Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Messager Ngozi na Lydia Ludic zakuye meza mu mahiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Messager Ngozi na Lydia Ludic zakuye meza mu mahiganwa

Messager Ngozi na Lydia Ludic zakuye meza mu mahiganwa

lundi 2 Ntwarante 2015

Umurwi wa Lydia Ludic Sport for Africa ntiwashoboye kubandanya mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo. Urukino rwo gusubiza i Luanda, umurwi wa Kaburscop de Palanca wacinyiye urugendo Lydia Ludic mukuwutsinda 1 ku busa. Eka na Messager Ngozi yaratsinzwe i Benfica.

Mu rukino rwa mbere rwahuje imirwi ya Lydia Ludic na Kaburscop do Palancas wo muri Angola. Iyo mirwi yakinye mu nkino za Afrika zihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo. Mukibuka ko Lydia Ludic yabaye iya mbere inyuma y’aho Flambeau de l’Est ihawe ibihano.

Umurwi wa Lydia Ludic wagiye i Luanda kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma, mu rukino rwo gusubiza urwari rwabereye i Bujumbura, aho iyo mirwi yanganije 0-0. I Luanda siko vyagenze kuko umurwi wa Lydia Ludic watsinzwe 1-0. Ukwo gutsindwa kwatumye uca usezera amahiganwa ukiri mu nkino z’ikurakuranamwo. Icizere abarongoye umurwi bari bafise nk’uko vyavugiwe mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kw’igenekerezo rya 09 Ruhuhuma 2015, camaze umwanya urume rumara.

Lionel Simerdjan nyene umurwi n'abakiyi biwe i Luanda

Kuri iryo genekerezo rya 28 Ruhuhuma nyene, ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore, hari hategekanijwe urukino rwahuza Messager Ngozi na Benfica wo muri Angola. Urukino ntirwabaye kubera imvura nyinshi yaguye amasaha urukino rwari kubera maze rwungururizwa ku w’Imana igenekerezo rya 01 Ntwarante. Messager Ngozi yahavuye itsindwa na Benfica 1-0.

Muri urwo rukino rwo gusubiza, urwa mbere Benfica yatsindiye iwabo Messager Ngozi 2-0, iyo ya nyuma nayo yasezeye amahiganwa ya "Coupe des Confederations".

JPEG - 191.5 ko
Stade Prince Louis Rwagasore yuzuye amazi

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.