Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impeta y’ubugeni yaguzwe ama euro 900.000 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impeta y’ubugeni yaguzwe ama euro 900.000

Impeta y’ubugeni yaguzwe ama euro 900.000

lundi 25 Ntwarante 2013

Iyo mpeta yari yatanzwe na Napoléon Bonaparte mu mwaka w’1796 ayiha Joséphine de Beauharnais. Yasubiye kugurwa ama euros 896.400 mw’idandaza ry’icamunara ryateguriwe mu kigo Osenat

Ku buringanire bwa 18mm, iyo mpeta ikozwe mu nzahabu ikaba yari ifise agaciro ko kuva ku ma euros 8.000 gushika ku bihumbi cumi na bibiri
"Muri iyo myaka, Bonaparte nta mafaranga yarafise ari naco gituma yari yaguze impeta ibayabaye", ivyo tubishikirizwa na Jean-Christophe Chataignier, umuyobozi w’igisata gishingura ivy’akahise ca Osenat.

JPEG - 29.4 ko

Igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 1796, niho Bonaparte yamenyesha Josephine, umupfakazi wa Alexandre de Beauharnais icipfuzo ciwe co gushaka kwubakana nawe. Baciye barushinga igenekerezo rya 9 Ntwarante, imbere y’uko Bonaparte arongora ingabo zo mu Butaliyano.

Uretse iyo mpeta, n’igishusho ca Reichstadt’ umuhungu wa Napoleon wa mbere na Mariya Louise, aho naco caguzwe ama euro 435.600


Paterne Nsengiyumva

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.