IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambwe 18 iragabisha ubutegetsi bw’i Bujumbura

Imigambwe 18 iragabisha ubutegetsi bw’i Bujumbura

mercredi 17 Kigarama 2014

Imigambwe 18 itavuga rumwe na Reta bw’Uburundi imenyesha ko yiteguriye gukora ivyo irekurirwa n’amategeko vyose, kugira ibwirize umurwi CENI utegura amatora ko igikorwa c’ukwandika abazotora cosubirwamwo.

Imigambwe cumi n’umunani (18) itavuga rumwe n’ubutegetsi, harimwo n’abanyeporitike bigenga, nka Rwasa Agathon, umushingamateka Karori Nditije, baheruka kwandikira umurwi utegura amatora CENI, basaba ko igikorwa c’iyandikwa ry’abazoja mu matora mu 2015 cosubirwamwo kubera hibonekejemwo utunenge. Mu nyishu bahawe, uwo murwi utegura amatora wabamenyesheje ko ico gikorwa kidashobora gufutwa, kuko utunenge twibonekeje ataritwo twotuma ico gikorwa gisubirwamwo cose.

JPEG - 88.3 ko
Umushingamateka Karori Nditije avuga ko ariwe arongoye umugambwe UPRONA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, iyo migambwe yaragabishije ko izokora ibishoboka vyose kugira isabe ko ukwandika abazotora mu 2015 vyosubirwamwo. Umushingamateka Karori Nditije, umwe mubaremesheje ico kiganiro, yamenyesheje ko biteguriye n’ukuja mw’ibarabara mu gihe ivyo iyo migambwe isaba bitotorerwa inyishu. Iyo migambwe isaba ibiganiro bihuza abegwa bose n’ikibazo c’amatora, kugira basuzumire hamwe ivyavuye mu gikorwa co kwandika abazotora. Iyo migambwe igasaba kandi ko umurwi CENI wotanga imihoho kuko bimaze kuboneka ko ukora utigenga.


Egide Nduwimana

Messages

  • Komera aho niswa mugiye mwavuga ijambo pe mwembwe tagaza umusi,gusa dutane mumitwe naba DD na CNI hanyuma turabe imbwa numugabo abapolice nabo bakarasa ntimugire,ubwoba tuzobafatisha iminwe komera umununezero dufise,nimwishincane ko mwase kuba imbwa akagaye babagaya twebwe abanywanyi bigihugu aribo banyu turavemereye ko tuzokabakura tukabagira abashigantahe bijamambo nakare ijambo ririhabwa zabonerahafi zabo nosaba DD koyozisohora tukahurirayo ??imanA yoba igize neza ditije,leonce,rwasa,nyagoma,sinduhije,zeno,komera komera ncaneeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeerrrrreeeeeerreeeerrrrreeeeeeeeeeeeeeebayibayiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii dd

  • Tekane mwebwe ntaco mufise mugabisha ngaha. Aho hari kera aho mwama mutwifatira mu gahanga ubu igihugu kirimwo abagabo

  • Mbendabaza Karori ivyobintu avuga abivuga arimuntebe yubushingamateka canke abivuga arimuyuhentebe ndashama mumfashe bishobore kuzabiranyorohera kumwiyamiriza zanke kumushigikira, ivyondabibajije kubera ngumarumva amazina abiri rimwengo umunya politike uyundimwanya ngumushingamateka ivyorero harahonibazako ivyarikwaravuga abayabitumwe nabagenzibiwe basangiye umurwi wubusbingamateka. Nayo uwoyiyise Nwari namba uz’Imana worwiza kuyizenga ijoro numutanga kugiri ivyuvuze ntibikabe kuko ukuvyiyumvira sikovyogenda niwibuke abagukuriye ivyobamoze bica Ndadaye nubwobaribafise intwarozose zagisirikare nabasirikare bose bigihugu ivyobifuje gukora ntivyagenze nkukobavyifuza handese wewe uvuga ukamenyo ninkogushaka kwibwomakwibuye kumwe kwa Al Shababab ushoborakwumva ivuzengo izoha gana na USA gushika kwiherezo!.

  • Tubarinyuma batama bacu turiteguriye icoba cose uwomunsi tuzoba turiko tugaragaza akababaro kacu @ Nwari# niwirambire uravuga neza ahubwo twosaba kozambonerakure zabo kozoba zihari nabarya barukoti babo na CENI yabo tubamenimitwe ubwobugabo nabwo ngo bafise tukaburaba banyakubahwa nimutangaze umunsi gusa twebwe abanyagihugu twese turahari turiteguye neza turipanze

  • Nwari na Mvuzo twebwe CNDDFDD nabakunzibacu turarindiye muze mutwice nonekomwamaze kubipanga nkukomubivuze turaheza tugiregute nukurindiranyene ahumwanya mwapanze wokuduhondagura ugerera.

  • Ariko ibibintu bimeze nkakaburungu@none et bazorubona::haaaahiiii wesha none.Nditije yabivize nkumunyagihugu,nkumushigamateka,nkumukuru wumugabwe.iconyene atashaka kwuva kugera ubugugu bwuzuye mumutwe wawe2_akokagabo kiyise Tuzorubona wesha ntawakubwiye ko tuzica abantu ariko nivyaba ngobwa tuzobigira nimba mwibaza ngo naba DD gusA bazikwica???wibaza ko iyo ataba kwihagana nubwitozi bwacu ko hari amasaha abiri yohera izobonerakure na rukoti banyu bomarA aho mugihugu??? Wewe uvuga,1993 ntavyuzi ivyuvuga?nimwatse ndakurahiye ?? Icogipolice mwibaza ncahindutse umugabwe rindi tuzogisubiza kimurongo ??akataretse kaba gase bakaburungu ntibari hake!!!!!!

  • EGO NAJEWE NDEMERA KO BOSUZZUMA ARIKO NTISUBIZINYUMA IGIKOGWA. Ivyokuvugango ceni ntiyigenga nukubera abatavuga rumwe na RETA BASHAKA KWIYOROHEREZA

  • Basha kuva 2010 twebwe aba CNDDFDD twarakomeje kubarindira muzemuduhondagure sinzigituma muburakugiraningoga mukishinga kutwicisha amajambo ngomuraje mutwice ndabasavye mugireningoga.

  • Sha ahubwo abobatama bacu nibo bashingantahe bigihug’ndifuza KO bobihagarika.bigasubigwamwo

  • Wewe wiyita philbert,wigize nkuko ibiko biraba ngaho muburundi atavyo ubona,ivyo dd ikora ubona arivyo bari bemereyeabanyagihugu!ntubona ko abanyagihugu uwutishwwe ahitanwa n’inzara,ivyo ku ntwaro zagiye zirakurikirana vyaragezeaho bigeze ubu ,abantu babica izuba riva atacamira!abanyagihugu badundumiwe niyo ntwaro mbi,bazoja mwibarabara hanyuma babarase ndazi ko atabo bazomara,wanka kuvira amaraso igihugu cawe bwaca imbwa zikayanywera ubusa nkuko DD iriko irabigira ubu.nibemere basubiremwo kwandika hanyuma batore abandi bantu boja muri CENI bokora babanje kuja inama nabo vyega bose.

  • Muziko uyumuntu ngoni Nwari,aratumara ntakabuza kuko ibirwanisho vyuzuye akanwakiwe birenzukwemera!

  • Mbababantu barihamwe na Nditije uwobahayeruswa ngwakore nkukobagomba ubwonyene bacabavugango ntiyigenga!? Jewembere ukonkunze kubumva uwomuntuwese ateruye ngwatuke ngoyongere yambike ibara iyi reta yu Burundi acabumwansi wanyu! Kabisaturashaka kohabaho abantubatavugarumwe na reta arikomwebwe ukomuvyitwaramwo sibabesha bizoruhira kubagirira ingarukambi vyasebikunze murikazona.

  • Yemwe mbega atari akajagari no gucacurana imitwe nta kindi mushoboye emwe isi iragowe yuzuyedwmwo abicanyi,kandi banavyemanga imbona nkubone ahai.Kurubuga.Bariguhora,nti bari kuvuga imigambi bafise yo kwicana,n’akamaramaza nti bakigira aho babika.ariko rero ngo utinya ingwe ntutinya iyikwinjiranye ,kandi ngo rurica nti rumarira Imana.Kubaho kw’umuswis’impuhwe z’agaca!

  • ABA DD UMENGO NTA MATORA BASHAKA BASHAKA HABE AKAJAGARI HAZE TRANSITION BAZINGO YOFASHA!!!!MU GIHUGU CGIKENYE EGO..ABANTU NKA KABURUNDU AMERIKE,BAZOZE BARAFATA IJAMBO KU BINTUBAZI NEZA KUGIRA NTIBABISHE KABIZI..NONE AMA DOMAINES YOOSE BARAZIKO IKINTU!!!BOBA BAFISE UBUJENI!!!!KABIZI NIRABE INGENE VYOGENDA .,,SIVYO GA BOB RUGURIKA>???

  • Jew mbona umengo uwomugwe cni niba wigengakoko wokumviriza oba banyamigambwe bose kk oyomatora urikutegura nayabo.

  • Mbeganditijenigiki? Mbega yobaziko cndd fdd ifitabanywanyibenshi mugihugu.amaseyakerantagihom urutaro komera dd

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.