Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : MSD yiteguriye gukurikirana uko ukwandika abazotora kuza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Gitega : MSD yiteguriye gukurikirana uko ukwandika abazotora kuza (...)

Gitega : MSD yiteguriye gukurikirana uko ukwandika abazotora kuza kuragenda

lundi 24 Munyonyo 2014

Imigambwe itatu gusa mu ntara ya Gitega niyo yemerewe kuja gukurikirana uko ukwiyandikisha kuriko kuragenda kw’abazitabira amatora yo muri uyu mwaka buca utangura.

Imigambwe CNDD FDD, FNL ishami rya Yakobo Bigirimana hamwe na UPD Zigamibanga ishami rya Zedi Feruzi akaba ariyo bivugwa ko yemerewe gukurikirana uko ukwiyandikisha kuza kuba kuriko kuragenda, mu gihe kwatanguye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Munyonyo uwu mwaka mu Burundi bwose.

Ariko naho biri uko, mu mugambwe MSD mu ntara ya Gitega bakavuga ko baza kurungika abakurikirana uko iryo yandikwa riza kuba ririko riragenda muri iyo ntara. Epithace Nshimirimana arongoye MSD muntara ya Gitega akaba yemeza ko abanywanyi biwe baza kuba bari hose ahaza kuba hariko harabera iyandikwa.

Mukamenya ko mu migambwe rero itandukanye bandanya guhamagarira abanywanyi bayo kwiyandikisha kugira baze bitorere indongozi mu mwaka w’2015.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ibaze cndd -fdd itsinze amatora tworonka aho twinyegeza imbonerakue? Boja rero bagira itunga badashobora gusigura!!!Kuko muribo hari amasiha arya ikintu icarico cose. Mana ivyo bintu ntibize bibe kuko democratie yoba ihambwe definitivement kubera ka karwi ka bantu batatu.Rindira mu minsi irimbere muzumva uwuserukira u Burundi muri Nigeria yitwa Mamadou coulibaly nibindi nibindi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.