IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imyiteguro y’ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA igeze kure

Imyiteguro y’ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA igeze kure

lundi 9 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Naho mu mugambwe CNDD FDD batarerekana aho bahagaze ku gusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, amakuru atemerwa muri CNDD FDD avuga ko ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza kugeze kure, kandi ko n’imipira yanditseko "TORA NKURUNZIZA" yoba yaramaze gukoreshwa, bikaba mbere bivugwa ko yamaze gushikanwa i Bujumbura.

Mu mugambwe CNDD FDD boba bagejeje kure imyiteguro yo gutanga Petero Nkurunziza kugira azoserukire uwo mugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu Uburundi bwimirije. Amakuru ahari avuga ko indege itwara imizigo yururukiye, haraheze hafi indwi zitatu, ku kibuga c’indege ca BUJUMBURA. Ayo makuru avuga ko iyo ndege yarimwo amakontineri manini ane, arimwo imipira iriko ifoto ya Petero Nkurunziza, ikaba yanditseko "TORA NKURUNZIZA".
Ku nsamirizi Bonesha FM, Willy NYAMITWE umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ajejwe ibijanye no kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, akaba no mu murwi ujejwe gutegura amatora muri CNDD FDD, yarabeshuje ayo makuru, amenyesha ko abantu batanga ayo makuru boba baritiranije imipira yakoreshejwe mu matora y’2010.

JPEG - 42.5 ko
Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ajejwe ibijanye no kumenyesha amakuru

Ariko rero, yaba Petero Nkurunziza canke umugambwe CNDD FDD akomokamwo, babandanya kuterekana aho bahagaze, bakamenyesha ko ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza ari ikibazo c’amategeko kizotorerwa inyishu n’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora, hamwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Mu kurindira ingingo izofatwa n’umugambwe CNDD FDD, tubibutse ko ibihugu hamwe n’amashirahamwe atandukanye babandanya kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, kuko kwoba ari uguhonyanga ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’i Arusha. Muri abo badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, tubibutse igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, cabimenyesheje biciye kuri Russ Feingold, intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Russ Feingold, intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini, yamenyesheje ko igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kidashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza nk’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Muri ico kiganiro, intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini, Russ Feingold, yamenyesheje ko ukwitoza mu kiringo ca gatatu kwa Petero Nkurunziza kwobangamira inzira y’amahoro Uburundi bwafashe, hamwe n’intwaro rusangi mu Burundi. Russ Feingold yagarutse kugusaba ko amasezerano y’Arusha yokwubahirizwa, cane cane mu bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu. Kubwa Russ Feingold, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubiriye kwitoza mu kiringo ca gatatu yoba avuguruje amasezerano ya Arusha, kuko atomora neza ko ata mukuru w’igihugu n’umwe ukwiye kurenza ibiringo bibiri bitegekanijwe mw’ibwirizwa shingiro. Yagize ati : "Now although there is a constitutional provision that could be interpreted as permitting a third-term for the current President, this would run counter to the unambiguous language of the Arusha Accords, which states that no one may serve more than two Presidential terms."

JPEG - 39 ko
Russ Feingold, intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini

Egide Nduwimana

Messages

  • AHUBWO MWE MURASARA MUTAMA MURE TUMUTORE TWE TUZI ICO AMARIYE UBURUNDI NABARUNDI.IRYO SHARI RYOSE RIVA KUBIMARAMARE VYABA TUSI BATWAYE IMYAKA NIMYAKA NTIBUBAKE NIBARABARA RIBASHIKANA KURI PROVINCE.UWUZI NEZA IBARABARA MATANA BURURI NIWE AZI UBUBEGITO BWABA TUTSI.

  • ahubwo nani niwewe usara bo nuwo mugabo ashaka kwtoza akarenga ako ibwirizwa shingiro gategekanya. Akataretse kaba gasema!

  • None ugerageje gusigurira abakumviriza mr sisi ninki biki? De special yoba yarunguye uburundi? Ubwicanyi bukoregwa abanyagihugu nitotezwa vyaramunaniye gufata ingingo kandi kandi imbeba yonona iva munzu iwe. Natwe turipfuza kwigihugu cacu kiba mumahoro nimba atahura iyuburundi buriko burava niyo buriko buja ntabwo twipfuza gusubira mwihumbi arataruko turiteguye kujamwibarabara hama azorase turabe ubu turazi ikibabasha bigize ibinani turiteguye.

  • Mbega CNDD FDD irabuze ibindi bihangange vyodubirira Peter! Ntibabona KO arushe iyovobumvirije discours yiwe y’a 5/02/2015. Nibazako irya discours iteye isoni kumuru w’igihugu afise abahanuzi! N’akinjure baduhe mutama Rufyikiri canke ntavyohanyuma Pie bateze imbere igihugu.

  • bashingantahe bi bapfasoni mwekugendera kuri sentiment n’ibyiyumviro by’abanyamigamwe gusa ahubwo mubanze mumenye neza icyo amategeko avuga bitomoye. aho kugirango mwisamburireho nk’impene. abanyamerika n’abanyaburayi bose bareba ahari inyungu zabo ntarundi rukundo badufitiye. genocide muRda yayeguwe bareba ikorwa bareba ntacyo bibabwiye namwe rero ntibabateranye mumenye ubwenge mushyire hamwe. bne chance.

  • mbega uwomugabwe waba dd ubwonubwoba gusa bafise uwomugabo petero nkurunziza niwe bagenderaka wenye ntabandiba bafise mbega nkubu hamwe yocapfa aboba dd amatora ntiboyajamwo kuberiki batotanga uwundi ntawobafise?mbega hoho uwonkurunziza akogacerere arimwo nakiki natangarize abarundi namakungu kwatazitoza . mbega yobagomba kuba nkamugenziwe wa congo azobitangaze munyuma inkumbiyaguye nyakubahwa nkurunziza gerageza uvemugacerere ntute igihugu mukaga .ahandihoho ibararirarwa abanyagihugu bahasigubuzima namwe irahe komutazohakuragahanga kuko nubundi amatora yoyo mwebwe ntayo mutsinda gumana ivyomwivye murekerabandi canke bazobibake ....murakoz iyonimpanuro yagusa ndahay.

  • Basha,nahonagendeyenkabona,mbega Nyamitwe Nawe yiyunvirakoamatoraya2010 abarundi tutabona.Narekekwibesha Kuko imipiranibindivyakoreshejwemumyiyamamazoya2010 turabizi. Ahubwo,ahokumufashakugomba kurengakumategekoyibwirizwashingiro,nyamitweyarakwiyekumuhanura Umukuru Wigihugukugirangoyunve impanuro ziyontuwa Idasanzweya obama,kuko Agasozi nkintahanurwa kahiyeabagabobabona.Kandi Ahoyabukaranga Amakungu yarimusiyurujo.Narekiyomandaya3arekabandibatwarBasha,nahonagendeyenkabona,mbega Nyamitwe Nawe yiyunvirakoamatoraya2010 abarundi tutabona.Narekekwibesha Kuko imipiranibindivyakoreshejwemumyiyamamazoya2010 turabizi. Ahubwo,ahokumufashakugomba kurengakumategekoyibwirizwashingiro,nyamitweyarakwiyekumuhanura Umukuru Wigihugukugirangoyunve impanuro ziyontuwa Idasanzweya obama,kuko Agasozi nkintahanurwa kahiyeabagabobabona.Kandi Ahoyabukaranga Amakungu yarimusiyurujo.Narekiyomandaya3arekabandibatwarBasha,nahonagendeyenkabona,mbega Nyamitwe Nawe yiyunvirakoamatoraya2010 abarundi tutabona.Narekekwibesha Kuko imipiranibindivyakoreshejwemumyiyamamazoya2010 turabizi. Ahubwo,ahokumufashakugomba kurengakumategekoyibwirizwashingiro,nyamitweyarakwiyekumuhanura Umukuru Wigihugukugirangoyunve impanuro ziyontuwa Idasanzweya obama,kuko Agasozi nkintahanurwa kahiyeabagabobabona.Kandi Ahoyabukaranga Amakungu yarimusiyurujo.Narekiyomandaya3arekabandibatwarBasha,nahonagendeyenkabona,mbega Nyamitwe Nawe yiyunvirakoamatoraya2010 abarundi tutabona.Narekekwibesha Kuko imipiranibindivyakoreshejwemumyiyamamazoya2010 turabizi. Ahubwo,ahokumufashakugomba kurengakumategekoyibwirizwashingiro,nyamitweyarakwiyekumuhanura Umukuru Wigihugukugirangoyunve impanuro ziyontuwa Idasanzweya obama,kuko Agasozi nkintahanurwa kahiyeabagabobabona.Kandi Ahoyabukaranga Amakungu yarimusiyurujo.Narekiyomandaya3arekabandibatware.

  • Ako nagacinyizo!!Asangwa abafrika dufise ubwigenge vyukuri nibareke abanyagihugu tugire amatora.Ntitwase abitoza,nibareke Prezida yitoze,nabansi b’umugambwe biwe gutyo hanyuma twese abanyagihugu tuzohitamwo uwo dushaka kuko inyungu siyamakungu niyabarundi,asangwa ari iyamakungu abanyagihugu tureke gutora amakungu atangaze prezida.None demokarasi yirukana umuntu kubutegetsi adatsinzwe mumatora?Ubwo nubuja bwa kisaikolojia.

  • ARIKO SISI NTA SONI!!!! KO UVUGA NK UMWANA NONE KO HATWARA UMUHUTU ABAHUTU BAMEREWE NEZA???URI MUTO MU MUTWE BASI!!!!HANYUMA TWIFUZA ITERAMBERE KURI BOSE NTA VYA BAHUTU CANKE ABATUTSI AHANDI HO NTAHO TUJA..EREGA IVYO UVUGA NIYO NTUMBERO Y ABA DD ARIKO NTAHO MUZOSHIKA MWIYUMVIRA UKO.!!!!.HEWE NGO NTAWURONDERERA UMUKUNZI KU MUKUNZI W INDA VYUMVE RERO..ABA DD MWARAGOWE ..

  • Igikwiye Umuntu Wese Ni Ugukizwa Neza,ibisigaye Imana Niyo Nyen’ijambo

  • Niyitoze Tuzomutora Kuko Nuwacu Turamwemera

  • dusenger igihugu cac kuber kiri mubih bigoy

  • PERESIDENT NKURUNZIZA KUBWANZE MBONA YUKWO YOTWARA IMYAKA YOSE,

  • PERESIDENT NKURUNZIZA KUBWANZE MBONA YUKWO YOTWARA IMYAKA YOSE,

  • Uburundi yabushikiriy barabusambaguy ubu yabwubats ,ngobarabukeney,nkurunziz azokivak imwakayose ,azomarakwis,nitwetumutora.nibamurek uwuhaw nabant abahaw niman.bahinyanyur.nkakwakundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.