Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi y’Uburundi iratangura inkino za mbere muri CECAFA KAGAME Cup (...)
Imirwi y’Uburundi iratangura inkino za mbere muri CECAFA KAGAME Cup 2014
samedi 9 Myandagaro 2014
Inkino zihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo yaraye itanguye inkino za mbere za CECAFA KAGAME Cup 2014. Uburundi bwaserukiwe n’imirwi ya Vital’o na Atletico yasubiriye Flambeau de l’Est. Inkino mushobora kuzikwirikirana ku nsamirizi y’igihugu.
Inkino za mbere za CECAFA KAGAME Cup 2014 zuguruwe n’inkino zikwirikira :
Atlabara (Sud Soudan) yanganije na KMKM (Zanzibar) igitsindo 1-1
KCCA (Ouganda) yatsinze Gor Mahia (Kenya) 2-1
Rayons Sport (Rwanda) yanganije na Azam(Tanzanie) 0-0
Uno munsi kw’igenekerezo rya 09, inkino zitunganije uku gukwirikira :
Isaha indwi : Vital’o (Burundi) ikina na Benadir (Somalie)
Isaha icenda : Police FC (Rwanda) ikina na El Merreikh (Sudan)
Isaha cumi n’imwe : APR FC (Rwanda) ikna na Atletico Olympic (Burundi)
Amashusho y’urukino rwahuje KCCA (Ouganda) na Gor Mahia (Kenya)
- {{KCCA}} (Ouganda) bambaye izisa n’akaruru {{Gor Mahia}} (Kenya)bambaye urwatsi rubisi
.
Cherif Nkeshimana
Messages
9 Myandagaro 2014, 15:43, par kiki
nifurij amahirw vital.o yacu yiburundi.
11 Myandagaro 2014, 08:19, par Gahungu Marc
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu burundi ko bashimye kurigira iry’umugambwe mwari muzi ko Réverien hari ico azorimarira? mureke asambure imirwi yose arabe ko rwiwe wotera imbere kumwe basambura imigambwe ngo ntihagire uwo bahiganwa mu matora. nzoba mbona iyo biherera! Ariko akataretse karasema.
11 Myandagaro 2014, 15:44, par cyprien
atletico yo niyitahire, ubusuma ntawe bwereye! équipe ya fédération, waruzi?
KOMERA SHA VITAL’O