Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirimo yatanguye ukuri kwamye mu kigo co ku Mutanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Imirimo yatanguye ukuri kwamye mu kigo co ku Mutanga

Imirimo yatanguye ukuri kwamye mu kigo co ku Mutanga

vendredi 9 Rusama 2014

Kaminuza y’Uburundi yahora muri yegereyegere yari yatumwe n’ihinduka ryo gutanga agafashanyo Bourse gahabwa abanyeshuri, imirimo yasuburiye gutangura ukuri kwamye. Mu kigo co ku Mutanga, ibisata biriko birakora imirimo ya minsi yose nk’uko bisanzwe.

Akamo katewe n’abaserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi ko gusubira ku mirimo, biraboneka ko kitabwe n’abanyeshuri. Igihe twaja mu kigo co ku Mutanga gisanzwe kirimwo igice kinini c’abanyeshuri, haboneka abanyeshuri bariko barihereza icayi nk’uko vyahora vyama bimeze. Mu ndaro naho haboneka uruja n’uruza, bamwe bamesura ivyambarwa n’ivyo baryamamwo, abandi bagenda ahari amasomero. Dushitse ku masomero, hamwe bariko bariga ahandi naho abanyeshuri bavuga ko ari umwigisha atarashika.

Naho biri uko, bamwe mu banyeshuri batubwira ko hatashobora kuboneka igitigiri nk’icahahora kuko abatari bake bari bahejeje umwaka, bamwe muri abo bahejeje twahura bagenda mu nzu y’ibitabo (Bibliothèque). Ikindi naco, ni uko na ka gafashanyo basaba k’amezi abiri bivugwa ko kataraja aho bahemberwa (comptes).

Tubibutse ko abanyeshuri bahagaritse ivyigwa kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante, bitumwe n’uko hari hasohotse ibwirizwa rivuga ihinyanyurwa ryo gutanga imfashanyo ya Bourse. Iryo bwirizwa ryavuga ko abanyeshure bagera ku 8500 ku 18000 bashobora kuronka Bourse, muri abo nyene 2500 gusa nibo boronkejwe iyo Bourse umwaka wose, naho nyene uwunaniwe rimwe ntasubire kuronka. Inyuma y’iyo ngingo yatumye ivyigwa bihagarikwa, abanyeshuri baciye birukanwa mu bigo vyose vya kaminuza y’Uburundi n’ishure nderabigisha ENS.

Reta imaze gutezura zimwe mu gingo zari muri iryo bwirizwa, hakanarekurwa abanyeshuri bari mw’ibohero, hakaba n’inama yahuza umushikirangaji n’abigisha ba Kaminuza, abanyeshuri baciye batera intamwe bagaruka ku mirimo ariko bemeranya ko bazobandanya ibiganiro.


Chérif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.