Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa bwiteguriye kubandanya bufasha igisata c’uburimyi mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Ubushinwa bwiteguriye kubandanya bufasha igisata c’uburimyi mu (...)

Ubushinwa bwiteguriye kubandanya bufasha igisata c’uburimyi mu Burundi

vendredi 27 Nyakanga 2013

Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi bwarahimbaje ku munsi w’ejo umunsi mukuru ugira uwa 64 w’ico gihugu. Mu birori vyabereye ku cicaro c’ubwo buserukizi mu Burundi, YU XUZHONG aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi yaragarutse ku migenderanire Uburundi bufitaniye n’Ubushinwa kuva mu mwaka w’1963, bisata bitandukanye.

Uburimyi busanzwe butunze abarundi benshi buri mu bisata igihugu c’Ubushinwa citayeho mu bijanye no kwongerereza ubumenyi abafundi b’indimo. Abahinga bo mu gihugu c’Ubushiwa bagiye bararungikwa mu Burundi gusabikanya ubumenyi bafise n’abo mu Burundi, abandi nabo b’abarundi bakarungikwa m’Ubushinwa. Mu migambi bafise, ubuserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi bwipfuza gukorana bimwe biboneka n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kugira Uburundi bushobore gutera imbere mu burimyi. Kubwa YU XUZHONG, namba Ubushinwa bwarashoboye kugaburira ibice 22 kw’ijana vy’abantu kw’isi bakoresheje ibice indwi gusa vy’isi ndimwa, nta nkeka ko n’igisata c’Uburimyi mu Burundi citaweho gishobora gutera imbere.

Mu magara y’abantu, inyuma y’aho igihugu c’Ubushinwa gishikirije ibitaro vyo ku Mpanda vyubatswe ku ngabire y’Ubushinwa, ubuserukizi bw’ico gihugu bumenyesha ko babandanya bafasha mu gutanga ibikoresho hamwe n’abahinga babungabunga ivyo bikoresho.

Mu bikorwa vyimirije mu birangurwa n’ubuserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi, twobamenyesha umugambi wo kwubaka ingoro y’ikirimba c’umukuru w’igihugu c’Uburundi. YU XUZHONG yamenyesheje mw’ijambo ryiwe ko ata gihindutse, ibikorwa bitangurana n’umwaka buca dutangura w’2014.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.