IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imvura igwa ironona ibitari bike mu ntara zitandukanye

Imvura igwa ironona ibitari bike mu ntara zitandukanye

mardi 8 Ndamukiza 2014

Imvura imaze iminsi igwa ironona ibintu bitari bike mu ntara zitandukanye,z’igihugu, aho abanyagihugu basaba ko bafashwa kuko iyo mvura isiga yononye imirima.

Mu mpera z’iy’indwi, imvura ikaba yarononye ibitari bike mu ntara za Kayanza na Bururi. Mu ntara ya Bururi ho, iyo mvura yaguye ikaba yasize imirima igizwe n’amateke, ibitoke, ibiharage, ibiraya, ibijumbu n’ibindi ibiranduye, mu gihe ubu uravye ahari imirima hasigaye ari umukungungu utuma. Muri komine ya Bururi haguye iyo mvura, abanyagihugu bakaba bavuga ko ataco yasize ku misozi. Imirima yose yaratwawe, abanyagihugu bakavuga ko inzara igiye kubica

Eka no mu ntara ya Kayanza, imvura ikaba yarononye imirima itari mike muri komine ya Gahombo. Abanyagihugu bo muri iyo ntara , ubwanwa bwarapfutse umunwa, mu gihe batabona uko bagiye kubaho, ndetse bakaba batakigira munsi y’urugo, kuko imrima yabo, yatwawe n’imvura. Bose barasaba abagiraneza ko bobagarukirako, kugira baronswe imfashanyo, mu gihe ataco basigiranywe n’imvura.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.