Accueil > Akahise > Imigani imwimwe y’ikirundi n’insiguro zayo
Imigani imwimwe y’ikirundi n’insiguro zayo
mercredi 30 Nzero 2013
Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.
Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye inkomoko n’insiguro z’imigani ijanye no kugumya urururimi umwe muri iyo migani akaba ari:
«Imvugirakuyamara y’umugabo ikundwa na bake»
Uwo mugani ngo ukomoka i bwami,nk’uko umutamakazi twaganiriye yabitubwiye.Ngo kera abantu bakora i bwami, benshi muribo bari abagabo bakaba ari nabo baba bajejwe amabanga akomeye ku kirimba c’umwami. Muri bo harimwo abakora i bwami bataha muhira hakaba n’ababa kukirimba nyene.
Abo bose rero carazira kikaziririzwa ko bavuga ibibera i bwami kuko vyafatwa kwari ukumena ibanga,ivyo bashobora kuvuga vyari ibintu bisanzwe bitarimwo ibanga,nico gituma umugabo ashengurutse ava i bwami yirinda kuvuga vyinshi bamubajije ivyo adashaka kuvuga yaca ababwira ati:
« ivyo navuzebiramaze,imvugirakuyamaray’umugabo ikundwa na bake».
Gutyo uwo mugani uca ukwira igihugu cose kuko abashengera i bwami baba ari abava mu mihingo yose y’igihugu,umwe wese ashitse mu ntara avamwo akawucira abandi nabo baraheza bakawucira abandi.
Uwo mugani rero usigura ko kizira kuvuga vyose ngo abarundi babwirizwa kuvuga ivyubaka gusa ibisambura canke ibitagira akamaro bakabihora. Ndetse no mu buzima bwa minsi yose uwo mugani ukaba wagiye ufasha abagabo kugumya ibanga,abashingantahe bobo ngo kugumya ibanga ryari itegeko.
Ninaho hahavuye havuka n’ iyindi migani itari mike ijanye n’uwo, yose ikaba yakoreshwa mu kwibutsa umuntu kugabanya amajambo.
Imwe muriyo ni « uwihoreye ahonga bike», «irirenze umunwa ribarirenze agahinga» n’iyindi tuzobandanya tubatohoreza.
Marie Claire Ingabire
Messages
30 Nzero 2013, 13:33, par Emile
Murakoze kuri iyo migani. Ariko sinzi ngira ngo biva ku ntara, hariho umugani uvuga uti: "Irirenze umunwa riba rirenze impinga". Nari niyumviriye ko harya mwanditse "agahinga" hari kuja "impinga". Mugabo nk’uko nabivuze nkitangura, birashobora kuva ku ntara. Komera!
31 Nzero 2013, 21:13, par Rev.Jean Claude Ntimpirangeza
Nadanezerewe cane nokubona abantu/ bagize iciyumviro co kwegeranya no gusobanura imigani. Muvyukuri mumyaka igera kuri maze imyaka yababa 25 hanze y,Ubuirundi ariko muvyantunze mwotangara mwumviseko ari inyifato ikomoka ku migani y’Ikirundi! Kubera kwiyumvirako nozopfa bikazimangana abana bagahomba,nashoboye kwegeranya imigani igera hafi ku 300 n,iyindi. Iyu mugambi uzomfasha mukwambira canke kurunga icegeranyo canje. Hobaho nk,inzira itomoye twohanahana iyo migani. Ndi muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika.
23 Rusama 2013, 12:58, par edison murenzi
imigani idufasha mukwiyu mvira ubujyo dutekereza nubujyo dushira intego zacu ahabona muranyihanganira kuko ntazhi ikirundi ariko reka nanjye nobahe akajambo kajya kamfasha if i have 6 hours for making fire wood i would take 4 hours for shaperning the sow kavuzwe na presida wa amerika abraham lincon
5 Ruheshi 2013, 14:12, par IRAMBONA Anicet
Ndanezew cane kubona ndonse aho nshobora kubona ibivurwa kumigani yikirundi.irimwo inyigisho nyinshi ntawobiharira.Ba Sokuru bari bafise ivyiyumvuro birashe.Turakwiye kwama tubikorerako.umugani ujanye nukugumya ibanga aha twovuga uyu:usangira ibanga nimbwa ikarikwiza ibisaka.
30 Gitugutu 2013, 17:19, par muco
hiyimigani .ibamaliki abarundi ahubwo ibubutsa ubugome kubushyira mungiro mwirukana impunzi..ukagirangomwebwe ahomuba simahanga
2 Munyonyo 2013, 04:51, par Gilbert Niyonkuru
Mbanje gushima uyo mugambi wo guha ikibanza ikirundi mu buhinga bw’ingurukanabumenyi nkifuza ko ababishoboye bose bobishigikira.
Hanyuma ni kuki kw’ikarata y’Uburundi, Intara ya Cankuzo iri ukwayo ? Hoba hari umugambi wo kuyonkora ku gihugu cacu canke n’ukwihenda kujanye n’ubuhinga ?
Murakoze
17 Kigarama 2013, 21:54, par bururi
wamushingantahewe. niyonkuru ikikibazo ubajije gisise intumbero. Ariko nange nyine nfise akabazo. Abahutu bibundi mwahungiye irwanda barabakira none. mwabaye ibyitso. kuki abarwanda baza mukabirukana. sha abarwanda nabo Imana izobibuka nyine.muzamwaramwara
16 Mukakaro 2014, 15:10, par Franck Itonde
Murakoze ukngene magize iciyumviro co gushira insobanuro z’imigani ku buhinga ngurukanabumenyi.Muragize neza.
16 Mukakaro 2014, 15:19, par Franck Itonde
Ndabaramutsa ndabasavye insiguro y’umugani ’’Aho umukecuru atoye uruhindu ahita m’uruganda.’’Murakoze.
31 Kigarama 2014, 15:18, par SILAS NIYONZIMA
JE NANJE SIJE NOHAHERA VRAIMENT NANJ NDANEZEREW KUBONA MWADUSHRIY IYIMIGANI KUNGURUKANBUMENYI KUKO IRAHANURA GOS CANE KAND NDASHMIYE MUGENZANJ YABAJIJ URYA MWIBUTSA NANJ NDIMWO MUWOWUSGURIRWA"NGO AHO UMUKECURU ATOYE URUHINDU AHITA MURUGANDA"ICO KIRUND KIRAHANITS.OKEY THANK U!
18 Ntwarante 2015, 22:00, par Arnaud Bigoro
Murakoze ku migani muturonderera
30 Ndamukiza 2015, 05:08, par Izere
Bandanya mushira imbere Uburundi n’ikirundi kuko bintera umunezero meinshi.
6 Rusama 2015, 17:42, par Bigirimana Ezéchiel
ico niyumvira nuko umuntu avuga yose bimugora kuba ahantu canke akahava anamena ibanga
8 Rusama 2015, 19:07
Right this moment, the costa rica government can be possessing immeasureable us dollars inside unclaimed cash which are caused by folks pertaining to items like neglected financial institution balances in addition to stock returns. You may have perhaps seen these kinds of finances publicized in demonstrates similar to 20/20 as well as Dateline.
11 Gitugutu 2015, 16:54
Jewe ndiko nshikiriza ivyiyumviro munkosore. Jewe iyi téléphone si yanje Kandi nsizi i kirundi gose
16 Gitugutu 2015, 21:47, par Niyonkuru Isaac
Iyo Migani Ni myiza Kuko Zinamuntu Wese Iramuhanura Kugumya Ibanga no gucisha make.
9 Munyonyo 2015, 10:45, par NDAYISENGA PAPIEN
imigani itwigisha vyinshi jew ndayikunda cane bihebuje nimurushiriz ho!
9 Munyonyo 2015, 10:52, par PAPIEN NDAYISENGA
NIVYIZA CANE TURANEZERWA NOKUMVA IMIGANI YO HAMBERE!
23 Munyonyo 2015, 22:22, par BIGIRIMANA Déphonthère
imigani yikirundi nimyiza cane iratanga inyigisho zikomeye ikanafasha urwaruka rwubu kumenya akaranga kaho hambere ninyifato rwogira.mukomeze kuturonsa iyindi murakoze.
3 Nzero 2016, 16:49, par claude ndayisaba
ninkakurya bavuga <<kuvuga menshi siko kuyamara>>
6 Nzero 2016, 11:35, par Samuel
Nashaka Muyinyigishe
6 Nzero 2016, 11:45, par NIYOBUSHOBOZI Samuel
Nanje Ndashaka Munsobanurire Umugani Wumukecuru Atoye Uruhindu Agiye
24 Ruhuhuma 2016, 13:25, par Nduwabagabo Balthazar
Murakoz.Nsigurira "intarabona Iserihaha"
1er Ntwarante 2016, 19:59, par emmanuel
biraturyoheracane iyotwumva imigani mubashekurondereraniyindi
13 Ntwarante 2016, 08:50, par EMILE
Mu Migenzo Yikirundi Sivyiza Ko Umuntu Avga Yose Kubera Ngo Imvuzi Yacane Yavuze Aho Yiciye Nyina,
13 Ntwarante 2016, 08:52, par EMILE
Mu Migenzo Yikirundi Sivyiza Ko Umuntu Avga Yose Kubera Ngo Imvuzi Yacane Yavuze Aho Yiciye Nyina,
9 Rusama 2016, 20:17, par Elvis Nininahazwe
Murakoze Gukebura Abagabo Bavuga Menshi
30 Ruheshi 2016, 19:22, par Elie
Yooo!Uwutokunda Imigani Y’ikirundi Kuko Abakera Bari Abagabo Gusumba Kure Abo Ubu.Kandi Nico Gituma Bavugako "abakera Barayamaze "ni Ukuvuga Ko Ata Muntu n’umwe Yoca Umugani Kuko Yose Bayivuze.Basokuru Ni Abagabo Peee!
6 Myandagaro 2016, 13:04, par ndayiragije
Ndashimye ko ikirundi gisigaye gufise agaciro nifuzako ibintu vyose ko vyokwandikwa mukirundi
11 Myandagaro 2016, 20:27, par Ndayiragije Gérard
imigani nimwiza kubera nakaranga kabasogokuru rero n,ivyiza guca imigani bituma umuntu atahura
22 Myandagaro 2016, 11:54, par Rwenda Pemuel
Nanje Ndashimye Cane Kuriyo Migani Mututohoreza Iratwigisha Cane Kubika Amabanga Umuntu Avuga Menshi Ntabura Kuvuga Ibanga Ryiwe Ugasanga Yiteye Ingorane Nyinshi Gose Nakare Abakera Barayamaze Ngo Kuvuga Menshi Ngo Siko Kuyamara
22 Myandagaro 2016, 11:56, par Rwenda Pemuel
Nanje Ndashimye Cane Kuriyo Migani Mututohoreza Iratwigisha Cane Kubika Amabanga Umuntu Avuga Menshi Ntabura Kuvuga Ibanga Ryiwe Ugasanga Yiteye Ingorane Nyinshi Gose Nakare Abakera Barayamaze Ngo Kuvuga Menshi Ngo Siko Kuyamara
12 Nyakanga 2016, 13:37, par Cal
AKATARETSE KABA GASEMA mucongereza bavuga gute?
12 Kigarama 2016, 16:14, par Dani-damien ndayikengurukiye
ivyo nivyiz nukur,kuk biciyi bigumuk mugihug harih akarush kohaba
6 Nzero 2017, 15:23, par Nihorimbere Innocent
Iyo Nkur Irahanura Rwos Kuvug Aya Muhe
5 Ntwarante 2017, 15:38, par Izahaki
Turavye Beshi Ntibagikwirikiza Akarangakakera Guko Kare Kumuhingamo Baratita Arikubuntabihari Niguki ?
10 Ndamukiza 2017, 20:06, par Buzoya
ni vyiza kwiyumvira iyo migani.
7 Ruheshi 2017, 15:29, par Emma Jujugift Asa Nega
Kugumya Ibanga Nivyo Kuko Kurimena Vyoroshe Ariko Uba Utakaje Icizere Kuwo Urimeneye Mukibano Nomubagenzi. Rero Kugumya Ibanga Canke Kuribika Vyaribikwiye Kuba Ivy’umurundi Wese.
11 Gitugutu 2017, 17:39, par Irboti
Mwonsigurira umugani uvuga atii
"AGASHAJE BAKANYIRA HEJURU"
27 Nzero 2018, 02:19, par Chris
Murakoze cane kuciyumviro mwagize co gushira ikirundi ku ngurukanya bumenyi .Nivyiza ko twibukanya akaranga k’igihugu cacu , ndabatahije cane ni chris mu Bubirigi
10 Ntwarante 2018, 22:15, par Thierry
Ico ciyumviro c gushira ikirundi k ngurukanabumenyi birakwiye k twibukanya akarang kacu ni thierry i gitega.
1er Rusama 2018, 18:31, par Nduwimana gerard
Imigani iraryosh
10 Rusama 2018, 21:02, par G US E NGA E L YSE
Andika hano IM IG AN I NINS IG UR O
3 Mukakaro 2018, 20:47, par Iraganje
Baraca Umugani mukirundi bati <Ntamvura Idahita> buvuze ngo mubuzima niba hari ikintu kikugora, kikubangamiye, hazogera igihe bihera ugasubira ukamererwa neza ugasubira ukagira amahoro wahora wipfuza.
8 Gitugutu 2018, 11:46, par Joyce Adventist Ndihokubwayo
Amahoro! Nagomba Ndababaze Mbega Imigani Yaje Gute.
15 Munyonyo 2018, 20:28, par ntishavurirwa dieudonne
mibisanzwe mukirundi umaze kuvuga meshi nabantu ntibakwemera