Accueil > Amakuru > u Burundi > Imifuko 83 y’amakara yari igemuriwe abahuye n’imvura y’isegenya yahatswe (...)
Imifuko 83 y’amakara yari igemuriwe abahuye n’imvura y’isegenya yahatswe gufatwa n’abaporisi
mercredi 26 Ruhuhuma 2014
Abarundi canke abanyamahanga bafise umutima w’ikigongwe babandanya gufasha abanyagihugu bahuye n’imvura y’isegenya, ikababomorera amazu, tutibagiye abantu bahitanywe n’iyo segenya. Ishirahamwe ibiti n’ubuzima naryo, ryabashiriye udukwi.
Abahurikiye mw’ishirahamwe ibiti n’ubuzima, bakaba baragiye kugarukira kuri abo bahuye n’ako kaga kuri uyu wa 9 Ruhuhuma uyu mwaka, babashiriye udukwi. Abo bari muri iryo shirahamwe bagiye bikoreye imifuko 83 y’amakara, iyo nayo, ikaba iciye imiriyoni zirenga gato zibiri. Uwaserukiye iryo shirahamwe, avuga ko baje kubaremesha, ndetse n’ukubagarukirako, nk’uko kuva kera na rindi abarundi bamye bafashanya, mu bihe bitoroshe. Akaba yabasavye kwihangana, kandi abasaba kwama biyegereza Imana mu bihe vyose.
Uwaserukiye abo bahuye n’izo ngorane Mugabonihera Fabrice, yarashimye cane uwo mutima wabo banyakigongwe. Ku bwiwe agatima runtu, ko kwitwararika abahuye n’ingorane karacaranga abarundi, ndetse intara zitandukanye zikaba zaraje kubagarukirako.
Tukabamenyesha ko ico gikorwa cahatswe gutosekera igihe abaporisi batatu, baje gufata iyo modoka yari itwaye ayo makara mu kigo cegeranirijwemwo abo bahuye n’iryo sanganya ry’imvura, ndetse hakaba harabaye uguterana amajambo hagati y’abo bajerjwe umutekano, n’abari bajanye ako gafashanyo, ndetse na bamwe mu banyagihugu.
Aristide Nizigire
Messages
26 Ruhuhuma 2014, 10:45, par bumwe
Barikuyifata turaziko atampuhwe bafise
26 Ruhuhuma 2014, 12:00, par kabizi
baramenyereye bagomba igiturire.nabarungike muri Soudan barabeko inzara bafise yogabanuka erga irya ngeso n’inzigo.
26 Ruhuhuma 2014, 15:17, par NDUWHMANA
ARIKO IBARUNDITUZOCA,AKENGE,GUTE?GUFASHA,SUGUCA,WICA ABANDI GUPAKIRAKURIYA NTIVYEMEWE,BARIBAGIZENEZA IRIKO,NTIBAREVYE INGARUKA