IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambwe itavugarumwe na Reta imenyesha ko ata matora yabaye

Imigambwe itavugarumwe na Reta imenyesha ko ata matora yabaye

samedi 4 Mukakaro 2015

Imigambwe itavuga rumwe na Reta imenyesha ko yatangajwe n’ivyashikirijwe n’abaserukira ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu Burundi, aho bashikirije ko bakeje Reta y’Uburundi n’umurwi utegura amatora CENI ku matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka batunganije kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta yateye igikumu kuri iryo tangazo iriyamiriza ivyatangajwe n’abaserukira ibihugu vya Afrika y’epfo, Kenya, Tanzaniya n’Ubuganda. Bavuga ko gukwirikirana amatora bitari mu vyo abaserukira ibihugu vyabo bajejwe,cane cane, mu gihe bari mu bihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ,naryo rikaba ryafashe ingingo zisaba kwigizayo amatora, kugira habe ukwumvikana ku kirangaminsi c’amatora.

Iyo migambwe itavuga rumwe na Reta imenyesha ko ivyo binyuranye n’ingingo zafashwe n’inama y’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko yabaye kw’igenekerezo rya 31 Rusama,hamwe n’ingingo z’inama y’amahoro n’umutekano y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yabereye I Johannesburg muri Afrika y’Epfo.

Imigambwe yateye igikumu kuri iryo tangazo iratangazwa nuko abaserukira ibihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, barenga kuri izo ngingo kandi bari mu bazifashe.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta,ikarangiza imenyesha ko,ifatiye ku ngingo zitandukanye zafashwe mu manama y’akarere n’aya Afrika,ata matora araba mu Burundi.

Messages

  • Antamatora y,umugambwe umwe Yigera abaho.niyonama Gikwete ahamagaza ntimuze muyitabe kuko barerekanye aho bahagaze.

  • N uburenganzira bwanyu kubivuga ariko muriko muruhira ubusa!! Ntabwo muri CENI kandi natwe twagiye gutora nta mwanya twataye

  • Aba bantu ba opposition nta capacité intellectuelle bafite yo gutwara igihugu keretse Rwasa wenyine none nawe akaba yarabaye Kisekedi w’i Burundi.

  • Ntamatora Araba Turinyuma Yanyu.

  • Dire une chose et son contraire ou prendre une décision àcontredire soit meme,temoigne de l,immaturité des leaders africains!C,est la honte!Le prochaine sommet sera pour bénir cette parodis d,élections?

  • AHA!IVYUBURUNDIBIRACAGOYE,BIZOGENDAGUTE KOTWESEDUSHAKUBUPRESIDA?

  • Najewe naratangajwe na declaration y’abo ba ambassadeurs kuko ntawigeze ababona mu ndorerezi z’amayora none ngo barakeje Ceni na leta kandi indwi igiye kurangira Ceni ikiriko irarementanya amajwi.
    Kenya na Uganda birumvikana kuko iwabo amatora ashusha n’ayiwacu. Ariko Afrika yepfo na Tanzania nimba barakeje leta ishaka gufuta amasezerano ya Arusha bazoba bahemukiye Nyerere na Mandela bitanze ngo abarundi bagire amahoro.
    Nibaza ko inama yi Dar es salaam ya le 6 juillet izoba ari iya nyuma ata kivuyemwo gihumuriza, ivy’imyiyerekano n’ibiganiro bizoba vyananiwe, ibizokwirikira ntavyo tuzi ariko ntibizoba vyiza.

  • Najewe naratangajwe na declaration y’abo ba ambassadeurs kuko ntawigeze ababona mu ndorerezi z’amayora none ngo barakeje Ceni na leta kandi indwi igiye kurangira Ceni ikiriko irarementanya amajwi.
    Kenya na Uganda birumvikana kuko iwabo amatora ashusha n’ayiwacu. Ariko Afrika yepfo na Tanzania nimba barakeje leta ishaka gufuta amasezerano ya Arusha bazoba bahemukiye Nyerere na Mandela bitanze ngo abarundi bagire amahoro.
    Nibaza ko inama yi Dar es salaam ya le 6 juillet izoba ari iya nyuma ata kivuyemwo gihumuriza, ivy’imyiyerekano n’ibiganiro bizoba vyananiwe, ibizokwirikira ntavyo tuzi ariko ntibizoba vyiza.

  • Abo muri oppositions murawunywa noho ururra,rindira louis michel nawe adukeze mujoregwe.Muta umwanya mu bitagira akamaro,ntaco musiguye mu gihugu ku buryo mwovugako amatora atabaye,twebwe twatoye turayemera abandi ja mu rwanda ,ariko murabe neza abahutu muhakwa gufatirwayo ngo mwakoze tsemba tsemba muri 94 murabe kuri imirasire,ivyo bihutu vy’ibigugu bija mu rwanda canke bituzanira amashetani y’abakobwa baho ngo ni abagore ,mwimenye,reke abo hakurya ya kanyaru baberekeko ata buvandimwe mufitaniye aho bahereye babiyama ntimwumve,reka bahebe babahonde ku ntoke mubashe mwumve mwa bijuju vy’ibihutu mugenda mwasamitse amazuru,bura kuyagumiza i burundi,umwe wese n’igihugu ciwe ubumwe bube aho bushoboka

  • emma
    gumahamwe mwamigambwe mwiyankishije amatora mwibazako atazoba meza ? gumyumutima canke mwiyahure kuko namakungu yarabahinyuye komuribirofa. ziryambwa nininahazwe na vitari na mbonimpa zarabahenze muraturira benewanyu kandi muribamwe Muri ibijuju.

  • Iyo Migambwe Jw Ndayishigikira Ariko Ntikoreshe Inyandiko Gusa Il Faut Yuko Yohaguruka Tukiyamiriza Iyi Ntwaro Inyuranye Nibwirizwa Nshingiro Moi Je Pense Nous Avons Un Gouvernement Base Au Diable

  • EMMA WEW NTURI NIKIJUJU AHUBWO URIKINDI NTAVU WEW URUBAHUKA UKIFATIRA MUGAHANGA ABANTU BANGANA NA SO NGO NIBIJUJU NTASO WEW URIKIRWARUDUBI KANDI NTAKURI KURI MURI WEWE MUMA GROUP WANDIKA AYA MUHE KURI FACE NUKO WEWE NIMBA WARIZE BAZE BAKUGIRE ICEGERA CA PRESIDENT TUZETURABE IVYO WAMUKAMWO

  • NTACOMUSHAMWOKORA TWARAHEJEJEGUTORA NTAGUTWARAMUSHOBOYE REKERE MUTAMA ATWARE KUKO ARABITIYE UBURENGANZIRA UWUGUTANJEKUMIRA AGUTANGA NOGUHAGA

  • wapi ntamatora yabay kuber benewacu bahunze nibaze bose tujemumatora

  • UHHHH!!!! murayavuga,mwibuke,yuko,gode,froid koyatwaye mandayiwe yaheze nkurunziza aratanguye,manda,yambere isiyose irazi,koreta yankurunziza yahiritwe hakajaho,froi,nimibare 2020 tuzomwongera kubera mwarimwamutembagaje turamuvyuye pita,gumakwivo.

  • Rindira nsenge, nsabe Imana gusa! Peter n’abiwe bose bakora ibibi barasubiranamwo, imigambi yabo mibi yose ipfe!
    Imana yavuze ntibesha, ivyo yavuze ntizobura kubikora!

  • Hari Abita Ibijuju Aband Bakabit Ibijor Mkomboz:"hakuvuga Nabi Woryanabi"kand Bameny K Imana Iri Hejuru Yavyose Yab Oposition Canj Reta Bos Turi Musi Yijuru

  • ivyo n’ibijuju,baragenda babaze abanyagihugu batoye bababwire inkuru, birashoboka bakaba bari bazinziriye bakaza kwikangura ibintu vyahindutse!!!!

  • Gikwete narye ayo mahera yahaw na nkurunziza ngo amusabire kwemerwa nakarere naburaya ntasubire gusamaza abarundi bose nabamanyanga gusa

  • yoooo erega noneho bampemuke ndamuke baracariho!! mbe abo bakeza nkurumbi bibagiy ko atawusomera induru ivuga!!!!! hhhhmmmm ndabagaye pe!!!!!!!!

  • KO ABARUNDI ARIBO BATOYE ABAHIGANWA BARABABA KOHARI UWOBATEGETSE GUTORA IMANA IHEZAGIRE NKURUNZIZA BAMWONGEKO ABARUNDI ARIBO BATOYE ABAHIGANWA BARABABA KOHARI UWOBATEGETSE GUTORA IMANA IHEZAGIRE NKURUNZIZA BAMWONGERE AMAJWI

  • KO ABARUNDI ARIBO BATOYE ABAHIGANWA BARABABA KOHARI UWOBATEGETSE GUTORA IMANA IHEZAGIRE NKURUNZIZA BAMWONGEKO ABARUNDI ARIBO BATOYE ABAHIGANWA BARABABA KOHARI UWOBATEGETSE GUTORA IMANA IHEZAGIRE NKURUNZIZA BAMWONGERE AMAJWI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.