Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imishamirano yavutse hagati y’imiryango y’umwana wa Whitney Houston - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Imishamirano yavutse hagati y’imiryango y’umwana wa Whitney Houston

Imishamirano yavutse hagati y’imiryango y’umwana wa Whitney Houston

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Mu gihe umwana wa Whtiney Houston yatowe yasomye nturi mu mazi ari mu bwogero bwiwe, n’ubu aracakitswe n’amagara vyongeye ntaratora akenge.

Igenekerezo 31 nzero niho umwana wa Whitney Houston yatowe n’umugabo wiwe yasomye nturi ari mu bwogero bwiwe, akaba yaciye atabaza ningoga uwo mukobwa ari indembe.Abaganga basanze yaragize ingorane mu bwonko bwiwe, vyatewe n’uko yamaze umwanya munini atariko arahema.

Gushika ubu Bobbi ntaratora akenge, mugabo abaganga bakavuga ko amagara yiwe ariko asa nkayamera neza bukebuke. N’ubwo biri uko, amatohoza yakozwe n’igiporisi yatoye ibiyayura mutwe mu nzu ya Bobbi naho imbere vyari vyavuzwe ko atavyo batoye kandi n’umuryango wiwe ukemeza ko yaramaze igihe atavyo afata, bikavugwa ko ari mu vyatumye Bobbi agira iryo sanganya.

Si ivyo gusa, imishamirano hagati y’umuryango wa Whitney Houston hamwe n’umuryango w’umugabo wiwe , Bobby Brown yadutse mu gihe Bobbi yahinduriwe ibitaro yahora arwariyemwo. Bobbi Kristina Brown yatwawe mu bitaro vyitwa Emory University Hospital mu gisagara ca Atlanta, aho iryo vuriro ari karuhariwe mu kuvura ingorane zo mu mutwe (problemes neurologiques).Mugabo imiryango imwe ya Bobbi ntiyakiriye neza ihindurwa ry’ibitaro vya Bobbi mbere bitera icuka kibi hagati y’iyo miryango, batangura kubuza bamwe kwinjira mu cumba Bobbi arwariyemwo.

Bobbi Kristina Brown n'abavyeyi biwe, Whitney Houston na Bobby Brown

Mu matohoza ariko arakorwa arerekana ko umukobwa wa Whitney Houston atagendana n’abantu bafise ingeso nziza mu gihe umuhungu yamutoye n’umugabo wiwe mu bwogero, yigeze gupfungwa azira kuba yarugaranye umukobwa bagendana mu nzu barimwo hama akamuha ibiyayura mutwe kugira ashobore kumukorera ivyo ashaka.Ivyo bikerekana ko umukobwa wa Whitney Houston atigeze ahagarika gufata ibiyayura mutwe nubwo yabonye ivyashikiye nyina wiwe.

Mwomenya ko Bobbi Kristina Brown yagiye kwibonekeza cane ko afata ibiyayura mutwe mu gihe nyina wiwe apfuye.

Abantu benshi banditse ku ngurukana bumenyi basaba Imana ko uwo mukobwa wa Whitney Houston yokira.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.