiye !

  • Ciza, bambwirire kabisa kurata tanganyika? Ubuse twe tuvuze lac kivu ubu yatangiye kuducanira turayikuramo umuriro tuzakiresha imyaka 200, reba inganda nka Yundai zigiye kuza kgli gukora imodoka mbese nibyinshi sinarondora abarundi turi abavandimwe mwirinde abaduteranya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.