IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imvura irabangamiye ibikorwa vyo mw’isoko ya Kamenge

Imvura irabangamiye ibikorwa vyo mw’isoko ya Kamenge

mercredi 2 Nzero 2013

Mu gihe c’imvura ibikorwa vyo mw’isoko ya Kamenge birabangamirwa,na cane cane ibikorerwa mu bibanza bisanzwe bidasakariwe kuko mu gihe imvura iguye no kwinjira muri iyo soko bigorana.

Mw’isoko ya Kamenge habera ibikorwa vyo kudandaza ibintu vy’ubwoko butandukanye.Aha twovuga impuzu,ibifungurwa,ivyamwa n’ibikoresho vyo mu mazu.

Iyo soko ikaba ijamwo abantu benshi ariko abadandaza bakorera muri iyo soko na cane cane abakorera mu bibanza bidasakaye bavuga ko bagira ingorane mu gihe imvura iba irwa kuko ngo mu gihe c’imvura abo badandaza badakora neza abo rero akaba ari bamwe mu badandaza ibitoke,ibiraya,imboga n’ibindi,bamwe rero muri abo bakaba badandariza mu bibanza bidasakaye abandi n’abo mu bibanza bisakaye ariko ku rugero rudashimishije.

Abo badandaza bakaba babandanya kuvuga ko mu gihe imvura iba iguye ibidandazwa vyabo baca babishira mu mifuko bakabijana mu bibanza bisakaye, muri ico gihe rero urudandazwa ruca ruhagarara,ivyo rero bigaca bituma baronka amafaranga make kandi amatagisi yoyo bayariha ukuri kwamye.

Naho rero umwanya wose imvura iba iriko irarwa abadandaza baba bicaye, bamenyesha ko baronka ubagura batari bake kuko isoko yoyo izamwo abantu baba bavuye mu makomine ya Ngagara,Cibitoki na Gihosha.

Naho rero ibintu bimeze ukwo, abadandaza bakorera muri iyo soko bamenyesha ko ibikorwa vyo mw’isoko bitunganijwe neza kuko yugurura mu gatondo ikugara sakumi na zibiri z’umugoroba,ariko bakaba bipfuza ko isoko yose yosakarwa kuko mu gihe imvura iguye ica yuzura ivyondo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.