Accueil > Imibano > Urukundo > Impamvu zitanu zotuma utovuga ingorane ufise n’umukunzi wawe
Impamvu zitanu zotuma utovuga ingorane ufise n’umukunzi wawe
vendredi 5 Mukakaro 2013
Iyo ibintu biriko biragenda nabi hagati y’abakundana, kenshi usanga ikiza ubwa mbere ari ukuja kuraba incuti kugira uzibwire ingorane zawe hama nabo baguhe impanuro. Ariko mbega kuvuga ivyawe n’ico umuntu yobona ko ari inyishu? Oya namba.
1. Amabanga uza kubwira umugenzi canke umwizero umufitiye ushobora gusanga wandagaye
Nivyo mu bisanzwe iyo ushaka ko ikintu kiguma ari ibanga, nta n’umwe ukibwira kuko ntimuzi ko iryo banga mubwiye uwo mwita ko ari umugenzi wawe utaza wumva ririko rirayerera hose aho ubaye. Mbega vy‘ukuri urashaka ko abantu bose bamenya utuntu twose tubi tutagenda neza mu rukundo rwanyu? Iyo muvuze inkuru zanyu ku mugenzi, aho iyo nkuru canke iryo banga ntuba ugishobora kurikwirana aho rigeze, usanga ryakwiye ahantu hose.
2. Umukunzi wawe arashobora kwumva ahemukiwe cane
Namba mukeneye gusangira ibigumbagumba canke ukuntu wiyumva n’abandi bagenzi bawe canke n’abantu bose musanzwe muzinanye kuri wa muhora wa facebook ni kimwe, ariko rero nk’uko muri babiri wewe n’umukunzi wawe, utegerezwa kwiyubara ntutume uwo mufasha wawe yiyumva nabi, kuko usanga uwo mukunzi wawe adashaka ko ibintu vyose vy’urukundo rwanyu bija ahabona. Ubwa mbere hako wiruka kuvuga ibitagenda neza mu rugo rwanyu. Si vyiza ahubwo ni ukwegera uwo mukunzi wawe mukaganira.
Ahubwo imbere y’uko ugira ico ushize kuri wa muhora wa facebook ku bakunda kubikora, ahubwo banza wibaze ingene umukunzi wawe yobifata mu gihe wobivugira hejuru.
3. Hari igihe usanga akagorane gato ukagize umusozi wose
Kenshi umukunzi wanyu arashobora kugira agakosa gato ko kugucira urubanza canke ntagushimire ku bintu yategerezwa. Mugabo rero kubera ishavu, usanga wavuze ivyakubabaje ugasanga wavyandagaje hose mu kibano. Ubwo rero ucusanga utegerezwa kumenya ukungene ufata ivyiyumviro vy’umwe umwe wese, umukunzi wawe ashobora kubabazwa n’ukuntu uri umuntu atabika ibanga, utuntu twose uca uja kwibaraguza, uca usanga bigoye no kuja ku bindi bikurikira. Nk’ubu iyo wagumya ibanga ivyo bintu mwapfuye bica biba nk’akahise, ntibisubira kugira inguvu.
4.Ugutwi kwumviriza cane siko kuba gufise intumbero yo gufasha
Imyitwarariko y’abagenzi n’incuti bawe ifasha ku kwumva umerewe neza ,vatari ku rukundo rwanyu n’inkwirikizi zarwo.vRero iyo ushatse gutorera inyishu iyo ngorane uri wenyene aho rero bishobora gutosekaza urukundo rwanyu. Ushobora gusanga umukunzi wawe yasuzuguwe n’abagenzi bawe. Abagenzi bawe bari ngaho kugira bagufashe wiyumve neza, mugabo kenshi usanga ata kintu na kimwe bagufashije mu gutorera inyishu ingorane zawe.
5.Hari igihe mushobora kuronka impanuro mbi
Abagenzi barashobora kuba abahanuzi beza, mugabo si imisi yose kuko ibintu vy’abakundana akenshi ivya bamwe bamwe vyibutsa uwo uriko urahanuza ibintu biba vyaramubabaje mu rugendo rw’urukundo rwiwe nawe ku giti ciwe. Kuko abantu bakomerekejwe canke batigeze barengera ibintu biba vyarabashikiye muri kahise, kenshi ivyo bikomere ntibiba vyarakize usanga bataba bari mu kibanza ciza kugira bacire urubanza urukundo rw ‘abandi ingene rumeze canke kugira ico babahanuye.
Kenshi bakunda kuvuga ngo irirenze umunwa riba rirenze impinga, ikindi naco ngo ni gute ushaka ko ibanga ryakunaniye kugumya wewe ubwawe ushaka ko uwundi yorigumya, ahubwo ni ukuraba ivyo ubwira abagenzi na kare kwiyandagaza nta teka bizokwigera biguha. Ni mufate akanya muganire ku biba vyaciyemwo muri urwo rukundo rwanyu hama mubitorere inyishu. Yari nk’impanuro ku bakundana muze murahana akanya muganire ibibagoye ahuko mwakwandagazanya.
Floxella Karire