Accueil > Amakuru > Amashuri > Imigambi y’iterambere y’abanyagihugu irabandanya gushigikirwa
Imigambi y’iterambere y’abanyagihugu irabandanya gushigikirwa
lundi 29 Ndamukiza 2013
Umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine arabandanya umugambi yatanguje wo gufata mu mugongo abanyagihugu mu migambi yo kwiteza imbere, biciye mu kigega FONUC (Fonds National d’Investissement Communal), kijejwe iterambere ry’amakomine. Arongera kandi akifadikanya n’izindi nzego nshikiranganji zifasha mw’iterambere.
Ni muri iyo ntumbero umushikiranganji Jean Claude Ndihokubwayo, ari kumwe n’abo bakorana mw’iterambere ry’amakomine bitavye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2013, ibikorwa vyo kwubaka umushinge w’ishure ryisumbuye ku musozi Gitaramuka, komine Mugamba, intara ya Bururi.
Umushikiranganji Ndihokubwayo yemereye abanyagihugu bo muri komine Mugamba ko ubushikiranganji arongoye buzoshigikira iyo komine mu rwubako rw’ibitaro, aho yaciye ahamagarira abo banyagihugu kugira ubumwe mu gushinga amashirahamwe.
Egide Nduwimana