Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe isaba ko hoba isubirwamwo ry’itegeko rigenge amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe isaba ko hoba isubirwamwo ry’itegeko rigenge amatora

Imigambwe isaba ko hoba isubirwamwo ry’itegeko rigenge amatora

jeudi 24 Nzero 2013

Imigambwe itandukanye ya politike iri m’u Burundi irasaba ko haba isubirwamwo ry’itegeko rigenga amatora ategekanijwe mu mwaka w’2015.

Kubwo umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Pascal Nyabenda,ngo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akwiye guhamagara abaserukira imigambwe yose ya politike yerwa n’amatora kandi yerwa n’ibijanye n’ihinduka ry’itegeko rigenga amatora.

Pascal Nyabenda,umukuru w’umugambwe CNDD-FDD,ivyo yabishikirije inyuma y’aho umugwi CENI ujejwe gucungera amatora m’u Burundi utumiyeko abafasha mu gisata ca politike kugira ico baterereye mw’isubirwamwo ry’itegeko rigenga amatora kugirango itunganywa ry’amatora ryorohe.

Kubwa Frederic Bamvuginyumvira icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu,asaba umukuru w’igihugu gushira ahabona mu maguru masha ivyo yipfuza ko vyohinduka mw’ibwirizwa nshingiro kuko naryo rikenewe mw’ihindurwa ry’itegeko rigenga amatora.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.