Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imvugo zabaye zibiri ku gafashanyo gahabwa abanyeshure ba kaminuza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Imvugo zabaye zibiri ku gafashanyo gahabwa abanyeshure ba kaminuza

Imvugo zabaye zibiri ku gafashanyo gahabwa abanyeshure ba kaminuza

mardi 7 Nzero 2014

Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwarasohoye itangazo kugira butange umuco ku bimaze iminsi bivugwa ko Reta igiye guhagarika agafashanyo yahora itanga ku banyeshure bo muri za kaminuza.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, Gaspard Banyankimbona yagize ati : "Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi burahumurije ku bimaze iminsi bivugwa ko Reta igomba ikureho ako gafashanyo abanyeshure bahora baronswa. Gaspard Banyankimbona abandanya avuga ko ata tegeko na rimwe canke urwandiko barabona rubasaba guhagarika ako gafashanyo. Ibimaze rero iminsi bivugwa ku bwiwe nta fatiro bifise kuko ata rwandiko na rumwe rurasohoka ruvuga ivyo guhagarika ako gafashanyo.
Yamenyesheje ko abari ku ntonde z’abazokaronswa muri uno mwaka w’ishure w’2012-2013 bazobandanya bagahabwa. Ubushikiranganji bukaba buboneyeho akaryo ko guhamagarira abavyeyi n’abanyeshure kutaza barumviriza ivyo bita ibihuha, ariko batekane mu mutima.

Imvugo z’abategetsi babiri bavuguruzanya zateye amakenga

Melchior Simbaruhije, umuvugizi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, mu kiganiro c’abavugizi bose bo muri Reta cariko kibera mu ntara ya Ngozi ku genekerezo rya 27 Kigarama 2013, yasavye abanyeshure ko bomenyera kubaho badafise ako gafashanyo, kuko no mu bindi bihugu vyinshi bagakuyeho.
Tubibutse kandi ko igihe abagize Reta bariko bariga amafaranga azokoreshwa mu mwaka w’2014, umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yamenyesheje ko mu nama z’abafasha Uburundi, bama bariko barasaba ko ako gafashanyo kokurwaho buhorobuhoro, mu gihe igihugu c’Uburundi arico conyene mu bihugu biri munsi ya Sahara, kigiha ako gafashanyo k’amafaranga abanyeshure bo muri za kaminuza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.