Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imiriyaridi 58,33 z’amarundi : Umwimbu wa OBR w’ukwezi kwa Munyonyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Imiriyaridi 58,33 z’amarundi : Umwimbu wa OBR w’ukwezi kwa Munyonyo

Imiriyaridi 58,33 z’amarundi : Umwimbu wa OBR w’ukwezi kwa Munyonyo

jeudi 4 Kigarama 2014

Amafaranga angana n’imiriyaridi 58,33 y’amarundi niyo yatojwe n’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR (Office Burundais des Recettes) mu kwezi kwa Munyonyo.

Kuyo bari bategekanije kuzotoza muri kuno kwezi, hakaba hiyongerako amafaranga agera ku miriyaridi 5,41 z’amarundi, ni ukuvuga ibice 10,22 kw’ijana. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohotse kuwa 2 Kigarama, rikaba ryateweko igikumu na Edmond Bizabigomba, icegera c’umukuru w’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR.

Nk’uko iryo tangazo rivyerekana, ikigo OBR kikaba carashoboye gutoza umwimbu mwinshi ugereranije nayo cari catoje muri uko kwezi nyene mu mwaka uheze, kuko hiyongereyeko imiriyaridi zigera kuri 16,41 z’amafaranga y’amarundi, ni ukuvuga ibice 39,14 kw’ijana.

Kuva mu ntango z’umwaka w’2014 gushika mu kwezi kwa Munyonyo naho, ikigo OBR kikaba catoje amafaranga agera ku miriyaridi 588,5. Ayo mafaranga akaba arenga kandi ayari yatojwe gushika mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka urangiye w’2013.

Tubamenyeshe ko amafaranga yagiye atozwa mu mezi 11, yagiye yiyongera uko umwaka utaha nk’uko bibandanya bigaragara muri iryo tangazo. Aho mu mwaka w’2011 umwimbu wavuye ku miriyaridi 433,88, uja ku miriyaridi 486,69 z’amarundi mu mezi cumi na kumwe yo mu mwaka w’2012. Mu mwaka w’2013 ikigo OBR kikaba cashoboye gutoza 505,49. Uno mwaka w’2014 kikaba catoje imiriyaridi 588,58 z’amarundi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.