Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impamvu abakobwa basigaye babura abagabo
Impamvu abakobwa basigaye babura abagabo
dimanche 9 Ruheshi 2013
Mu myaka iheze mu mico y’abarundi, hariho imvugo yaranga umukobwa w’aho ha mbere, hakaba n’inyifata yita « kirazira », akagira ico yubahiriza. Muri ino misi aho abantu benshi banyuzwe n’ivyo bita iterambere rya none, biragora gutandukanya umwe n’uwundi kuko usanga ata budasa mu nyifato hagati y’umuhungu, umukobwa, umugabo, umugore.
Abakobwa benshi bivugira ko iryo hinduka rikurikira iterambere isi irimwo ubu, ugasanga bataye akaranga katera iteka umurundikazi mu myaka iheze.
Naho bimeze gutyo, abahungu bo mu bwenge n’ivyiyumviro vyabo baracakeneye wa mukobwa w’umuco, umutegarugori w’ishusho y’umurundikazi yiyubaha kandi akwiriye kwitwa umuvyeyi w’abana. Kuba rero hatakiriho ukwumvikana hagati y’abasore n’abakobwa, ni kimwe mu bituma usanga abakobwa bo muri iki gihe basigaye bavuga ko abagabo babushitse babuze, ivyo bigatuma bigumira iwabo.
Ngizi zimwe mu mpamvu zishobora gutuma umukobwa asazira iwabo :
Kugumirwa: Muri iki gihe hari imvugo yadutse ivuga ngo “abasore barabuze”; aha niho usanga umukobwa yaraheze iwabo, akagera n’igihe co gushinga urugo, akabura umusore yoza bafashanye kwubaka urwabo.
Aha tukibaza namba abasore aribo batagishaka kurongora, canke namba ari abakobwa ubwabo babigiramwo uruhara.
Mu bantu benshi twagiye tuganira, ari abakobwa, ari abasore canke abakuze, hari impamvu zitandukanye bagiye barahurizako, zishobora gutuma umukobwa agumirwa:
Iyo abakobwa bamaze kubona bageze mu myaka yegera ubusaze batarabona umusore abaturukiriye, batangura kwihebura.
1. kubenga cane:
Hari abakobwa benshi babura abagabo bidatewe n’uko ari babi, ahubwo bitewe n’uko bagiye biyumva ko bari mu rwego rwo hejuru, ugasanga bamaze kubenga abasore batagira uko bangana.
Aha ngo iyo amaze kubenga umusore umwe, babiri canke batatu, abandi basore nabo bagira ubwoba bwo kuja kumusaba urukundo. Akenshi kuri abo bakobwa iyo batanguye gusaza, bipfuza abagabo mu buryo bwose, bakaba bokwemera no gutanga n’amafaranga, mbere bakiyumvira n’aho bokura umwe muri ba basore basuzuguritse bigera kubenga.
2. Kudashwabadukira abasore:
Abantu batari bake bemeza ko umukobwa utazi kwakira neza abasore biba bigoye kuronka umugabo, kuko abasore baba bamutinya, ndetse bakiyumvira ko yoba afise n’agasuzuguro.
3. Kwiyandarika:
Burya abasore n’ubwo baba ari abasambanyi, indaya, ntibigera bipfuza gushira mu rugo umukobwa yananiranye, adashobotse.
Hari abakobwa bibesha ko umusore baryamana kenshi aba amukunda kandi amwitayeho, yamara ku basore ivyo biherera mu bwana kuko iyo ageze igihe co gushinga urugo, ntiyokwihenda ngo azane wa mukobwa bakorana amabi kuko aba akeka ko ageze mu rugo yokomeza za ngeso ziwe mbi. Umuhungu rero aca arondera umwe yamwankira ko basambana, umwe atamwemerera ko bajana mu kaborerwe kuko ariwe abona ko akwije indero y’umukobwa abereye urugo.
4. Inyifato y’abavyeyi b’umukobwa mu kibano:
Burya rimwe na rimwe ingeso z’abavyeyi b’umukobwa zishobora kugira ingaruka ku buzima bw’abana babo.
Nk’iyo umukobwa afise abavyeyi b’imborerwa, abarozi, canke bafite izindi ngeso mbi, biba bigoye kugira ngo azoronke umugabo.
Egide Nduwimana
Messages
29 Ntwarante 2016, 16:25, par Grase
Nipfuza kumenya ukuntu noronka umugabo atunze
15 Rusama 2016, 23:17, par NDIKUMWENAYO VANESSA
BT? ICIYUMVIRO CANJE MUGIHE UMUHUNGU YASAMBANYE N,UMUKOBWA ABAKWIYE KUGUMA AMUKUNDA KUK ABARIW YAMUTANGUY KAND UBIKOZ RIMW NTIWOCA UCIKAMALAY KIRETS IYO NGES WARUYISANGANW. NABAHUNG BUB MURATESH IBANG ARK MUMENY INGER MUGERAKO KUMWAN WANAK NIY NAW ABIWAW BAZOBIBAKORER CANK BASHIKAW. RAB MUREK GUTESH IBANG ABAVANDIMW KUK URY NAH MUTAVUKAN IL FAUT YOGU PROTEGER UBUZIM BWIWE. MURAKOZ!
15 Rusama 2016, 23:19, par NDIKUMWENAYO VANESSA
BT? ICIYUMVIRO CANJE MUGIHE UMUHUNGU YASAMBANYE N,UMUKOBWA ABAKWIYE KUGUMA AMUKUNDA KUK ABARIW YAMUTANGUY KAND UBIKOZ RIMW NTIWOCA UCIKAMALAY KIRETS IYO NGES WARUYISANGANW. NABAHUNG BUB MURATESH IBANG ARK MUMENY INGER MUGERAKO KUMWAN WANAK NIY NAW ABIWAW BAZOBIBAKORER CANK BASHIKAW. RAB MUREK GUTESH IBANG ABAVANDIMW KUK URY NAH MUTAVUKAN IL FAUT YOGU PROTEGER UBUZIM BWIWE. MURAKOZ!
15 Rusama 2016, 23:20, par NDIKUMWENAYO VANESSA
BT? ICIYUMVIRO CANJE MUGIHE UMUHUNGU YASAMBANYE N,UMUKOBWA ABAKWIYE KUGUMA AMUKUNDA KUK ABARIW YAMUTANGUY KAND UBIKOZ RIMW NTIWOCA UCIKAMALAY KIRETS IYO NGES WARUYISANGANW. NABAHUNG BUB MURATESH IBANG ARK MUMENY INGER MUGERAKO KUMWAN WANAK NIY NAW ABIWAW BAZOBIBAKORER CANK BASHIKAW. RAB MUREK GUTESH IBANG ABAVANDIMW KUK URY NAH MUTAVUKAN IL FAUT YOGU PROTEGER UBUZIM BWIWE. MURAKOZ!
19 Rusama 2016, 21:55, par CLAUDE
INOMERO ZABAKOBWA BEZE GUSA
5 Nyakanga 2016, 22:45, par NZOYISABA PASCAL
I IMAGINE THAT THE GIRL HAS TO LIKE MANY HASN’T A MAN
3 Gitugutu 2016, 15:27, par Nicodem AHISHAKIYE
VYOSE NI MUMUTWE, KIRETSE NIBA UTAMUKUNDA KUKO KURYAMANA N’UMUKOBWA NTIBISIGURA UBURAYA
20 Nzero 2017, 22:07, par EFF
nivyo
20 Nzero 2017, 22:22, par FAUSTIE MANIRAKIZA SHOMBO MUHIG
bit none umukobwa umurongoye nicaha ? non akwe mereywoca umureka ukw yosigara arakwi vuga amazina
20 Ruhuhuma 2017, 23:37, par Ndayizeye Telesphor
Ndi Jimmy J Mbona Kugeza Ubu Hoho Vyananiranye Kubakobwa Bariyanda Ukamenga Ni Amavocats ,nkatwe Abasore Dukwiye Kuguma Dusenga Ukazana Umugore Imana Igutoreye Ntupfe Guhanantuka Koko Wosanga Waguye Mukimanga Kidahera.
1er Ntwarante 2017, 16:54, par coniki francois.
abakobwabeshi batangura gusambana n’uwobizeyeko.szonutwara.kandi amuhenda.amaze kumuheba baryamanyekeshi.akamugira nk’umugorewiwe.uwomukobwa.nahoyoronkuyundi.amujana.aguma.amwita,indaya.kandi.adasambana.abataribake.barahendwa
31 Ntwarante 2017, 22:04, par ndayishimiye ramadhan
abakobwa bubu bishwe nugusambana ,nibwo bukozi bwikibi bafise
8 Ndamukiza 2017, 06:36, par Ntibaruhisha Lambert<umugabo Wikomvyo>
None Najewme Ko Turyamana Kenshi Bisigura Ko Ntazomurongora?
23 Rusama 2017, 09:31, par prosp
non jew kontapfis umugore nomuronka nt?
22 Ruheshi 2017, 22:19, par medari
nicogihe tugezemwo