Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigera y’indwara zo mu kanwa ica mw’ihuzwa ry’amate - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Imigera y’indwara zo mu kanwa ica mw’ihuzwa ry’amate

Imigera y’indwara zo mu kanwa ica mw’ihuzwa ry’amate

dimanche 14 Mukakaro 2013

Hari indwara nyishnshi zica mu kanwa abanyagihugu bandura ku kutamenya, ugasanga zimwe bazandujwe n’imigenzo. Ugusangira urukanywa bakoreshe imikenke, uguhonja inzoga, ugukoresha umukenke umwe muri benshi mu manza zitandukanye n’ibindi, aho bishobora gutuma umuntu yandura indwara atavyo yari azi.

Izo ndwara rero ngo n’inkorora, ibicurane, indwara z ‘ibigoga, n’izindi. Ugukoresha umukenke ntivyari bibi kuko biri mu migenzo y’abarundi, ariko kandi ni vyiza ko abanyagihugu bokwitwararika cane amagara yabo na cane cane ko indwara zica mu kanwa abanyagihugu benshi bazizi, kandi zibabaza cane. Iyo umuntu anyoye inzoga akoresheje umukenke ariko akaba ariwe atanguye kuwukoresha ni vyiza, ariko uwuja kuwukoresha irya kabiri, irya gatatu, irya kane ndetse kubandanya, nibo bashobora kwandura izo ndwara. Umukenke umuntu awushira mu kanwa iwe, imigera y’indwara zo mu kanwa nayo ica mu mate. Amate y’uwufise umugera w’indwara imwe muri izo, aca awusiga mu nkono canke mu kibido, abaza kunywa mu nyuma bose bakaba baranduye.

Ahandi naho abantu bashobora kwandurira izo ndwara, ngo ni iyo muriko murasangirira inzoga mu mabakure manini, hari intara zimwe bita ayo mabakure icuma. Muri ico gihe, uwunywa wese bamusaba gusoma akutsa, ndetse kandi ivyo biri mu migenzo. Iyo umuntu asoma adakutsa, kenshi ntaronka uwo basangira, ivyo bakabigira mu ntumbero yo kubuza abasomyi kudacira mu nzoga. Ariko abakurikirana ibintu n’ibindi, n’aho wokutsa gute ntihabuta utuyoga dusubira muyo muriko muranywa, abakutsa neza, baca bafata akanya gato umukenke bakawurabisha hasi, abatabizi n’abo bahejeje gukutsa baca basubiza umukenke mu rukanywa ubwo nyene.

Ubu hari imikenke y’ikizungu ku buryo mu rubanza umuntu wese bamuha umukenke wiwe, kandi vyari bikwiye ko no manza zo gusaba umugeni, gutanga umugeni, gutwikurura, n’izindi, umutu wese bomuha umukenke wiwe, ndetse bakamuha n’ibakure ryiwe mu ntumbero yo kurwanya indwara zica mu kanwa ziciye mw’ihuzwa ry’amate y’abantu


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.