Accueil > Amagara y’abantu > Imiti ya ménopause ishobora gutera indwara ya kanseri
Imiti ya ménopause ishobora gutera indwara ya kanseri
samedi 14 Ruhuhuma 2015, par
Imiti ya ménopause irashobora gutera indwara ya kanseri, nk’uko mu bushakashatsi bwakoze kuri kaminuza ya Oxford basuzumye ibimenyetso batororokanije hirya no hino kw’isi, ku bagore bafata iyo miti ya ménopause.
Abo bashakashatsi basanze ku bagore 1000 bamaze imyaka itanu bafata imiti yo kugabanya ingaruka za ménopause kuva ku myaka 50 y’amavuka, hiyongerako umwe ku bashobora kurwara kanseri yo muri ovaire. Abo bashakashatsi basanze kandi iyo miti ihagaritswe, ivyago vyo gushobora gufatwa n’iyo kanseri bigabanuka.
Iyo miti bita HRT ifatwa n’abagore bageze mu myaka yo guca imvyaro, baba bipfuza kugabanya ingaruka baterwa n’igabanuka ry’imisemburo y’ubugore canke hormones, rishobora kubangamira ubuzima bwabo bwa minsi yose.
Vyari bisanzwe bimaze kumenyekana ko iyo miti ya HRT ifitaniye isano no kwiyongera kw’ivyago vyo kwandura kanseri yo mw’ibere.
Floxella Karire