Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe ibiri na MIZERO Y’ABARUNDI nibo batanze amadosiye mu gihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe ibiri na MIZERO Y’ABARUNDI nibo batanze amadosiye mu gihugu (...)

Imigambwe ibiri na MIZERO Y’ABARUNDI nibo batanze amadosiye mu gihugu cose

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Imigambwe CNDD-FDD, UPRONA yemewe n’amategeko n’urunani rw’Abigenga MIZERO y’abarundi, niyo yashoboye gutanga imyidondoro y’abazitoza ku buhanuzi bw’amakomine, mu gihugu cose.

Umugambwe CNDD FDD washoboye gutanga imyidondoro y’abazitoza mu makomine 119 agize igihugu c’Uburundi, hamwe n’umugambwe UPRONA wemewe n’amategeko. N’urunani rwa Rwasa Agathon na Karori NDITIJE (Abigenga Mizero y’Uburundi) rukaba rwarashoboye gutanga imyidondoro y’abaserukira urwo runani mu matora y’abahanuzi ba komine mu gihugu cose.

Nk’uko biri mu cegeranyo c’umurwi CENI utegura amatora, mu makomine 119 agize Uburundi, umugambwe MSD watanze imyidondoro mu makomine 115, urunani ADC IKIBIRI mu makomine 112, MRC mu makomine 107.

Umugambwe UPD zigamibanga hamwe n’umugambwe FNL wa Jacques Bigirimanana, yatanze imyidondoro y’abazitoza mu makomine 85.
Urunani RANAC rwashoboye gutanga imyidondoro y’abazitoza ku buhanuzi bw’amakomine mu makomine 62, urunani COPA mu makomine 55, Palipe mu makomine 33, PSD mu makomine 29. Abandi bashoboye gutanga imyidondoro n’umugambwe SANGWE - PADER muri komine 9 gusa.

Abigenga babiri Francis Ngaruko hamwe na Audifax Ndabitoreye arongoye ’’Vision Charisma’’ batanze imyidondoro muri komine imwe gusa.

Mu murwi CENI bavuga ko baravye amadosiye y’abazitoza mu matora y’abahanuzi b’amakomine bibatera intege kuko ku bwabo amatora azoba arimwo abahiganwa benshi.

Tubibutse ko ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 13 ariho harangira ikiringo co gutanga iyo myidondoro mu murwi CENI, kuri uwu wa kane wa 16 Ndamukiza naho akaba ariho hategekanijwe kurangira igikorwa co gutanga intonde ku bazokwitoza ku rwego rw’abashingamateka. Ayo matora uko ari abiri, akaba ategekanywa kuwa 26 Rusama 2016.


Floxella karire

Messages

  • NAGE NDANEZEREWE CYANE KUKO AHANTU HOSE NIBURA HAZABA HARI ABAHIGANWA. UBU NONEHO CENI TUBONYEKO BOSE BAYEMERA. UREKE ABATAZI IBYOBAKORA BIRIRWA KU MARADIO GUSA AHO KWEGERA ABANYAGIHUGU.

  • Birahimbaye ndababwiye.

  • CENI NI OK KUKO VYEREKANA KO ABNYEPOLITIKE BAMWE BAMWE BISHINGA KUVUGA MENSHI AHO UKORA.
    RABA RWASA NA NDITIJE BINUMIYE INGENE BITUNGANIJE KANDI BOBO IVYO VYIBIRINGO NTACO BIBABWIYE KUKO BAVUGA BATI TWEBWE UWUZOZA TUZOHIGANWA!
    MUGABO RERO NDITIJE ARIKO ARAMUHENDA....URAZI KO RWASA ARIKO YAMYE..UBWA MBERE BARAMUHENZE ACARIRUKA TWABONYE AGARUKA NUBU RINDIRA ARIKO KUBERA ARIKO ARASAZA SINZI KO AZOSUBIRA.

    MBEGA AZITOZA SANS DIPLOME?????????

  • @NDUWIMANA

    Wewe nti ugikurikira canke? Ivyo vya Diplôme ubivanye he?

  • Les listes les plus revelatrices seront celles des candidats deputes dont la date limite est aujourd,hui. Deux listes particulieres a surveiller: celle du groupe Rwasa et celle de l’UPD (camp Radjabu). Aussi, une coalition de frondeurs DD (independants) autour de Jeremie Ngendakumana est inevitable. Ca sera la fin de la fameuse clique qui terrorise actuellement le pays. Cette reconfiguration permettrait de mesurer la pseudo-popularite de Peter qu,on nous a tant vantee.

  • haa nukuri ndabonako amizero y’abarundi bafis inguvu

  • kukinabakozi baseni bahunga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.