Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imodoka igendera hejuru y’izindi yatanguye kugeragezwa mu Bushinwa
Imodoka igendera hejuru y’izindi yatanguye kugeragezwa mu Bushinwa
jeudi 4 Myandagaro 2016, par
Uruja n’uruza rw’imiduga mu gihugu c’Ubushinwa rurabangamiwe n’ubwinshi bw’imiduga hamwe n’abantu bagera ku muriyaridi baba muri ico gihugu, kandi benshi muribo bakaba bafise imiduga, ivyo bigatuma benshi bacererwa ku kazi, canke mu yindi mirimo baba bagiyemwo. Abashakashatsi bo muri ico gihugu batoye ubuhinga bw’ingene bohangana n’ico kibazo, bakaba bakoze imodoka ifise ubushobozi bwo kugendera hejuru y’izindi (Transit Elevated Bus, TEB).
- Uruja n’uruza rw’imiduga mu gihugu c’Ubushinwa rurabangamiwe n’ubwinshi bw’imiduga hamwe n’abantu bagera ku muriyaridi baba muri ico gihugu
Iyo modoka yatangiye gukorerwa igeragezwa muri iyi ndwi, ikaba ifise burebure bwa n’imetero 22 , ubwaguke bw’imetero 7.8 ndetse n’uburebure uja hejuru bungana n’imetero 4.8, ikaba ifise kandi ubushobozi bwo gutwara abantu amajana atatu.
Ukuntu iyo modoka ikoze gutuma ishobora guca hejuru y’izindi modoka, ari navyo bituma itanga icizere co kugabanya uguteba mu nzira kubera ubwinshi bw’imiduga.
Igeragezwa rya mbere ry’iyo modoka ryabereye mu gisagara ca Qinhuangdao giherereye mu majaruguru y’Ubushinwa, mu Ntara ya Hebei.
Ibihugu bitandukanye birimwo Brezil, Ubufaransa, Ubuhindi hamwe na Indonesia bikaba vyatangiye kugaragaza ko vyifuza imodoka ikozwe muri ubwo buhinga.
- Iyo modoka ifise ubushobozi bw’ugutwara abantu amajana atatu
IGIHE
Messages
4 Myandagaro 2016, 15:10, par (@)
NTAKONDI J
4 Myandagaro 2016, 15:13, par Kanyosha
Neza gose.
4 Myandagaro 2016, 16:03, par Nijimbere
Bararaba Ntizoteze Isanganya Kuko Nimbonekarimw Kuko Nahitaniwe Ni Ndege.
4 Myandagaro 2016, 17:26, par Clava
iryo niryo bita iterambere kuko iterambere iyo rinaniwe gukora akazi rijejwe canke rijagakora nabinabi haronderwa ubuhinga bwo gukosora gurtyo ibintu bikagenda neza
4 Myandagaro 2016, 17:51, par kow boys
Iyo Modoka Yarikenewe No Muburundi Kweri!
4 Myandagaro 2016, 19:36, par jerome
iy.imodoka nimba ikoze nk,indege.
5 Myandagaro 2016, 06:46, par J.BOSCO NSABIMANA
Nibabandanye baja imbere natwa ba Runditurinyuma yabo
5 Myandagaro 2016, 09:28, par Peace
Abo nisawa apana abishinga gutegura imigambi yubwicanyi ahogutegura iyiterambere nkiryo
5 Myandagaro 2016, 10:29, par ndambembone
mubushinwa imiduga yobaye iyacu bayigumijeyo none batanguye kubura aho bayihagarika
5 Myandagaro 2016, 10:29, par ndambembone
mubushinwa imiduga yobaye iyacu bayigumijeyo none batanguye kubura aho bayihagarika
6 Myandagaro 2016, 23:51, par Rukundo jean Claude
Abashinwa basazekubuhinga
Basigaje gukoriyigendera mumazi
Oyanivyo ntiboreka gukorivyiza nkivyo nakare nibenshi kwisi
8 Myandagaro 2016, 06:47, par KANUMA
bikabarivyo kokoikabibahobizobabitangajecane
8 Myandagaro 2016, 07:25, par HAFASHI.
ABONISA. HARIHO.ABAKORA. IMIGAMBIYOGUCA. ABANTU.IMITWE. HAKUGIRA.NGOBAKORE. ITERAMBE. NUKUNWA.AMARASO.YABENEWABONISA. HARIHO.ABAKORA. IMIGAMBIYOGUCA. ABANTU.IMITWE. HAKUGIRA.NGOBAKORE. ITERAMBE. NUKUNWA.AMARASO.YABENEWABO
8 Myandagaro 2016, 18:39, par EZECHIEL
NOVYEMELA.NINDEGEYALAKOZWE