Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruhuhuma : Umwimbu wa OBR ugera ku miriyaridi 43,84 z’amarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ruhuhuma : Umwimbu wa OBR ugera ku miriyaridi 43,84 z’amarundi

Ruhuhuma : Umwimbu wa OBR ugera ku miriyaridi 43,84 z’amarundi

mercredi 4 Ntwarante 2015, par IGIHE

Amafaranga agera ku miriyardi 43,84 niyo yatojwe n’ikigo OBR (Office Burundais des Recettes) muri kuno kwezi kurangiye kwa Ruhuhuma. Kuyo bari bategekanije gutoza muri ukwo kwezi, hakaba haburako imiriyaridi 2,14 z’amafaranga y’amarundi, kuko bari biteze imiriyaridi 45,98 z’amarundi.

JPEG - 61.9 ko
Domitien Ndihokubwayo arongoye ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ikigo OBR kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 3 Ntwarante, bavuga ko umwimbu wiyongereye ku bice 7,69 ugerereranije n’ayatojwe ico kiringo nyene mu mwaka uheze w’2014, ni ukuvuga ko hongeyeko amamiriyaridi 3,13 z’amarundi.

Muri iryo tangazo, ikigo OBR kirerekana umwimbu wagiye uratangwa mu mezi abiri atangura umwaka kuva mu mwaka w’2012 gushika muri uno mwaka w’2015.

Tugereranije n’amafaranga yagiye atozwa mu kwezi kwa Ruhuhuma naho, umwimbu wa OBR muri Ruhuhuma mu mwaka w’2014 ni imiriyaridi 40,7 z’amarundi, mu mwaka w’2013 imiriyaridi 34,7, mu mwaka w’2012 imiriyaridi 36,1.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.