Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe yagirizwa gucudika na CNDD FDD yirukanywe mu runani (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Imigambwe yagirizwa gucudika na CNDD FDD yirukanywe mu runani (...)

Imigambwe yagirizwa gucudika na CNDD FDD yirukanywe mu runani RANAC

samedi 28 Ruhuhuma 2015

Imigambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye, PASIDE Imboneza hamwe n’umugambwe ANADE, yose yafuswe mu runani RANAC Dushayure Uburundi bwogorore.

Ivyo vyavuzwe na Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA uyoboka umushingamateka Karori Nditije. Nk’uko Tasiyano Sibomana yabandanije abimenyesha, iyo migambwe ikaba yafuswe kubera muri urwo runani basanze iyo migambwe yose uko ari itatu iri mu kwaha kwa CNDD FDD, ndetse nk’uko uwo muvugizi wa UPRONA abivuga, iyo migambwe basanze yaje gusambura urwo runani. Amenyesha ko hari n’amakuru avuga ko iyo migambwe itatu, yoba igiye kuzosaba umushikiranganji Edouard Nduwimana kugira abe aribo bitirwa urwo runani RANAC.

Tukabamenyesha ko urwo runani rumenyesha ko rurongowe na Agathon Rwasa, ndetse ko no mumatora, bazogira urutonde rumwe, ruhurikiyemwo imigambwe basanzwe bacuditse nka RADES, ADR, PALIBU, UPRONA uyoboka umushingamateka Karori Nditije hamwe na FNL uyoboka Agathon Rwasa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.