Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imvo izotuma Barack Obama agendera igihugu ca Kenya
Imvo izotuma Barack Obama agendera igihugu ca Kenya
mardi 2 Ruheshi 2015
Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’ Amerika Barack Obama azogira urugendo mu gihugu ca Kenya, akaba ari narwo rugendo rwanyuma azogira muri Africa, imbere y’uko ikiringo co kurongora igihugu ca Amerika kirangira.
Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amarika Barack Obama avuga ko ikizoba kimutwaye mu gihugu ca Kenya azoba yitavye inama mpunzamakungu yerekeye ubutunzi, izobera murI ico gihugu mu gisagara ca Nairobi. Obama avuga ko icipfuzo ciwe ari uko hokwongerezwa ku mafaranga angana n’imiliyaridi 96.5 zama shilingi yahora atangwa kugira bafate mu mugongo abarwizatunga bakiri batobo mu bihugu vy’Africa, kandi akaba yipfuza kuzohura n’abarwizatunga bakiri bato, bahurikiye mu mashiramwe y’urwaruka n’abakenyezi benshi bo muri Africa.
Obama avuga ko muri iyo nama izobera mu gihugu ca Kenya hazokwigwa ,n’ingingo zishasha zigafatwa kukungene boteza ubutunzi imbere muri Africa, muri kazoza. Barack Obama aheraheza avuga ko Reta arongoye yongereje umuriyaridi w’amafaranga y’abanyamerika, imbere y’uko umwaka wa 2017 ushika.
Tubibutse ko Obama urwo rugendo azogira mu gihu ca Kenya itarike 25 na 26 Mukakaro azoba arirwo rugendo rwambere azoba agize murI ico gihugu kuva ashikiriye ubutegetsi, nacanecane ko amamuko ya se w’uyo mukuru w’igihugu ari muri Kenya.
Bill Nkurunziza
Messages
2 Ruheshi 2015, 18:24, par Rutimirwa
Nagende nubundi ntaco yamariye afrika bibere isomo k,umunyafrika wese ko ntawundi azaza kwubaka afrika no kuyikura mubujiji,ngiy,inzara ,ngiz, intambara,ngiz,indwara....nitwe rero bogutora igisubizo nah,abandi nukudushinyagura bishakira inyungu zabo akaba ari twe ahubwo tubatez imbere AFRIKA ntacyo tubuze ahubwo duhaguruke twivane mubujiji.
2 Ruheshi 2015, 22:25, par Jean-claude Yibukabayo
Kugendera,abanyakenya,nivyiza.Ariko,twagiradusabe,ko atokwibagira,abarundi,kugiragondoze,intumvaz’uburundi,zitumvimpanuro.
3 Ruheshi 2015, 05:51, par ROSE
Abarundi turashe!turizeye ko OBAMA arinze ahaguruka akagera muri AFRIKA ko azosubira inyuma adukemuriye ikibazo kiduhanze
3 Ruheshi 2015, 05:52, par ROSE
Abarundi turashe!turizeye ko OBAMA arinze ahaguruka akagera muri AFRIKA ko azosubira inyuma adukemuriye ikibazo kiduhanze
3 Ruheshi 2015, 05:53, par ROSE

3 Ruheshi 2015, 05:54, par ROSE
Abarundi turashe!turizeye ko OBAMA arinze ahaguruka akagera muri AFRIKA ko azosubira inyuma adukemuriye ikibazo kiduhanze
3 Ruheshi 2015, 07:56, par Minori
Ababona kure mwiyegereze obama, ubw’arinze yibuka gutez’imbere Afrika, kandi nkumva ko ar’ubwanyuma azoba ahaje, kandi manda yiwe ikaba ari iyanyuma. Mukanure kuko agiye gutezimbere aho akomoka, natwe ababanyi twopfuma tukumva akamoto k’imibabwe.
3 Ruheshi 2015, 08:08, par Minori
Ababona kure mwiyegereze obama, ubw’arinze yibuka gutez’imbere Afrika, kandi nkumva ko ar’ubwanyuma azoba ahaje, kandi manda yiwe ikaba ari iyanyuma. Mukanure kuko agiye gutezimbere aho akomoka, natwe ababanyi twopfuma tukumva akamoto k’imibabwe.
3 Ruheshi 2015, 15:38, par bertrand
Abanyafrica dufis ingwara yo kwama turindira ko amakungu ariy aza kudukemurir ikibazo cacu. Tuzorindir amaso ahere munzira kuko nta petrol dufise. So duhaguruke tuvyikorere twebwe nyene...
3 Ruheshi 2015, 16:58, par lambert
UWO MUSHINGANTAHE YAGIYE AHATARIHO.NAZE MU BURUNDI
3 Ruheshi 2015, 18:51, par Jean_marie
turashima kwumva ko OBAMA azogendera afrika tukabadusaba ko yoshika mu BURUNDI.
4 Ruheshi 2015, 20:49, par nkurikiye erc
abo bankuru bibihugu batibuka aho bava ntaterabere ryabo riranga ragara nihatari
9 Ruheshi 2015, 20:33, par MANIRAKIZA Eric
VYOBA VYIZA IVYOBIHUGU BIMAZE GUTERA IMBERE BAFASHIJE IVYO MURI AFRIKA MUGUFATA MUMUGONGE ABARI MUMA COOPERATIVE ATARIMWO RETA