Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imodoka yari ijanye Mandela kwa muganga yagize ibibazo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imodoka yari ijanye Mandela kwa muganga yagize ibibazo

Imodoka yari ijanye Mandela kwa muganga yagize ibibazo

samedi 22 Ruheshi 2013

Leta ya Afrika y’epfo yatangaje ko imodoka itwara indembe yari ijanye Nelson Mandela kwa muganga mu ntango za kuno kwezi yagiriye ibibazo vya moteri mu nzira, biba ngombwa ko bamurungikira iyindi.
Umuvugizi wa Leta ya Afrrika y’epfo nta nsiguro yatanze ku mwanya waheze imbere y’uko iyindi modoka itwara indembe imushikira.

Ico yamenyesheje n’uko ata ngaruka mbi vyagize ku buzima bwa Mandela.
Hari amakuru ariko yatangajwe n’ikinyamakuru CBS kandi yemezwa na BBC avuga ko Mandela yamaze muri iyo modoka iminota mirongo ine arindiriye ko iyindi imushikira.

Nelson Mandela w’imyaka 94 y’amavuko ari mu bitaro i Pretoria aho ari kwivuriza indwara y’amahaha akunda kurwara kandi amakuru amenyesha ko yakomeje kuremba cane.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.