Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo c’uburyo caheze, imirwi ya Berco Stars n’Urunani yitavye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikibazo c’uburyo caheze, imirwi ya Berco Stars n’Urunani yitavye (...)

Ikibazo c’uburyo caheze, imirwi ya Berco Stars n’Urunani yitavye inkino

lundi 25 Myandagaro 2014

Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama yamenyesheje ko imirwi y’umupira w’amaboko "Basketball" Urunani na Berco Stars yashoboye kuronswa uburyo bwo kwitaba inkino zo mu karere ka gatanu. Kabaye n’akanya keza ko gushimira abanonotsi bari mu mahiganwa mu Bushinwa. Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya avuga ko ingorane ziri mu mashirahamwe zigiye gutorerwa umuti vuba.

Mu gihe amahiganwa ya karere ka gatanu (Zone 5) mu mupira w’amaboko "Basketball" yatanguye uno munsi kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro, imirwi y’Uburundi yategerezwa guseruka muri izo nkino ntiyari bwaronswe uburyo kugira yitabe izo nkino. Imirwi y’Urunani, ari nawo wa mbere mu karere na Berco Stars yategerezwa kuba iri i Mombasa. Icizere co kwitaba izo nkino cari gike kuko mu bushikiranganji bw’inkino nta buryo bari bafise, nk’uko Adolphe Rukenkanya abivuga, amahera yogufasha mu nkino zo hanze yaraheze.

Nk’uko uwo mushikiranganji abandanya abivuga, kugira abakinyi bashobore kwitaba inkino, bikoze ku mukuru w’igihugu, maze iyo mirwi irashobora kuronswa uburyo bwo kwitaba izo nkino. Umurwi w’abagore n’abigeme Berco Stars wafashe indege ejo haheze kw’igenekerezo rya 25 Myandagaro, umurwi w’abagabo Urunani nawo ufise urugendo isaha imwe y’ijoro kuri iryo genekerezo nyene.

Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya arashimira kandi cane abanonotsi bari i Nanjing mu gihugu c’Ubushinwa, mu nkino mpuzamakungu zo kwinonora imitsi. Aha avuga Thierry Ndikumwenayo aherutse kuronka umudari wa "Argent" mu kuronka ikibanza ca kabiri mu kwiruka imetero ibihumbi 3000, yagize umwanya w’iminota munani amasegunda atandatu n’ivy’ijana bitanu(8’6" 5""), Rodrigue mu metero ibihumbi 5000 yaronse ikibanza c’indwi.

Ku kibazo c’umuti w’ingorane z’uburyo zama zishikira imirwi y’uburundi hageze ko ija mu makungu mu mahiganwa bigatuma abakinyi b’Abrundi bataronka ibibanza vyiza, Rukenkanya yishura ko bidakunze kuba, ariko ubu vyatumwe n’uko amahera y’inkino zo hanze ubushikiranganji bwahawe yaheze. Nta muti urama abona kuko nta bushikiranganji bwigera bwikwiza. Aha aranavuga umurwi wa Karate wasivye urugendo kubera amahera yabuze.

Adolphe Rukenkanya avuga ko ingorane ziri mu mashirahamwe y’abanonotsi( Atletismes) no mu yandi mashirahamwe nk’ay’abasiganwa ku makinga zigiye gutorerwa umuti vuba. Akura inkoni ku gishitsi ko atazokorana n’amashirahamwe akumira.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.