Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe 13 muri 43 niyo yabonetse ku rubuga mu kwezi kwa Nzero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Imigambwe 13 muri 43 niyo yabonetse ku rubuga mu kwezi kwa Nzero

Imigambwe 13 muri 43 niyo yabonetse ku rubuga mu kwezi kwa Nzero

lundi 9 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Mu migambwe 43 yemewe n’amategeko mu Burundi, cumi n’itatu gusa niyo yashoboye gutunganya n’imiburiburi inama imwe ku rwego rwa komine canke ku rwego rw’intara muri uku kwezi kwa Nzero 2015.

Mu cegeranyo c’ibikorwa vy’imigambwe vyo mu kwezi kwa Nzero, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA amenyesha ko imigambwe myishi mu yemewe mu Burundi, itaboneka ku rubuga. Cumi n’itatu gusa akaba ariyo yashoboye gutunganya inama n’imiburiburi imwe gusa ku rwego rw’intara canke rwa komine. Iyo migambwe ni CNDD FDD yatunganije amanama 371 mu ntara zose n’amakomine yose agize igihugu, UPRONA amanama 201 mu ntara 17 n’amakomine 128, SAHWANYA FRODEBU Nyakuri amanama 79 mu ntara cenda n’amakomine 31, FNL amanama 78 mu ntara 10 n’amakomine 32, SAHWANYA FRODEBU amanama 41 mu ntara indwi n’amakomine 19, MSD amanama 32 mu ntara 17 n’amakomine 19, MRC Rurenzangemero amanama 24 mu ntara zine n’amakomine 9, UPD Zigamibanga amanama 17 mu ntara zitandatu, CNDD ya Nyangoma amanama 6 mu ntara zibiri, PARENA inama imwe i Bururi mu Rumonge, hamwe na PASIDE IMBONEZA inama imwe i Karusi komine Shombo.

JPEG - 19 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA amenyesha ko ayo manama yose yabaye mu mutekano, kiretse gusa mu ntara ya Bururi, komine Burambi, aho habaye ukutumvikana hagati y’abanywanyi ba UPRONA banse uwubagirisha inama bamwagiriza ko ayoboka Conciliya Nibigira.

Edouard NDUWIMANA asaba imigambwe kubandanya kwitegurira amatora Uburundi bwimirije, ariko akaba mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, yasubiriye gukurira inkoni ku gishitsi abagize urunani RANAC Dushayuruburundi, ko ubushikiranganji arongoye butarota bwemerera urwo runani gukorera ku mugaragaro. Kubw’umushikiranganji Edouard NDUWIMANA, amategeko ntategekanya ko abakinyi ba poritike batagira imigambwe yemewe (Acteurs politiques), biyunga mu runani n’imigambwe yemewe, aho umushikiranganji Edouard NDUWIMANA akavuga Rwasa Agathon avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL, hamwe n’umushingamateka Karori NDITIJE avuga ko ariwe aramutswa UPRONA.

Urunani RANAC Dushayuruburundi rugizwe n’imigambwe FNL ya Rwasa Agathon, UPRONA ya Karori Nditije, FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye, RADDES, PARIBU, PASIDE IMBONEZA, A.D.R, hamwe na NADDEBU.


Egide Nduwimana

Messages

  • ako kagabo kara tovye igihugu

    muze tukiyamirize.

  • Twaratanguye,n’ubu tukiriko dusemerera yewe Eduard NDUWIMANA tugomba kukwibutsa ko utavuye munda yanyoko witwa umushikiranganji! Bisiguye ko utaravuka hariho abashikiranganji kandi n’ubu ntuzosaza ucitwa umushkranganji! Aho wicaye siho uzohora uri- abandi baratize baronka aho bahungira yamara weho n’umwobo wokwinyegezamwo uzowubura. KOMEZA NGO NIW WIZE KAMINUZA WENYENE...! UZNRIRA UTAGIRA GIHOZA! INTABARIGWA IBWIGWA NUKO AMASO ATUKUYE!

  • Urakoze nyakwubahwa mushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu mu Burundi bwacu Edwardo Nduwimana kutubwira uko imi gambwe yifashe mu Burundi uyumusi.

  • mbega ahushirimbere umugabwe wawe nikuki bugirako usigura ukavuga niyomwagiyemurankira iyureka iyindi igakora ntiwarigusanga yasumbije rwawe ivyuvuga ntakamaro bimaze bugombukanuma wewe ivyawe birazwi

  • I would like to talk to eduard nduwimana to change his behavior

  • @ prof, H.E Aduard Nduwimana he’s bust one man in the men

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.