Accueil > Amakuru > Ubutungane > Impinduka mu nzego z’ubutungane bw’Uburundi
Impinduka mu nzego z’ubutungane bw’Uburundi
jeudi 11 Myandagaro 2016, par
Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje ijana kw’ijana amazina cumi n’atanu y’abagiye kurongora inzego zitandukanye z’ubutungane bw’Uburundi. Aimé-Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane niwe yari yagiye gusigura mu nama nkenguzamateka imyidondoro y’abo bantu cumi na batanu bagizwe n’abahutu umunani hamwe n’abatutsi indwi.
Muri ayo mazina yemejwe, harimwo irya Sylvestre NYANDWI avuka muri Bujumbura rural, akaba ariwe yagizwe umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, agiye mu kibanza cahoramwo Valentin BAGORIKUNDA yahawe kuba umuyobozi mukuru w’ikigo ONPR (Office National des Pensions et des Risques Professionnels des Fonctionnaires, des Magistrats et des Agents de l’Ordre Judiciaire).
- Aimé-Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane niwe yari yagiye gusigura mu nama nkenguzamateka imyidondoro y’abo bantu cumi na batanu
François NKEZABAHIZI avuka i Muyinga niwe agiye kurongora sentare ntahinyuzwa y’igihugu.
Oscar BARANKARIZA avuka mu Kayanza, hamwe na Leonard MANIRAKIZA avuka i Muramvya nabo bagiye kuba abanyamabanga muri sentare ntahinyuzwa.
Igisagara ca Bujumbura kirigenga muvy’ubutungane
Mu ndinganizo nshasha y’inzego z’ubutungane bw’Uburundi, Komine imwe yose muri zitatu zigize igisagara ca Bujumbura, igiye kwigenga mu bijanye n’ubutungane.
Sentare nkuru ya Mukaza agiye kurongorwa na Nadine NSABIMANA avuka mu gisagara ca Bujumbura. Parake nkuru y’iyo komine nayo igiye kurongorwa na Cyrille MPANUYE avuka mu Kirundo.
Sentare nkuru ya komine Muha izorongorwa na Nelly NTAHOBATASHITSE avuka mu gisagara ca Bujumbura, nayo parake y’iyo komine irongorwe na Athanase NIYOMBARIYE avuka mu Rumonge.
Sentare nkuru ya komine Ntahangwa izorongorwa Pélagie NDAGIJIMANA, nayo parake y’iyo komine ikaba irongowe na Felicien MBONIHANKUYE avuga i Mwaro.
Impinduka zabaye mu bategetsi b’inzego z’ubutungane mu ntara zitandukanye
Thomas NTIMPIRANGEZA avuka mu Rutana agiye kurongora sentare isubiramwo imanza ya Gitega.
Dieudonné NIYUNGEKO avuka i Bururi agiye kuba umukuru wa sentare isubiramwo imanza ya Bururi.
Fulgence RUBERINTWARI avuka mu Rutana agiye kurongora sentare y’i Gitega ica imanza za Reta.
Sentare nkuru ya Makamba igiye kurongorwa na Melchior NKURUNZIZA avuka mu ntara ya Makamba nyene.
Umushikirizamanza mukuru akukira intara ya Muramvya yabaye Oswald NSHIMIRIMANA avuka i Muramvya nyene.
IGIHE
Messages
11 Myandagaro 2016, 14:13, par NDIHOKUBWAYO
AHO NUMVA ARI SAWA BIRATOMOYE
11 Myandagaro 2016, 14:36, par kamana
C’est bon.
11 Myandagaro 2016, 15:16, par Pierre Claver
Ni Vyiza Nimba Bigiye Gutuma Igiturire Nakamwana Wa Mama Bitakibaho.Biraruhije Abarundi Batobato
11 Myandagaro 2016, 16:19, par Yves
ni saw kubahindura ariko i bururi babe bahashize uwubimenyeye kuko abantu baho bakunda imanza Kandi hariho abacamanza bakunda guhengama birazwi nibikebuke cane cane uwuvuka i mwaro ariyizi yarakoze no mu rutana
11 Myandagaro 2016, 16:30, par Claude
nivyiza urya wa bururi azokurikirane cane abacamanza hariho abakunda guhengama nkuwitwa Nikeze avuka i mwaro
11 Myandagaro 2016, 23:36, par Annee
nbebubanza nayokomwayihevye arabacamanza barenganya, kumugaragaro izubaryaka ;bakanyag,abantubatobato .bakayegurira abatunzi umuryangonawe,ugacugira uruhagarara;ah,abamanza bomumazone yabubanza nasentarenkuru irimwo,ntiyigera ihana numuntununwe yanditse impapuro zamanyanga ,zitagirakwimikono ngonamasezerano ,birateye isoni nkumucamanza yarahiy,imbere yanyen, icubahiro umukuruwigihugu,amabanga ajejwe, ntibac, imanzazukuri bakishing,amaronko,bakemeza ikintunkicemezo nanyene kukigurishantaterek,umukono mwarimukwiyeguhanamwenabo bacamanza baryanish,imiryango; turasavye mwebwe mwaduhaye ivyiyunviro ;mugende murigasamburamanz, ibujumbura mwirabir,imanzazose zivamuntara;yabubanza ,zamatatiyamatongo murabezimwezimwe ,akamaramazakarimwo; nkakaroreronkumutama twunvise yanyazw, itongo; muntambara abagirebamwic,aribobagarutse kumwagiriza ngoyararigurishije bagafuruguta urupapuro rutagirako umukona ngonamasezerano nonubu ngumuryangonuve mwiryotongo, nbe wocuzahe kutabizi vyubuguzi, muragendamwirabire,CRA 0451
1er Gitugutu 2016, 07:49, par Me
Aha nzoba mbona, ntamanza zizocibwa neza nkurunziza akiriho habanintete.