Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imiriyoni 5 z’abafaransa ziba mu bunyakamwe budasanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imiriyoni 5 z’abafaransa ziba mu bunyakamwe budasanzwe

Imiriyoni 5 z’abafaransa ziba mu bunyakamwe budasanzwe

samedi 29 Ruheshi 2013

Baca umugani mu kirundi bati : " Umubanyi niwe muryango, ubugirigiri bugira babiri, tubiri tuvurana ubupfu" n’iyindi n’iyindi. Iyo yose ni imigani yerekana ko abarundi bamye banka ubunyakamwe. Burya kugira umugenzi mu buzima ni vyiza cane kuko ashobora kuguterera mu vyiyumviro, akagufasha mu bikugoye. Kubw’ishirahamwe ry’abafaransa ryakoze amatohoza, ibice 12 kw’ijana vy’abanyagihugu bo mu Bufaransa bari mu bunyakamwe burengeje urugero, ubwo bunyakamwe bukaba bufata cane abakene n’abakiri bato.

Imiriyoni zitanu z’abafaransa baba mu bunyakamwe butagira izina, ivyo nivyo vyavuye mu tohoza ryakozwe n’ikigo c’abafaransa bita "Fondation France", aho bakoreye ku bantu bashika ibihumbi bitanu bafise hagati y’imyaka 18 kurenga. Ico cigwa cerekanye ko ibiharuro biteye ubwoba vy’abantu batigeze bagira imigenderanire mu kibano. Mu mirwi itanu y’ikibano ari mu muryango, mu kazi, mu bagenzi haciye haboneka umuriyoni w’abantu bibana mu gihugu c’Ubufaransa.

Imvo rero nyamukuru akaba ari nk’urupfu rw’uwo muba mwubakanye, gukurwa mu kazi, kwahukana, kwimuka canke ingwara. Inkomoko y’uko kuba umuntu ari wenyene ni nyinshi. Umuntu umwe kuri batatu mu bufaransa usanga afise umuntu umwe gusa usanga bafitniye imigenderanire nk’uko bibandanya bivugwa n’abakoze ayo matohoza.

N’aho umuryango ari ikintu gikomeye mu bafaransa, mu bisanzwe imigenderanire yabo irakunda gutosekara igasubira inyuma. Abakunda kuvugwa ni abahukana biyongera cane. Muri ico gihugu umuntu 1 kuri 4 usanga ata mugenzi n’umwe afise, ivyerekeye ababanyi naho nyene usanga abafaransa 3 kuri 10 ata muntu n’umwe bafise bavugana, haba mu babanyi, ubu bakaba bageze kuri bane kw’icumi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.