Accueil > Amagara y’abantu > Impuzu zifata umubiri zishobora gutera zimwe mu ndwara z’ibihute ku bihimba (...)
Impuzu zifata umubiri zishobora gutera zimwe mu ndwara z’ibihute ku bihimba vy’irondoka
jeudi 26 Kigarama 2013
Kugira umubiri uheme, ntibisaba kuwugirira isuku ryinshi mukwiyoga gusa, ariko birasaba kandi no kuwuha akaryo ko guhema mu kuwurinda ivyo vyose, vyowubuza guhema. Mu bishobora kuwubuza guhema hari: kuwusiga ibintu vyinshi ica rimwe, kwambara ibintu bidatanga akakayaga hamwe no kwambara impuzu zifata umubiri.
Kwambara impuzu zifata umuburi akenshi n’inyafato ikorwa cane n’igitsina gore kurusha igitsina gabo. Zimwe mu ntumbero ziba zabatumye bambara impuzu zifata umubiri, akaba ari ukugira berekane ukungene umubiri wabo uteye canke kugira berekane ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri wabo. Hari n’abambara impuzu zibafata ku bw’uko haba hakanye bagaca bahitamwao kugerekeranya impuzu nyishi zotuma imbeho idashikira ni ngoga umubiri.
Mu bushakashatsi bwakozwe, kwambara ama pantaro, amakabutura hamwe n’uduhuzu two munsi biri mu bituma umuntu ataba agishobora kwihangana mu gihe yumvise ashaka kuja kwituma, bishobora gukwega kugira ibizunguzungu, kugira indwara zo mu bihimba vy’irondoka canke bigatera kurwara umushishito n’izindi ndwara zo mu kiyunguyungu, bivuye kukungene mu nda haba hafashwe cane n’impuzu. Mu cirwa cakozwe cerekanywe mu kinyamakuru candika ku vy’ubuvuzi citwa “Canadian Madical Association Journal, kwambara impuzu zifata na cane cane ko bikorwa n’abakenyezi, biri mu bituma bagira ingorane mu bihimba vy’irondoka, bakagira ivyo bita “Infection urinaire, bakarwara ibihute hagati y’amaguru mbere bigashika no ku bihimba vy’irondoka. Bituma kandi n’imitsi ituma ibihimba vyabo vyirondoka bikora neza.
Ku bagabo, ikaruvati nayo ya minsi yose ifise ingaruka mbi

Ku bagabo naho, kwambara amakaruvati canke ibindi bintu bibafata, bitera kurwara umutwe, kugira ibizunguzungu, no kurwara indwara bise “glaucome”, indwara ituma ubushobozi bwo gukanura neza bugabanuka ku bw’amaraso, aba asa n’ayahagaze n’imitsi yo mw’izosi n’ahandi iba itariko arakora neza, bitera n’ububabare bwo ku bitugu. Iyo bambaye amapantaro afata hano, bishobora gutuma barwara ku matengatwa, bakaguma bagira imibabaro kuri ico gihimba.
Kwambara impuzu zifata, sivyo vyonyene bishobora gutuma umubiri udahema neza, no kwamabara ibirato bifata, navyo nyene si vyiza ku magara y’abantu
kuko bituma ibirenge bihinduka, amano nayo ituna, akamera nk’ayahiye kubw’irato biba vyamuriye. Hari n’abaca bagira amano anuka bakanarwara n’indwara zo hagati mu mano. Abashakashatsi mu vy’amagara y’abantu bavuga ko kwambara impuzu zifata atari bibi cane, ariko ko bibuijwe kuzambara iminsi yose canke kenshi. Kuzambara iminsi, bituma n’imitsi igenda ibura umwidegemvyo, utuma amaraso yo mu muburi atembera neza. Bivugwa kandi ko kwambara impuzu zifata, bishobora gutuma n’umubiri unyunyuka na cane cane amaguru. Ari naco gituma bihanurwa kwirinda kwambara impuzu zifata kenshi.
Mwomenya ko hari ivyavuzwe n’abakenyezi atari bake bahora bambara impuzu zifata umubiri, bemeza ko kwambara bene izo mpuzu vyabatera ingorane zirati nke. Ariko inyuma yaho bagabanirije kwambara impuzu zifata ( ama collan, uduhuzu two munsi ,ama gain, n’amapantaro afata, n’izindi), kurwara ibihute hagati mu maguru no ku bihimba vy’irondoka, eka mbere no kurwara umushishito kubw’inda baba baboshe, vyaciye bigananuka navyone.


Mariella Bukuru
Messages
26 Kigarama 2013, 14:04, par ciza
None kumengo mu bihugu bikanye mugihe ca hiver ntakundi bambara?Abagabo ni sous vetement collant impuzu nyishi akongerako,ibirato bifata,ikaruvati imisi yose no mw’ijoro bimwe murivyo barabirarana.No ko bigeme ni uko imisi yose kandi mu gihe cose ca hiver ivyo bikaba ubuzima bwabo bwose.Urumva bimeze uko ntawoba akiriho!
26 Kigarama 2013, 15:19, par amahoro
nj mbona izi nama arizo... IGIHE ndabakunda....