Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impande zitatu z’urukundo abakundana bahana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impande zitatu z’urukundo abakundana bahana

Impande zitatu z’urukundo abakundana bahana

mercredi 19 Ruheshi 2013

Urukundo ni ivyiyumvo biza mu muntu bifise inguvu maze bikagutera kwumva ugomba kugira uwundi muntu witaho kandi mukagirana imigenderanire n’umubano utuma muba akaramata, bakagiranirana ubucuti n’ imushikirano biramvye bituma biyumvanamwo, basangira twose, babwirana twose mbere bakaba inkoramutima umwe ku wundi.

Kugira urukundo rukomere rutegerezwa kurangwa no kwumvikana hagati y’abakundana, kutagira ivyo bahishanya, kwishira mu mwanya wa mugenzi wawe, kutikunda no kutigungirako, maze vyose bigakomezwa no guca bugufi, aho umwe yumva mugenzi we akamwubaha ndetse bakarangwa no kwubahana.

Urukundo ni harya rurakwega kandi burya ku bazi ukuntu rumeze, uko uba hafi y’uwo ukunda mukaganira ukamumenya, burya ngo birongereza urukundo.

Yamara ngo biba bibi iyo uri kure y’ uwo ukunda kuko burya narwo rugendera ku ntambwe ziri hagati y’abakundana! Ikindi naco ni uko nk’ uko bigaragara muri izi nsiguro, urukundo urwitayeho ukaruvomera rwogira isi ikaba iparadizo kandi n’ubundi erega ni narwo ruyitwaye na cane cane ko ikiremwamuntu cunze narwo ndetse kandi rukaba runatuma isi itazima mu binyabuzima biyigize.

Nta kabuza urukundo ruvuyeho isi yohera buhere! Abantu barakunda kwibaza ibiba bigize uwo rukundo rufise ubukomezi ntangere.

Nk’uko vyerekanwa n’umuhinga muvy’ivyiyumviro vy’umuntu, Robert Sternberg, urukundo mu rwego rw’ imibano y’ abantu rwogereranwa n’impande zitatu zingana zigizwe n’ uruhande rwo kuba inkoramutima ku muntu runaka (intimacy component).

Muri urwo ruhande, iyo umuntu atanguye kwiyumvamwo gukunda uwundi atangura kugira ivyiyumviro vyo kwumva yokwizirika kuwo akunda, akamuba hafi mbere bakaba akaramata.

Uruhande rwa kabiri rw’ izo mpande zitatu rugizwe no kwishiramwo umuntu gose ari narwo kenshi rutuma umuntu yumva atari hamwe igihe abuze incuti ishika ku mutima canke yabuze amahoro kubera umukobwa canke umuhungu runaka yipfuza ko yomuba hafi (passion component), mbere uvyihweje neza niho urukundo rugaragarira.

Aho ngo ni aho umuhungu canke umukobwa atangura kwumva biyumvanamwo, bokorana amabanga mpuzabitsina kubera ukuntu biyumva, ivyo bikaba ari ibibandanya bivugwa n’uwo muhinga.

Uruhande rwa nyuma rwo nirwo rukomeye cane kuko ari narwo rwo gufata icemezo no gufata ingingo (decision/commitment component). Aha noneho, umuntu aba atanguye kurenga ca gice co gukunda vyo gukemura ikibazo c’ubushuhe bw’ igitsina, ahubwo atanguye gufata icemezo co kugumana n’uwo akunda mu gihe kirekire, bagafatanya mu gupanga ejo hazoza kugira ngo bagire ico bagerako.

Ubucuti busanzwe ni uguhura n’umuntu mukaganira ata nyungu umurindiriyeko. Iki gice cerekana uburyo busanzwe bw’ imibano y’ abantu (casual interactions), aho uhura n’ umuntu ukamuramutsa, mukaganira ata nyungu yindi runaka umwitezeko.

Ubugenzi si ngombwa guhura n’umuntu ubwa mbere ngo niyagenda usigare ufise ikibazo. Aha ngo umuntu atangura kwumva agize umutima utuma yumva yegereye uwo baba bahuye, ariko ivyo vyiyumvo ntibigere ku ntambwe ndende ishobora gutuma umuntu ababazwa no kuba yamubuze canke abe yofata icemezo c’umubano uramba.

Agahararo (infatuated love) ni igihe umuntu agira ukuntu yiyumva vyihuse ndetse akimariramwo uwundi n’ingoga cane nk’ umuriro w’ amakara. Kenshi agahararo karangwa no gukururana mwama muri kumwe. Mu rukundo nk’uru, ikigamijwe aba ari ugukemura ikibazo c’ imibonano mpuzabitsina. Urukundo rw’ agahararo ntirumara kabiri. Iyo rero hatabayeho kugenda umwe yiga uwundi no gukundana vyo mu mizi bija ku kuba inkoramutima ndetse no gufata ingingo y’igihe kiramvye hagati y’abakundana kuko agahararo karahera, maze mwene urwo rukundo rugashira vuba.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.