Accueil > Ubutunzi > Imiriyaridi 67,36 umwimbu w’ikigo OBR muri Ntwarante
Imiriyaridi 67,36 umwimbu w’ikigo OBR muri Ntwarante
vendredi 3 Ndamukiza 2015, par
Amamiriyaridi 67,36 niyo mafaranga yatojwe n’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR, muri kuno kwezi kwa Ntwarante turangije. Imiriyaridi 9,34 akaba ariyo yarengako kuyo bari bategekanije gutoza muri ko kwezi, imiriyariidi 58,03 z’amarundi.
- Dmoitien Ndihokubwayo arongoye ikigo OBR
Nk’uko biri mw’itangazo ryatewe ko igikumu, n’umuyobozi w’ico kigo Domitien Ndihokubwayo, kuri uno wa kane, igenekerezo rya 2 Ndamukiza. Muri iryo tangazo bavuga ko begeranije n’amafaranga batoje mu mwaka uheze ico gihe nyene, harengako imiriyaridi 22,22 z’amarundi , bivuga ko hatojwe imiriyaridi 49,23 kw’ijana.
Muri rusangi rero ,kuva mu kwezi kwa Nzero uno mwaka , ikigo OBR cegeranije amakori agera ku 166,26. Ivyo biharuro bikaba birenga kure niyo ivyari vyategekanijwe, imiriyaridi 5,30 zikaba arizo zirengako.
Mu kigo OBR bagereranije ayari yatojwe ico kiringo nyene mu mwaka urangiye akaba ari imiriyaridi 28,27 n’ukuvuga ibice 20,48 kw’ijana.
Floxella Karire
Messages
3 Ndamukiza 2015, 14:44, par Nuwera
Mwemur’akubukeza nakazoza keza mukonere kwibamga.
3 Ndamukiza 2015, 22:44, par gihahe
Aho’bababanize
Abadandaza’OBR’
Niy’igisibije