Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Imirayiridi 55,79 nizo zatojwe n’ikigo OBR mu kwezi kwa Ruheshi
Imirayiridi 55,79 nizo zatojwe n’ikigo OBR mu kwezi kwa Ruheshi
vendredi 4 Mukakaro 2014
Ikigo gitoza amatagisi OBR cashize ahabona amafranga cinjije muri ano mezi atandatu arangiye y’umwaka w’2014 . Muri kuno kwezi kwa Ruheshi turangije kikaba cinjije amafranga agera ku miriyaridi 55 n’imiriyoni 79 z’amafranga y’amarundi .
Ikigo gitoza amatagisi OBR(Office Burundais des Recettes) cashize ahabona itangazo c’amatagisi cinjije muri ano mezi atandatu arangiye y’umwaka w’2014. Muri kuno kwezi kwa Ruheshi twaraye turangije kikaba catoje amatagisi angana n’amafranga agera ku miriyaridi 55 n’imiriyoni 79 z’amafranga y’amarundi , ni ukuvuga ko hongeyeko imiriyaridi 2 n’imiriyoni 25 z’amarundi , ibice 4,18 kw’ijana.
Mu kigo OBR bakavuga ko muri aya mezi atandatu bashoboye gutoza amafranga angana nayo ico kigo catojeje umwaka wose w’2009 . Ico kigo kikaba ciyemeje kubandanya igikorwa caco ciyemeje co gukingira amatagisi kugira bishoboke bateze imbere ubutunzi bw’igihugu hamwe no guteza imbere ibikorwa vy’abikorera utwabo hano mu Burundi.
Floxella Karire
Messages
6 Mukakaro 2014, 13:11, par NKUNDUBURUNDI Ndayihypolite
Nvyiza caane ko Abarundi turi kwemera gutanga ibuye mukwiyubakira igihugu dutanga ama Taxes. Ariko ejo bundi nagiye kuriha umusoro harya haruguru ya Palais des Arts, ndavuga kuri Province, ariko naramaramaye kubona ahantu bantu begeranya amafranga y’igihugu cikukiye il ya 50 ans bakorera mumucafu ungana kuriya.Icumba bakoreramwo giheruka akarangi muri 72, hasi harabomaguritse, ibi cartons hejuru y’abatikabunzwe, ivumbi, ...eka umwanda urarenze. None nivyo ko Abarundi turi ba Gisanumwavu? Reta yarabuze amafranga yo gufasha abakozi begeranya amafranga yayo ngo bakorere ahantu heza? Abanyamahanga baza kuriha Taxes, ntibagaya Uburundi, bahereye kuri Nyenicubahiro?