Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impamvu 6 zituma umuntu yipfuza gushinga urugo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Impamvu 6 zituma umuntu yipfuza gushinga urugo

Impamvu 6 zituma umuntu yipfuza gushinga urugo

lundi 25 Ntwarante 2013

Kurondera uwo mwubakana ni kimwe mu bintu vyerekana urukundo ruba ruri hagati y’umugabo n’umugore canke umusore n’inkumi, maze rukaja ku mugaragaro abantu bakabimenya.

Mu masezerano y’ urukundo umwe wese yemerera uwundi ko bazobana mu vyiza no mu bibi, mu mahirwe no mu marushwa, barwaye canke bakomeye. Abenshi mbere bongera bakabwirana ko bazobana kushika bapfuye.

Ivyo ubibonye canke uvyumvise ushobora kwiyumvira ko vyoroshe, ariko ubiravye neza si ibintu vyoroshe ko abantu bahuye bose bakuze bashobora kubana mu mahoro, mu munezero, mu bukene vy’urugo kushika bapfuye kuko harimwo nabo binanira bagatandukana kandi bari baravyiyemeje.

Zimwe mu mpamvu zituma abantu bafata ingingo yo kwubaka urugo.

1.Gukunda no gushaka gukundwa

Abantu bakundana iyo batarabana ntibahimbarwa n’uburyo baba babanyemwo kuko bataba babana iminsi yose. Ikindi kandi bafata umwanya wo kwiyumvira uko abandi bababona; ivyo rero bimarwa no kubana kuko ariho umwe wese yumva akunzwe ndetse akanavyiyumvamwo.

2. Umuketakano no kwitabwaho bikwiye

Iyo umuntu yubatse urwiwe aba yumva afise umutekano ukwiye mu buryo butandukanye. Abagore cane cane iyo barongowe baba bumva bakize ibibazo vyinshi kuko kenshi na kenshi iyo bakiri isugi bahura n’ibibazo vyinshi bishingiye kukungene babayeho.

Akarorero: bashobora gukorerwa ihohoterwa rifatiye ku gitsina canke bakumva ubuzima bwa gikobwa butabashimisha.

Izo ntambamyi zose rero zigatuma bakora uko bashoboye kugira bubake urwabo maze babone amahoro.

Abagabo nabo baba bumva bashaka abantu babitaho, bababaza amakuru y’ivyo biriwemwo, mbere babakorera ivyo bipfuza vyose. Ikindi kandi, iyo umugabo abona hari umuntu amwereka ko amwitayeho, ivyo biramuryohera cane.

3. Kurondera amahoro n’umunezero mu mutima

Umunezero n’amahoro navyo biri mu bintu bituma abantu bashinga urugo kuko baba bumva bizotuma banezerererwa kubaho.

4. Iciyumviro co gushinga umuryango

Iyo umuntu atarashinga umuryango, ni ukuvuga umugore/umugabo azwi n’amategeko, n’abana, usanga yumva atubashwe naho yoba afise amafaranga menshi, akuze canke afise umwana ariko mu buryo butazwi.

Umwe wese abayumva hari ikintu kibura akagerageza kurondera uburyo yokwuzuza ivyo yumva akeneye vyose birimwo no kwubahwa nk’umuvyeyi canke serugo.

5. Kuva mu bwigunge

Abantu benshi iyo batarubaka baba bumva hari ukuntu bama mu bwigunge. Nk’iyo umuntu akora avuye ku kazi akabura umuntu amwakira canke n’umwakiriye ntamwakire nk’uko yavyipfuza. Iyo bigenze uko yumva yigunze maze akumva kandi yipfuje kubana n’umuntu umukunda kandi amuhora hafi.

6.Kugabanya ibikorwa vya misi yose

Hari igihe umuntu yiraba maze ngo agasanga afise ibintu vyinshi agomba gukora, muri make aba agomba uwobimufasha. Iyo bimeze gutyo rero, atangura kubona ko atari bidakenewe ko ivyo bintu vyose yovyikorera ku mutwe wenyene, agahitamwo kurondera umuntu azohora amufasha muvy’ibikorwa canke muvy’ubutunzi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.