Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umirwi w’Intamba mu rugamba warungitswe kuzana intsinzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umirwi w’Intamba mu rugamba warungitswe kuzana intsinzi

Umirwi w’Intamba mu rugamba warungitswe kuzana intsinzi

dimanche 24 Munyonyo 2013

Umurwi nserukira guhugu w’umupira w’amaguru kumwe n’uwo mu mupira w’amaboko wa Volleyball bararungitswe n’umushikiranganji w’inkino n’imicokama kuzana intsinzi mu mahiganwa iyo mirwi igiyemwo. Bamwe bagiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa rya CECAFA abandi mw’ihiganwa rya Vollyball mugihugu c’Urwanda.

JPEG - 4.7 ko
Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’inkino n’imicokama

Umushikiranganji w’inkino n’imicokama, Adolphe Rukenkanya, yarabonanye n’imirwi ibiri nserukiragihugu, “Intamba mu rugamba. Umurwi wa mbere akaba ari, umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru. Uwundi nawe akaba ari umurwi nserukira gihugu mu mupira w’amaboko wa Vollyball. Uwo murwi w’”Intamba mu rugamba” ukaba ugiye kuja guserukira igihugu c’Uburundi mu mahiganwa.

Intamba mu rugamba, umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru ukaba ugiye guserukira igihugu mw’ihiganwa rya CECAFA rigiye kubera mu gihugu ca Kenya. Umurwi wa Volleyball nawo ukaba ugiye guserukia igihugu mu mahiganwa y’urwo rukino agiye kubera mu gihugu c’Urwanda.

Kuri uwo murwi, umushikiranganji, Adolphe Rukenkanya akaba yaratekereye impanuro “Intamba mu rugamba” zigiye guserukira igihugu. Yarabahaye ndetse n’ibendera ry’igihugu, ikimenyetso co bibutsa igikorwa gikomeye bagiye kurangura muri ayo mahiganwa bagiye kwitaba. Umushikiranganji akaba yabamanenyesheje ko, aho bazoba bariko barakina, bokwamiza na ntaryo ku muzirikanyi ko bariko bakinira igihugu cabo. Umushikiranganji Rukenkanya akaba yasozereye ijambo ryiwe atanga icipfuzo cuko bosubira guhura bigina intsinzi iyo mirwi y’Intamba mu rugamba izoba yatahukanye.

Ihiganwa rya CECAFA rikaba rigiye gutangura kuwa 27 Munyonyo mu gihugu ca Kenya. Ibihugu 12 bikaba arivyo bihiganirwa igikombe c’iryo higanwa. Uburundi bukaba buri mu murwi wa B. Aho burikumwe n’ibihugu vya Tanzaniya, Somaliya hamwe na Zambiya. Mwomenya kandi ko, muri uwo mubonano, abanonotsi, Diane NUKURI Johnson na Francine NIYONSABA, abigeme bamaze iminsi batera iteka igihugu mu makungu, bari bitavye kugira bashigikira bagenzi babo mu vy’inkino.

Urutonde rw’abakinyi cumi n’umunani batowe kugira bazokwitabe ihiganwa rya CECAFA ni Arthur Arakaza, Yvan Rugumandiye,Issa Hakizimana, Fréderic Nsabiyumva, Rachid Harerimana, Hassan Hakizimana , Yussuf Ndikumana, Gaël Duhayindavyi, Fiston Aboulrazk, Christophe Nduwarugira, Célestin Habonimana, Pascal Hakizimana, Léopold Nkurikiye,Chassir Nahayo, Mossi Moussa, Claude Ndarusanze, Jean Nduwimana na Hussein Shabani.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.