Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi z’abarundi ziri mu Malawi, Zambiya , Uganda na Kongo zigiye (...)
Impunzi z’abarundi ziri mu Malawi, Zambiya , Uganda na Kongo zigiye gutahuka
jeudi 3 Ndamukiza 2014
Abarundi bahungiye mu bihugu vya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Uganda na Malawi na Zambiya, bagiye gutahukanwa mu gihugu cabo.
Ivyo rero biremezwa na Catherine Huck yahora aserukira ishirahamwe HCR mu Burundi, aho ashimishwa n’imigenderanire myiza iri hagati y’iro shirahamwe na Reta y’Uburundi. Inyuma y’umwaka n’amezi atandatu amaze ari mu Burundi, avuga ko ashimishwa n’intambwe yashitseko. Ndetse agaca avuga ko impunzi zigera ku bihumbi icenda ziri mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, zigiye kuzotahukanwa.
Mwomenya ko amakambi yose yarimwo impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya zose zugawe. Ubu ahasigaye impunzi akaba ari mu gihugu ca Uganda na Malawi na Zambiya, ariko nazo nyene, zikaba zigiye kuzotahukanwa. Kubera akarere k’Ubuseruko bw’igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo umutekano ari muke, ivyo navyo bigatuma hariho impuzi zishika 47.000 z’abanyekongo zakiriwe mu Burundi, avuga ko hugururwa mu Burundi ikambi yabo igira kane.
Catherine ashishikara amenyesha ko abashika 17.000 bazojanwa mu bindi bihugu vy’aka karere, ivyo na vyo bikazotuma Uburundi butezurirwa gato.
Aristide Nizigire
Messages
3 Ndamukiza 2014, 18:25, par Liza
Mbubwo bwenga aba DD mukurahe turazi kwari. Babarwanyi birirwa. Barica abasirikare murukoko mugira mutahukane. Ariko ntaco muzoshikako ahubwo mukumbuye za Mutabira nahandi mukumbuy,ubuhungiro!
3 Ndamukiza 2014, 18:40, par Dankie
Barazibaze nimba zipfuza gutahuka kuko zo nizo zizi ico zahunze.
3 Ndamukiza 2014, 18:40, par Dankie
Barazibaze nimba zipfuza gutahuka kuko zo nizo zizi ico zahunze.
3 Ndamukiza 2014, 19:35, par Rutwe
Karibuu mwitahukire mu gihug canyuu muve mubuhungiro!!!mugaboo nizo muhanga nazoo n’impunzii kuki mutazivuze zozo mubonera bo mu nkambi gusa!!!!
3 Ndamukiza 2014, 20:56, par Tollo
Ninde yabahenze uzi ubutunzi bafise ubwose ko nzi twifitiye ubweene gihugu bwa malawi muradukurahe?uyo mu mama wa hcr baramushuka azoze mumuji wa lilongwe ahantu hitwa ara 25 tumuhe ku makwacha anume nayo ivyo gutaha vyo biciyehe se?
3 Ndamukiza 2014, 22:32, par WILSON
Muburundi harumuvurungano muri politike ntiturutatujayo. nabariyo barikobadunsangahano.
4 Ndamukiza 2014, 02:44, par Rukoko
Bavugimpuzi namwe mukavuga ababaye abenebihugu nabafise ishyano ry’ amakwacha? ahubwomwebwe mufise ayomakwacha tabaranya mufashye abobaribatunzwe na HCR abarundimugiramahirwe komufise amakwacha meshi kugezanaho mushaka nokugabanyiriza uwomubyeyi wumuzungu!
4 Ndamukiza 2014, 10:45, par Nkin
Abarundi barakwiye kumenya amategeko yimpunzi, umuntu wese yahunze ikihugu ciwe kubera afise impamvu ibimuteye Hama ikindi gihugu kikamuha ubuhungiro canke ico bitartrate status de refugee Oyo muntu atahukamwa mugihe wenyenye abisha aho haba hakurikijwe amategeko international 1951 convassion, ikinyuranye nivyokubarari ukwica amategeko.
4 Ndamukiza 2014, 20:02, par Audifax
Burya umuntu ahunga afise ico ahunga nonese nimwamutahurakunguvu ashitse akagiringorane bizobazwande?kandi yariyarironkeye agahengwe?
4 Ndamukiza 2014, 21:54, par ndai
uwo muzungukazi yari yabuze ivyavuga. kwavugango impunzi ziri muri zambia na malawi ngozigiye gutahukanwa yaravye abonako ngaho muburundi amahor ariyose?nkanje mva mukirundo yiyumvirako yobona bashamiranye ko nokwipfuza gutaha njayo!
18 Ruheshi 2014, 21:24, par rumenge bosco
Riko bagomba no kwibuka kukibazo cimpunzi zaba congo zimaze imyaka irenga 10 no munsi yayo zititawe ho.
18 Ruheshi 2014, 21:24, par rumenge bosco
Riko bagomba no kwibuka kukibazo cimpunzi zaba congo zimaze imyaka irenga 10 no munsi yayo zititawe ho.
24 Ntwarante 2017, 15:51, par Emmanuel
NI BYIZA NATWE VYATUNEZERA BATAHUTSE AMAHORO NDANASHIMIYE IRO SHIRAHAMWE HCR MVUGA NGO NIRIKOMEZE IMIRIMO.
11 Ndamukiza 2018, 02:27, par PETERO HABAYO
ARIKO IYO SHIRAHAMWE IVUGAKO IGIYEGUTAHUKANA IMPUNZI KUKI ITOZOROHEREZA IKAZIPAKIRA NKUKOYAZI HUNGISHA BIRABABAJE KUBONA HARI ABASINYE GUTAHA BAKAHAMARA IKIRINGO CUMWAKA INIZOROHEREZE ZITAHUKE NAHO ABIPFUZA UBURAYI BAGENDE.