Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambi imwe imwe ntiyaranguwe kubera isubirwamwo ry’amafaranga Reta (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Imigambi imwe imwe ntiyaranguwe kubera isubirwamwo ry’amafaranga Reta (...)

Imigambi imwe imwe ntiyaranguwe kubera isubirwamwo ry’amafaranga Reta ikoresha

mercredi 15 Nzero 2014

Imigambi ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwari bwateguye gukora muri uwu mwaka uheze w’2013 yararanguwe ku rugero rushimishije, ku bice 92,04 kw’ijana. Ariko rero hari n’iyitashoboye kuranguka kubera isubirwamwo ry’amafaranga Reta ikoresha, bivugwa n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odette Kayitesi.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Nzero 2014, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwarashikirije ibikorwa vyaranguwe mu mwaka w’2013 hamwe n’ibigiye kurangurwa muri uno mwaka wa 2014. Isubirwamwo rero ry’amafaranga Reta ikoresha ryaratumye imigambi imwe imwe itarangurwa naho iyishika ku rugero rw’ibice 92,04 kw’ijana ariyo yaranguwe nk’uko tubimenyeshwa n’umushikiranganji Odette kayitesi. Nk’akarorero mu gisata c’intwaro ibereye harabaye amanama atari make, inama z’abarimyi, inama zihuza abantu benshi (atelier), inama z’akarere, inama rukokoma y’abarimyi, ingendo zo gusanga abakozi ku kivi zarakozwe ku rugero rushimishije. Ku vyerekeye naho kwongereza umwimbu mu burimyi n’ubworozi naho nyene ibikorwa bitari bike vyarakozwe kugazura imyonga, gukomeza umugambi wa Reta wo kuronsa umwavu ku giciro giciriritse, kwongereza ibikoresho imashini zine zaraguzwe naho hagikenewe nyinshi, kwongereza imbuto zirobanuye n’ibindi n’ibindi.

Ibivugwa navyo ko hoba hari indwara y’ibigori yoba yarateye muri ibi gihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko mbere ko no mu Burundi yoba yarashitse, umushikiranganji arahumuriza akavuga ko iyo ndwara mu Burundi itarashika. Ariko bakaba bariko barazitira bataronerwa aho rero umurwi kama ujejwe gusuzuma no kurwiza imbuto umaze gufata mu minwe ico kibazo. Akaba mbere asaba ko ata mbuto zosubira kwinjira zidasuzumwe, aho mbere asaba gutuza abinjiza imbuto mu kinyegero.

Ku cerekeye igiterwa c’ikawa, umwimbu waco uguma ugabanuka uko umwaka uheze, umushikiranganji amenyesha ko habaye ivyigwa bitandukanye hagati y’abasanzwe bakorera muri ico gisata bose, kugira barabe ingene umwimbu wokwongerekana. Reta ikaba iriko irakora ibicishije mu nani z’abakorera mu gisata c’ikawa. Reta yarasavye ko abafasha Uburundi boshiramwo amafaranga, ibanki y’isi yose ikaba mbere imaze gutanga. Nk’uko bibabandanywa bivugwa n’umushikiranganji Odette kayitesi, abigisha b’indimo 70 baza baramaze gushirwaho kugira bafashe muri ico gisata, ariko bipfuza ko muri kazoza buri zone yoba ifise umwigisha wayo.

Muri iyo nama umushikiranganji akaba yashize ahabona n’ibigiye kurangurwa muri uwu mwaka wa 2014, aho bazokwongera gukomeza intwaro ibereye hamwe n’ibindi bikorwa vyose bijanye no kurwiza umwimbu muri ubwo bushikiranganji arongoye. Uwo mushikiranganji akaba yarangije asaba abanyagihugu hamwe n’abo bose bakorera mu gisata c’uburimyin’ubworozi, kugwiza na kabiri inguvu kugira habe iterambere rirama mu ngo n’imiryango inzara ibe umugani.

Mwomenya rero ko ivyo yabishikirije mu ntara ya Gitega mu rugendo rw’iminsi ibiri yariko agira mu ntara zo mu Bumanuko ,mu Buburaruko no mu ntara zo Hagati nka Gitega, aho yagendeye abarimyi-borozi ba kijambere batandukanye ariko yirabira aho umugambi wo gutanga amase ku giciro kitavunye ugeze.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.