Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Iminsi itatu gusa niyo ibendera rya MSD ryamaze rihungabana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega : Iminsi itatu gusa niyo ibendera rya MSD ryamaze rihungabana

Gitega : Iminsi itatu gusa niyo ibendera rya MSD ryamaze rihungabana

mercredi 22 Gitugutu 2014

Iminsi itatu yonyene, niyo ibendera rya MSD yari yinjiwe kuri uyu wa gatandatu w’indwi iheze ryamaze rihungabana i Bugendana.

Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega Epithace Nshimirimana akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko bari batangaye mu gihe bari babonye bataburagijwe n’abari mu mugambwe CNDD FDD mu kwinjira iyo ngoro, baca bibaza ko ivyo kubaragizwa vyahagaze. Ariko akaba yagiye gutangara aho muri iri joro rya keya ry’uwa 21 Gitugutu, ibendera ryabo ryibwe ndetse n’igiti caryo kikajanwa. Nshimirimana akavuga ko atabandi yikeka atari abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD kuko ari bo bashamiranye.

Twagerageje kurondera yaba Jovias Mbuzenakamwe arongoye komine ya Bugendana kuri ivyo vy’iryo bendera ry’umugambwe MSD, ariko ngendanwa yiwe ntiyashoboye kuyitaba. Umushingamateka Georges Nshimirimana arongoye umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Gitega we, agasaba umukuru w’umugambwe MSD gushengeza abamutwaye iryo bendera niyaba yababonye. Umushingamateka Nshimirimana Georges akaba nawe yabariye ikinyamakuru IGIHE ko muri rusangi umugambwe CNDD FDD ubanye neza n’iyindi migambwe, atanduru zama zihavugwa.

Ariko naho uwo mushingamateka avuga uko, mukibuka ko uwo arongoye MSD ataminsi yari ihaciye amenyesheje umukuru wa zone ya Buraza yaje gutegeka uwutwara zone ya Butezi ari kumwe n’imbonerakure, baraheza babuza abari mu mugambwe MSD kugira inama, ndetse bakaba baranarwanye, bamwe n’impuzu zirabatabukirako.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.